Imyiyerekano yari yateguwe kuri uno wa gatanu yabaye irahagarikwa

Yanditswe na Floxella Karire
Kuya 27 mars 2015 saa 09:38
Yasomwe : 25308
0 0

Imyiyerekano yari yateguwe kuri uno wa gatanu n’amashirahamwe n’amasendika ari muri rwa runani rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye kuri uno wa gatanu, yabaye irahagarikwa kuko Reta yemeye ibiganiro mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo vyari vyashikirijwe n’ayo mashirahamwe, nk’uko bivugwa na Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME.
Iyo ngingo ikaba yafashwe inyuma y’inama yahuje ubushikiranganji bujejwe ubudandaji, amahinguriro, amaposita n’ingenzi, hamwe n’ubushikiranganji bujejwe ikigega ca Reta, (...)

Imyiyerekano yari yateguwe kuri uno wa gatanu n’amashirahamwe n’amasendika ari muri rwa runani rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye kuri uno wa gatanu, yabaye irahagarikwa kuko Reta yemeye ibiganiro mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo vyari vyashikirijwe n’ayo mashirahamwe, nk’uko bivugwa na Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME.

Iyo ngingo ikaba yafashwe inyuma y’inama yahuje ubushikiranganji bujejwe ubudandaji, amahinguriro, amaposita n’ingenzi, hamwe n’ubushikiranganji bujejwe ikigega ca Reta, ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu hamwe nabo mu mashirahamwe n’amasendika yishinze kurwanya ubuzima buzimvye.

Inyuma y’iyo nama, baciye bashinga imirwi igiye kwiga vya bibazo vyose vyari vyashikirijwe n’ayo mashirahamwe.
Ku cerekeye rya tagisi ry’amafaranga 42 ku munota mu vyerekeye gutumatumanako, Reta igiye kugiriranira ibiganiro n’abo mu mashirahamwe yo gutumatumanako, mu ntumbero yo gutorera inyishu ico kibazo, nk’uko bishikirizwa na Désiré Musharitse avugira ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta.

Ku kibazo cerekeye igiciro c’igitoro aho ayo mashirahamwe asaba ko coja ku mafaranga 1700, Désiré Musharitse avuga ko bashinze ko wa murwi wamaho ushinga ibiciro vy’igitoro wokwongereza inguvu, ugakora kandi uri kumwe n’abo vyega bose atawukumiriwe, kandi ku mugaragaro.

Ku cerekeye naho ibura ry’igitoro, umushikiranganji w’ubudandaji yaciye yizeza abarundi ko guhera kuri uno wa 26 Ntwarante igitoro kizoba kiriko kiratangwa ukuri kwamye aho kidandarizwa.

Muri uwo mubonano baragarutse kandi ku gatotezo n’iterabwoba vyariko bigirwa ku bakozi bitavye akamo ko guhagarika imirimo kari katewe n’ayo mashirahamwe n’amasendika ari muri rwa rugamba rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye. Abari muri nama bemeranije ko iryo terabwoba n’agatotezo bigiye guhagarara.

Ku ruhande rw’ayo mashirahamwe naho bakaba baciye baba barahagarika ya myiyerekano yari itegekanijwe kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 27 Ntwarante, hamwe n’ihagarikwa ry’akazi ryari ritegekanijwe mu ndwi iza. Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME, akaba yavuze kw’ izina ry’ayo mashirahamwe yishinze kurwanya ubuzima buzimvye, yamenyesheje ko yashimye kubona Reta y’Uburundi yemeye gutorera inyishu ivyo bibazo vyose, ariko bakaba barindiranye igishika ishigwa mu ngiro ry’ivyo Reta yiyemeje, mu kiringo c’ukwezi, ni ukuvuga mu kwezi kwa Ndamukiza.


Kumenyekanisha

1
CIZA JEAN 28-03-2015 à 19:46

IVYO VYOSE NUKO ARI ABATUTSI BAFISE ARYA MA STATION UKUDATANGA IGITORO NUKO UBUGARARIJI MUBUNDI KUBERA AMA STATION YOSE ARI AYABATUTSI, MUGA NIVYO AHO MMIBIYE IGIHUGU ATAWUKOMA INDURA , UBU NIHO ABASUMA BABONETSE ARIKO NTACO BIZOHINDUKA

2
chr 27-03-2015 à 17:41

Ahoo rero aho niho mukiba abagabo ivyo nivyo bikorwa vyanyu kugarukira abanyagihugu apana kwama muratukana nabo ba dd mwebwe mubona ko bananiranye nimuduhamagare tubugarize rimwe kabiri murabe ko badateba bakoroha kubugabo mwaraye mwerekanye turabakeje mukomere

3
onesime 27-03-2015 à 16:51

mutirengagije nikibazo ca obr igifukamye munda mugutuza abene gihugu

4
john 27-03-2015 à 14:05

Mbega ivyiza.tuzobinenya aruko tubonye igitoro

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha