IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inyigisho ku basirikare 850 b’abarundi zaraye zirangiye

Inyigisho ku basirikare 850 b’abarundi zaraye zirangiye

samedi 12 Gitugutu 2013

Abasirikare bagera ku majana umunani na mirongo itanu, bagizwe n’abagabo n’abagore barahawe impapuro z’umutsindo mu birori vyabaye ku munsi w’ejo kuwa gatanu, vyo gusozera imyimenyerezo bari bamaze indwi zitandatu bariko barahabwa n’abasirikare b’abafaransa.

Mu gushira mu ngiro amasezerano ari hagati y’Uburundi n’Ubufaransa yo gufasha kugaruka amahoro n’intwaro rusangi mu gihugu ca Somaliya, abasirikare b’abarundi bo muri bataillon ya 250 barahawe inyigisho kuva ku genekerezo rya mbere Nyakanga 2013. Izo nyigisho zarangiye ku munsi w’ejo zari zijanye n’ubumenyi shingiro bukenewe mu bikorwa vyo guhagarira amahoro, nk’ukugenzura uturere twafashwe, kumenya uko bokwifata batewe giturumbuka, kugarukira ku bakomeretse n’ibindi. Hariho n’izindi nyigisho zahawe intwazangabo zo mu biro bikuru vy’igisirikare.

Ibirori vyo gusozera izo nyigisho vyabaye ku munsi w’ejo kuwa gatanu mw’ikambi iri ku Mudubugu. Abasirikare barerekanye ubumenyi n’ubuhinga bahawe n’ababigishije 32 bo mu ntwazangabo z’abafaransa zikorera muri Djibouti.

Kuva mu mwaka w’2007 abasirikare ba mbere b’abarundi barungitswe muri Somaliya, ibihugu nka Leta zunze ubumwe z’Amerika, Pays-Bas, Ubwongereza, Ubudagi, Ububirigi n’ishirahamwe ry’abanyaburaya vyaciye bitangura gushigikira Uburundi muri uwo mugambi. N’Ubufaransa rero bwari bwatunganije izo nyigisho mu gushigikira abasirikare b’abarundi biyemeje kurwanya iterabwoba ry’abihevyi bo muri Al Shabab, hamwe n’ukugarukana amahoro muri Somaliya.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.