Accueil > Amakuru > u Burundi > Inyuma yo gutanguza PISC Burundi, ubu naho yashinze ONELOP Burundi
Inyuma yo gutanguza PISC Burundi, ubu naho yashinze ONELOP Burundi
vendredi 17 Nzero 2014
Ikigo cishinze gucungera amatora n’amashirahamwe ONELOP catanguje ibikorwa ku mugaragaro, aho ivyirwa ku bijanye n’itunganywa ry’amatora meza, ataho ahengamiye kandi yizewe na bose, eka n’intumbero imigambwe yofata mu bihe vy’amatora vyigishijwe n’abahinga mu ruganda rwatunganijwe n’iryo shirahamwe.
Gilbert Becaud Njangwa arongoye ishirahamwe Observatoire National des Elections et des Organisations pour le Progres ’’ONELOP’’ akaba yamenyesheje ko iciyumviro nyamukuru ari uko amatora yogenda neza cane, mu gihe mu mwaka w’ 2010 amatora yabaye, ariko hakavamwo umurwi umwe uyiyamiriza ndetse ukayata hagati adaheze, uvuze ko ayo matora yibwe n’aho ivyemeza batashoboye kubironka. Abandanya ashikiriza ko ivyo bitabujije ko amatora aba, abayatsinda bagatsinda, naho icuka mu vya poritike caciye kiba kibi, ariko ingaruka mbi zikaja ku banyagihugu wasanga bajuragizwa n’aba n’abariya. Ishirahamwe ONELOP rikaba ryiteguriye kwigisha abanyagihugu, intumbero yo gufata imbere y’amatora, mu matora n’inyuma y’amatora, kugira intwaro ibereye itsimbatare, uwutsinze agatsinda, uwutsinzwe akemera kandi ntaheze ngo atsindweho.

Ku bibaza ko ishirahamwe ryabo ryoba riri mu kwaha kwa Reta na rirya yari yarashinze ishirahamwe PISC Burundi ryavugwa ko ryoba rishigikiye Reta, Gilbert Becaud Njangwa avuga ko ico kigo atari ikije gukorera mu kwaha kwa Reta, avuga ko cigenga, ahubwo kije guterera mw’iterambere ry’igihugu nk’uko n’igihe yashinga PISC Burundi, navyo nyene vyari muri iyo ntumbero. Avuga ko abantu bihenda cane, kuko ukwo vyogenda kwose, umuntu ategerezwa gukora, akorana na Reta y’Uburundi, kandi akanayikorera, kuko ata Reta muyindi ibaho.
Mu gihe hari hasanzwe hari ikigo COSOM n’ikigo c’abihebey’Imana bisanzwe bikurikirana ibijanye n’amatora, avuga ko baje kwongerako gufasha, Kuko hari ibisanzwe bitari bitomoye neza muri ayo mashirahamwe. Njangwa akavuga ko hari nk’ibijanye n’ugutegura abanyagihugu imbere y’amatora, mu matora n’inyuma y’amatora, kandi amatora agakurikiranwa ku munsi ku munsi, ingorane zijanye n’ugutegura nabi amatora zigahera, eka ndtse ugasanga vyagoranye n’ugutatura abatase bapfa amatora. Ubwo bunenge bwose bukaba buri mubizotorerwa umuti na ONELOP Burundi, mu gihe avuga ko mu mashirahamwe yari ahasanzwe akurikirana ivy’amatora, ivyo vyabagoye gukurikirana.
Tukaba twobamenyesha ko muri urwo ruganda inyigisho zitari nke kubijanye n’amatora zatanzwe n’abahinga nka Elias Sentamba na Pascal Rwankara. Eka ndetse urwo ruganda rukaba rwari rwitabwe na bamwe mu baserukiye inama nshingamateka, inama nkenguzamateka, n’uwaserukiye Reta y’uburundi.
Aristide Nizigire
Messages
17 Nzero 2014, 15:40, par xia
Olalalalalalalalala!!!!!Uwutabona intumbere w’uwo mushingantahe ni nde?Arahenda abandi ico ONELOP turabona ivyo gitumbereye!!!
20 Nzero 2014, 11:09, par ntezimana
guhiga ubuzima ni akazi nk’ubundi....abarundi turazinanye.....ntakundi vyogenda.
20 Nzero 2014, 20:46, par grebuco@gmail.com
Becaut yonona nka bandi ariko INILAQE yaramunaniye sinzi ikindi ashoboye ashaka amahera y amatora kandi azoyatimura uwo mugabo ni barera ariko akorana n aba DD ari mu batutsi baguisha abandi nt akinya ,,,,INILQE quel avenir____!!!!!!Sahura mu bandi weho kuki???
24 Nzero 2014, 12:30, par Samuel NKENGURUKIYIMANA
Jewe nitwa Samuel NKENGURUKIYIMANA, nkaba nsanzwe ndongoye PISC-BURUNDI nabonyeko hari inkuru mwanditse kubijanye na PISC na ONELOP kuvyo nasomye, ntakuri kurimwo PISC-BURUNDI ntiyatangujwe na Beaucaub nk’uko muvyibaza, kandi kuba yarayirongoye, ntibisigurako ariwe yayitanguje ntarinze rero kuvuga menshi, menyako PISC-BURUNDI yatangujwe n’Abantu benshi barongoye amashirahamwe atandukanye. Ninaco gituma tutemerako hagira uwoyitirirwa ngo niwe yayitanguje. Hamwe hogira n’uwubigerageza kuvyiyitirira, yoba yihenze cane.
24 Nzero 2014, 12:30, par Samuel NKENGURUKIYIMANA
Jewe nitwa Samuel NKENGURUKIYIMANA, nkaba nsanzwe ndongoye PISC-BURUNDI nabonyeko hari inkuru mwanditse kubijanye na PISC na ONELOP kuvyo nasomye, ntakuri kurimwo PISC-BURUNDI ntiyatangujwe na Beaucaub nk’uko muvyibaza, kandi kuba yarayirongoye, ntibisigurako ariwe yayitanguje ntarinze rero kuvuga menshi, menyako PISC-BURUNDI yatangujwe n’Abantu benshi barongoye amashirahamwe atandukanye. Ninaco gituma tutemerako hagira uwoyitirirwa ngo niwe yayitanguje. Hamwe hogira n’uwubigerageza kuvyiyitirira, yoba yihenze cane.
25 Nzero 2014, 20:16, par nyirinkwanya
Ariko abantu mwabaye gute ko njangwa ari escro bitangaza nde????
8 Rusama 2014, 14:55, par manirakiza
Komera, Emmanuel Manirakiza
24 Nyakanga 2014, 16:11, par BUSOKOZA Adrien
Vive ONELOP BURUNBI,niyo ikenewe muntumbero y’amatora azira agasembwa ya 2015
7 Ruhuhuma 2015, 22:22, par Habimana Viateur
Abarundi twarabuze ihero ry’imiti mbe uwugize ico akora mugihugu ahinduka umucangero nimwemere uyo mugabo wa ONELOP tunamuhe ivyiyumviro turabe ko harico yofasha.Abaho atabaho amatora mugihugu ninkenerwa abafasha abene gihugu uko bokwitwara imbere, mumatora ninyumayayo barakenew.Nyabuna nimwiyamirize abafis imigambi yo gushira abanyagihugu mwibarabara kuko non violence mugihe nkiki irakenew.Mugih twoja mwibarabara hashobora kwanka kamatora aba mbe niho dutez urukiza.