Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Imyaka 10 mu munyororo yamuhaye ingabirano yo kuririmba
Imyaka 10 mu munyororo yamuhaye ingabirano yo kuririmba
jeudi 26 Nyakanga 2013
Intimba y’abanyororo niko karirimbo yateguriye mw’ibohero rikuru rya Mpimba, ikibanza yamazemwo imyaka cumi ari mu munyororo yagirizwa ubusuma we avuga ko ryari irementanya. Kuva aho asohokeye, yaciye ahitamwo kuririmba ubutungane kugira yifadikanye n’abanyagihugu isinzi bapfunze bazira akarenganyo.
Ntirampeba Carton benshi batazira "Americain" ntiyavutse ari umuririmvyi. Yakora umwuga waba kimyozi muri komine Musaga. Mu ntambara Uburundi bwaciyemwo, mu mwaka w’1995 niho yakwa umyidegemvyo yari afise, ajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba yagirizwa ubusuma bw’imodoka yahavuye iboneka mu nyuma, n’aho bitabujije ko amara iyo myaka yose mw’ibuye. "Abasuma barivye umuduga, impapuro zayo bazita iruhande y’ikibanza nakoreramwo. Abapolisi bariko bararondera uwo muduga baciye bazisanga imbere y’inzu yanje, ico caha gica kija ku mutwe wanje." Imana yaramufashije uwo muduga uraboneka, hamwe n’abari bawutwaye. "Bivanye n’akajagari kari mu gihugu kubera intambara twarimwo, inyamiramabi yari ifise dosiye yacu yarikitse mu kiza, idusaba igiturire, jewe n’abo basuma twari dupfunganwe. Kubera bo bari bazi ico biyagiriza, barayatanze, jewe ndavyanka, maze ico caha iyo nyamiramabi ica igishira kuri jewe."

Carton Ntirampeba "Americain" yaciye yinjizwa ibohero rikuru rya Mpimba mu mwaka w’1995, amara imyaka itanu atumvirijwe, kuwugira indwi niho yarenguka ubwa mbere, aca acigwa umunyororo w’imyaka mirongo ibiri.
"Uwo munyororo wantesheje ubugeni bwari busigaje indwi zibiri na Melaniya, umukunzi wanje."
Inyuma y’imyaka ibiri ari mu mvuto, n’aho bitari vyoroshe kubera intambara igihugu carimwo, Melaniya, umukunzi wa Ntirampeba Carton yaraje kumuramutsa. Amaze kumubwira ko yaciriwe imyaka mirongo ibiri y’umunyororo, akamurekurira kuronderera ahandi namba abona bitomukundira ko amurindira, agahinda kabuzuye bompi umutima, amosozi arabarenga, habura uwuhoza uwundi nk’uko biri mu karirimbo " Intimba y’umunyororo "
Mu mwaka 2005, bivuye ku ngingo yo kurekura abanyororo bapfunzwe ata vyagirizi biboneka bihari, Ntirampeba Carton yarasohotse ibohero, asanga umukunzi wiwe waramaze kwubaka urwiwe. "Namusanganye abana babiri. Nibutse ko iyo ntahura n’ivyago abo bana baba ari abanje, umubabaro arandenga. Nakijijwe n’uko naca ndavyibagira ntanguye kuririmba."
Mu buzima bwakurikiye, ubu Ntirampeba Carton yabandanije aririmba. Bivanye n’akarenganyo yabonye mu munyororo, afise ishirahamwe "Burundi Peace One Love", ishirahamwe rifasha abatishoboye bibagiwe. Baragendera abarwayi n’abapfunzwe, ivyimburwa bivuye mu burimyi n’ubworozi bakora navyo bigafasha abatishoboye.
"Sinzokwibagira ingeso mbi nabonye mw’ibohero, aho hari abagabo babira abandi bagabo" Ntirampeba Carton asaba ababijejwe guhagurukira ico kibazo kuko kubwiwe biri mu bikwegera umuvumo igihugu kandi biteye kubiri n’amategeko y’Imana rurema.

Egide Nduwimana