IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Imyiyerekano y’abamenyeshamakuru yaburabujwe n’Igipolisi

Imyiyerekano y’abamenyeshamakuru yaburabujwe n’Igipolisi

mardi 19 Ruhuhuma 2013

Abamenyeshamakuru bafashe iyindi ngendo yo gusaba irekurwa rya Mugenzi wabo Hassan Ruvakuki amaze umwaka n’amezi 2 afunzwe. Bagize urugendo kuri uyu wa kabiri bagana ingoro y’ubutungane bambaye udupira twanditseko ‘’Rekura Ruvakuki’’ hariko n’ifoto y’uwo mumenyeshamakuru. Igipolisi cabasutsemwo ivyuka bikoroza amosozi.

JPEG - 35.5 ko

Barenga 150 nka bose bambaye udupira turiko ifoto y’umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki yambaye impuzu z’abanyororo. Basaba irekurwa ry’iwe mugihe amaze umwaka n’amezi arenga abiri afungiwe mw’ibohero rikuru ry’intara ya Muramvya. Uwo mumenyeshamakuru akorera radio Bonesha n’iradiyo y’abafaransa RFI yaciriwe igihano co gufungwa, yagirizwa gukorana n’imigwi y’abarwanyi.

JPEG - 29.6 ko

Abapolisi babujije urwo rugendo rw’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri italike 19 Ruhuhuma 2013. Bababujije ko bashika ku ngoro y’ubutungane, mu nyuma babateramwo ivyotsi bikoroza amosozi. Abamenyeshamakuru baciye bashwiragira.

JPEG - 28.1 ko

Muri iyo misunikano, abamenyeshamakuru bariko bariruka bahunga ivyotsi bikoroza amosozi, abatari bake bakomeretse abandi barata ubwenge kubera kubura impwemu.
Umukenyezi umwe Aline Dusabe akorera iradiyo Bonesha FM yatemvye arakomereka,yavuze ati’’Jewe nariko ngenda ataco ninona, hanyuma mbona ivyotsi imbere yanje, naciye ntemba ndabura ubwenge ncanja kwinyegeza muri Galerie iri iruhande. Haheze akanya, abapolisi baciye baguma badusunura ngo twinjire muvyotsi. Nadashwe kandi nubu numva meze nabi kandi nsanzwe nonsa umwana mutoya, nabibabwiye ariko ntaco babibonemwo’’.

Uwundi mukobwa yitwa Ardine Nezerwe akorera iradiyo na Televiziyo Renaissance yabuze impwemu. Ygize ati’’ Jewe nariko ndamanuka bukebuke hanyuma abapolisi barampenura bashaka ko ngwa muri ivyo vyuka bikoroza amosozi. Jewe naciye mbura impwemu kura ngwaye Asma kandi ndumva ko amagara yanje atifashe neza’’.

JPEG - 46.3 ko

Antoine Kaburahe arongoye ikinyamakuru Groupe de Presse IWACU yamenyesheje ko yagaye iyo nyifato y’igipolisi yo gushwiragiza abamenyeshamakuru kandi bariko bagira urugendo mumutekano ntangere. Yavuze ko biha ishusho mbi u Burundi mu makungu.

Eric Mnirakiza arongoye iradiyo RPA nawe yavuze ko naho abapolisi bakoresheje inguvu, ngo abamenyeshamakuru ntibazokwigera bakoresha inguvu.

Naho biri uko Eric Manirakiza yavuze ko ico gikorwa c’abamenyeshamakuru kizobandanya kandi ngo bagiye guhindura ingene bagikora. Yamenyesheje ko badashobora gutinya gusaba ivyo barekuriwe n’amategeko hamwe n’ibwirizwa nshingiro.

Yavuze ko ico basaba coroshe kugira ibintu bije mu buryo, ngo nta kindi ataruko umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki akorera iradio Bonesha na RFI yorekurwa agafungurwa. Uyo amaze umwaka n’amezi abiri afunzwe yagirizwa gukorana n’imigwi y’abarwanyi yavukiye mu gihugu ca Tanzaniya. Yakatiwe gufungwa imyaka itatu, ubu aramaze guheza ica kane c’igihano yakatiwe.

Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’amaradiyo amanyesha ko atarota ahagarika ingendo yihaye yo gusaba ko Ruvakuki yova mu munyororo. No ku munsi wa kabiri ngo bazobandanya.

Urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC ruranegura inyifato y’igipolisi yo gukoresha inguvu mu myiyerekano y’abantu atakirwanishi bitwaje. Pacifique Nininahazwe arongoye FORSC amenyesha ko ibwirizwa nshingiro riha uburenganzira umuntu wese guserura akababaro k’abo.

Naho biri uko, ubushikiranganji bw’umutekano burashima ingene abapolisi bavyifashemwo. Icegera c’umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye amenyesha ko abapolisi bakoze akazi k’abo ngo kuko abamenyeshamakuru nta ruhusha bari basavye.

Ababuranira umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki barandikiye ikete umushikiranganji w’ubutungane basaba ko Ruvakuki yorekurwa ivy’agateganyo kuko amaze gukwiza ica kane c’umunyororo nk’uko amategeko abivuga.

Umushikiranganji w’ubutungane yaciye amenyesha kuri uyu wa kabiri ko Hassan Ruvakuki adashobora kurekurwa ivy’agateganyo kuko ngo umushikirizamanza w’i Gitega yaramaze kunguruza urubanza. Ngo yunguruje muri sentare ntahinyuzwa amenyesha ko yagaye ico gihano caciriwe Ruvakuki.

Igihe urubanza rwariko ruraburanishwa muri sentare isubiramwo i Gitega mumpera z’umwaka uheze, umushikirizamanza wa republika yari yamusabiye gufungwa ubuzima bwiwe bwose ariko sico gihano yakatiwe.

Hassan Ruvakuki agitangura gufatwa yagirijwe gukorana n’imigwi y’iterabwoba, yari yakatiwe igihano co gufungwa ubuzima bwiwe bwose na sentare nkuru y’intara ya Cankuzo hanyuma arunguruza urubanza, maze abona gutenzurirwa.
N’ubu amashirahamwe y’abamenyesha amkuru yo mu Burundi no mu makungu ntahengeshanya gusaba ko yorekurwa kuko ngo yakoze akazi kiwe muguha ijambo uwari yavuze ko yiteguriye kugwanya Reta y’u Burundi akoresheje ibirwanisho n’abarwanyi biwe.

Foto:Bazikamwe Reverien


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.