IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Abaririmvyi karuhariwe bazohurira mu giteramo categuwe na Ikoh (...)

Abaririmvyi karuhariwe bazohurira mu giteramo categuwe na Ikoh Multiservice

jeudi 6 Munyonyo 2014

Inzu y’ubuhinyanyuzi Ikoh Multiservice ririko ritegura ibiteramo, ni mu ntumbero yo kwegeranya abakunzi b’umuziki w’Uburundi hamwe no kwerekana aho umugambi "You’re love changes"ugeze. Abamenyeshamakuru n’abaririmvyi bo mu karere bazohishikira.

JPEG - 34.4 ko
I buryo Kidum, i bubamfu Raphael atanga amakuru muri Ikoh Multiservice

Nta kindi kiraje ishinga inzu y’ubuhinyanyuzi Ikoh Multiservice ataruko umuziki n’abaririmvyi bawo bashika ku rugero rwo mu karere ndetse na mpuzamakungu, uwundi mwitwarariko n’uko Abarundi ubwabo bamenya ibikorwa vy’umuziki bibera hirya no hino. Ni muri iyo ntumbero IKoh Multiservice iriko itunganya ibiteramo 2 bikurikirana.

Igiteramo ca mbere kizoba kw’igenekerezo rya 19 Kigarama, ntibizokworoha muri "Hotel Club du Lac Tanganyika". Kidum, Fariouz, Sat-b, Yoya, Natasha, T-Max bazobica bicike. Aha benshi bakibaza umuririmvyi azokwugurura ibirori. Hanze y’igihugu, hamaze kumenyakana umuririmvyi Rich MAVOKO azova muri Tanzaniya azananye n’umumenyeshakuru karuhariwe w’imico kama. Uwo wanyuma azoba azanywe no kurondera gukorana n’abaririmvyi b’Abarundi maze indirimbo zabo zize zisamirane gushika kure. Ico giteramo gitumiwemwo cane cane abo bita "VIP". Muri iyo ntumbero nyene, ikindi giteramo kizoba kw’igenekerezo rya 21 uko kwezi nyene kizobera hafi y’isoko bita kwa Siyoni mu kibanza ca "Alpha CD Technology".

Muri ivyo biteramo, indirimbo ziriko zikorwa na Yoya, Samantha na T-Max baserukira umugambi "You’ll Love Changes" zizoshirwa ahabona. Mu makuru duhabwa na Raphael ajejwe gutanga amakuru muri Ikoh Multiservice, avuga ko indirimbo zishika 10 zamaze gukorwa. Ariko urukurikirana ruzoshika ku ndirimbo 13 kuko bongeyemwo abaririmvyi.

Narirya umwaka ugiye kurangira, IKoh Multiservice itegekanya kwagura imihora. Mu mwaka uza bategekanya gutanguza isabukuru rizotanga n’ubushimwe hamwe n’ibiganiro mu banyagihugu aho bazoshikiriza ibikorwa irya n’ino mu gihugu.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.