Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Intahe y’akigeme Shafa karokotse mu bugararwa hagati ya Niger na (...)
Intahe y’akigeme Shafa karokotse mu bugararwa hagati ya Niger na Algéria
dimanche 3 Munyonyo 2013
Umwana w’umukobwa yarokotse mu rugendo ruva muri Niger ruja Algérie uciye mu bugararwa yashinze intahe. Urwo rugendo rwahitanye abantu bagera kuri 90. Abo bantu bakaba bishwe n’inyota mu bugaragwa bwa Sahara ku musi wa gatatu uheze.

Mu gihe bari mu rugendo buva muri Niger baja mu gihugu ca Algeria, abantu bashika ku 92: abagabo 7 abagore 33 hamwe n’abana 52, barishwe n’inyota mu gihe imiduga yabo yakwamira mu bugararwa bwa Sahara. Muri bo hakaba hararokotse akana k’akigeme kitwa Shafa.
Shafa, afise imyaka 14, yashinze intahe imbere y’abamenyeshamakuru ko nyina na bene nyina ko baguye muri urwo rugendo. Yongerako ko ariwe ubwiwe yabahambiye.Ubarokotse muri urwo rugendo, bose bamaze iminsi ibiri muri ubwo bugaragwa bagenda, nkuko Shafa yabandanije avyigana. Muri iyo misi ibiri yose bagenda n’amaguru, nta modokari nimwe muzarengana yahagaze kugira babafashe.
"Twagenze umwanya munini, ata mfungurwa, ata mazi. Inyuma y’imisi ibiri twari turushe cane, noneho twicara mu nsi y’igiti, turaruhuka. Aho niho umwe muri barumuna banje yaguye, ni naho twamuhamvye mbere yuko tubandanya urugendo", ivyo bikaba vyavuzwe nako kigeme Shafa. Gati: "umunsi ukurikira murumuna wanje wundi nawe yaciye yitabimana. Ku munsi wa gatatu, mama arapfa. Abo bose nije nabahamvye".
Umwe mu batabaye yavuze ko babonye ibindi biziga vyinshi igihe babandanya kurondera aboba baguye muri ubwo bugaragwa. Mwomenya ko mu gihugu ca Niger baciye bashiraho imisi itatu y’ikigandaro.
Karire Floxella