Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu Rugamba zasezeye amahiganwa
Intamba mu Rugamba zasezeye amahiganwa
lundi 2 Ruheshi 2014
Umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba warushijwe n’umurwi nserukira gihugu wa Botswana. Uko gutsindwa kwatumye Uburundi busezera inkino z’ijonjora mu kwitegurira igikombe ca Afrika co mu mwaka w’2015.

Ku murwa mukuru Gaborone uri mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Botswana niho kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 01 Ruheshi, habereye urukino rwo gusubiza rwahuza Intamba mu Rugamba n’Imparage zo muri Botswana. Ku munota wa 57, umukinyi Joel Mogorosi wa Botswana yinjije igitsindo cakuye Intamba mu mahiganwa. Uburundi buheza urukino butsinzwe 1 ku busa.
Intamba mu Rugamba zaciye zirangiza urugendo rwo kwitegurira igikombe co ku mugabane wa Afrika co mu mwaka w’2015 kizobera muri Maroc. Uburundi busezeye mu gihe ibindi bihugu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko bizobandanya amahiganwa.
Uburongozi bw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB) bwari bwagerageje guhamagara abakinyi nka bose bakina mu makungu kugira Uburundi bushike kure muri aya mahiganwa.
Cherif Nkeshimana
Messages
2 Ruheshi 2014, 13:13, par inkotanyi
Petite équipe,petit pays des DD alias les imbonerakure. ntaco Urwanda igihangage yaraye ikuyemwo Lybia izobaserukira basha
3 Ruheshi 2014, 02:26, par Etienne
Jewe sinota ikuvyo kubakinyi umwana ntiyoja kwishure asigabavyeyi bariko baradyana ndizera koyiga nabi jendizerako twatsinzwe kubera ko igihugucacu kirongowe nabi none tuzokwamira mundyane hamango tworima tukimbura ntibibaho.