IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Indwara yo mu kigo irabangamiye abakenyezi

Indwara yo mu kigo irabangamiye abakenyezi

mardi 2 Nyakanga 2014

Mu cegeranyocakozwe, abakenyezi barenga 3500 bararwaye indwara yo mukigo, ndetse ku mwaka ku mwaka abakenyezi bagera ku 750 bakaba bafatwa n’iyo ndwara.

Ku bwa muganga Georges Gahungu ajejwe ivy’indwara yo mukigo kigo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU akaba asigura ko iyo ndwara isanzwe ituma umukenyezi ahusha ahahora haca imyanda mito na mikuru, ibangamiye amagara y’abakenyezi. Amenyesha ko abakenyezi bafise iyo ndwara kenshi usanga bakumirwa mu kibano, ahandi naho ugasanga barahukaniye mu nzu n’abo bubakanye, ivyo ndetse bigatuma uwurwaye iyo ndwara agumana umubabaro, haba ku burwayi bwiwe eka no mu kibano.

Iyo ndwara rero nk’uko abandanya abivuga, ikaba ifata abakenyezi bamara umwanya munini bariko baribaruka, arico gituma asaba abakenyezi kubonana n’umuganga akabasuzuma inyuma y’iminsi cumi canke cumi n’itanu ahejeje kwibaruka.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.