Accueil > Inkino > FOOTBALL > Inkino, kimwe mu bitsimbataza amahoro mu ntara zari zarasinzikajwe (...)
Inkino, kimwe mu bitsimbataza amahoro mu ntara zari zarasinzikajwe n’intambara
mardi 5 Myandagaro 2014
Inkino z’umupira w’amaguru zimaze iminsi zihuza imirwi yo mu ntara ya Bujumbura Rural n’iyindi yo mu micungararo yayo, zituma amahoro atsimbatara gusumba, nk’uko bivugwa na Bobby Jean Marie Ndizeye umunyamabanga w’umurwi Magara Star FC akaba n’umuvugizi.

Ndizeye Jean Marie Bobby akaba avuga ko intara ya Bujumbura Rural yahuye n’ingorane zitandukanye mu myaka iheze, ubu rero iyo ntara ikaba ifise amahoro. Ibikorwa vyo kuyiteza imbere bitandukanye, bikaba bitosiga inyuma inkino, mu gihe zihuza abantu, bakanywana ndetse n’akangonongono umwe yoba afitiye uwundi, kagashobora guhera. Ndizeye akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko mu nkino zabereye i Magara zihuje imirwi ya Magara Star FC wo mu ntara ya Bujumbura Rural na Mugara FC wo muri komine ya Rumonge, zerekanye ko abanyagihugu bo muri iyo micungararo basubiye kugira umunezero, inyuma y’imyaka myinshi bigeze kumara bamana intekera ku ku mutwe, ndetse bamana agahinda. Urwaruka rwo muri iyo micungararo rero, rukaba rwarerekanye ko rufise kazoza keza mu mupira w’amaguru.
Bobby Jean Marie Ndizeye akaba yatumenyesheje ko abantu bagera ku bihumbi bibiri bava mu micungararo y’i Magara bari baje kurorera urukino rwariko rurahuza iyo mirwi, aho umunezero wari wose hagati y’abanyagihugu b’i Magara no ku Mugara. Imvyino zitandukanye hamwe n’ibindi bigaragaza umunezero, bikaba arivyo vyaranga abo banyagihugu barimwo abakenyezi, inkumi, abana, imisore n’abagabo.

Aristide Nizigire