Accueil > Amagara y’abantu > Imiti yakuwe kw’isoko kw’isi ibandanya kudandazwa muri Afrika
Imiti yakuwe kw’isoko kw’isi ibandanya kudandazwa muri Afrika
vendredi 5 Ruhuhuma 2016, par
Ku mugabane wa Afrika haracandarizwa ubwoko bw’imiti igera ku 400 imaze imyaka 65 yemejwe ko itarekuwe gukoreshwa kw’isi kubera ibimenyetso vy’ingaruka mbi yagize kubayifashe.
Iyo miti yavanywe ku rutonde rw’imiti yemewe gukoreshwa kw’isi mu mwaka w’1950, ariko ikaba ibandanya kudandazwa muri Afrika, cane cane mu bihugu bikenye, kandi abayidandaza ntibahanwe.

Ibihugu bitatu muri Afrika bingana nivyo vyonyene bifise ubushobozi bukoneka bwo gukurikiranira hafi imiti iri ku masoko, nk’uko vyemejwe n’ubushakashatsi bushasha bwakozwe na Kaminuza ya Oxford yo mu Bwongereza.
Dr Onakpoya arongoye abo bashakashatsi yavugiye kuri BBC ko ibihugu bifise uburyo buboneka bwo gukurikiranira hafi imiti iri ku masoko ari imparurwa.
IGIHE
Messages
8 Ruhuhuma 2016, 08:46, par jean
jew abantu mukora muri iki kinyamakuru murambabaza, kuki mugushira ivyiyumviro vyabantu mubanza kuraba ibibahimbara? Jew naratanze iciyumviro kuri iyinkuru ntimwagisize ahabona. Kuki?
8 Ruhuhuma 2016, 09:57, par NDC
None mu myaka 50 iyo miti iracakorwa n’izihe nganda? Nibafate abayikora bakaca bayirungika muri Africa nibo barozi. Nayo twebwe nta buhinga dufise bwo kumenya imiti itemewe. Canke ama Leta barafata urutonde rwiyo miti barushire ku mbuga ( Internet) na ku ma affiche public kugira tuze turazisoma imbere yo kugura umuti.
9 Ndamukiza 2016, 19:21, par JEAN MANARIYO
NABO ABAYIFATA BAGUMA BAPFA KUBWISHI NGO NI INZARA NAHO NI IBURA RY’IMITI.