IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Ishamba rya Rukoko rirabangamiwe n’imirima y’ishirahamwe Tanganyika Business (...)

Ishamba rya Rukoko rirabangamiwe n’imirima y’ishirahamwe Tanganyika Business Company

samedi 15 Kigarama 2012

Mu rwandiko yarungikiye kw’igenekerezo rya 10 kigarama 2012 Piyo Ntavyohanyuma, umukuru w’inama nshingamateka y’u Burundi na Gaburiyeri Ntisezerana umukuru w’inama nkenguzamateka, ambasaderi Albert Mbonerane, aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ACVE ryishinze kurwanira ibidukikije, abasaba ngo bakoreshe ububasha bahabwa n’amategeko kugira bakingire ishamba cimeza rya Rusizi rifise ibiti atahandi riri mu Burundi no muri Afirika.

Iryo shamba rero ngo rikaba ribangamiwe n’abarwizatunga batazi ico rimaze bibonera gusa inyungu za hafi ariko batabona akarambaraye bariko bakwegera abarundi. Nabo akaba ngo ari Nahum Barankiriza aharimira igikaju, COGERCO ishirahamwe rya reta ririma igiterwa c’ipampa, abategetsi b’igihugu baronkejwe amatongo ahantu hazira bakaba bariko baharimira ibigazi babanje guhonya ibiti vyitwa Ibikoko.

Mbonerane Albert umwe mu banditse urwo rwndiko akabasaba ngo bifatanye n’abashingamateka n’abakenguzamateka bose guhagarika ivyo bikorwa bifise ingaruka mbi ku binyabuzima vyo mu kiyaga Tanganyika n’ihindagurika ryibihe.

Ambasaderi Mbonerane aributsa ko iryo shamba ryamye ritotezwa kuva kera kuko ubu risigaye riri kuri hectari 5932 ariko mu mwaka w’1980 ryari rifise hectari 10.000

Albert Mbonerane aremera ko ivyo bikorwa vy’iterambere biriko birahabera bizotuma abantu baronka akazi ariko inyungu zizoba nto ugereranije n’amabi azoterwa nihonywa ryivyo biti atahandi biri muri Afirika. Uwo mugenzi w’ibidukikije agira ati twari twashimishijwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo ku wa 14 munyonyo 2011 ryavugako iryo shamba rya Rusizi risubijwe k’uburinganire ryari rifise mu mwaka wa 1980. Akaba ababazwa n’uko umwaka urangiye iyo ngingo y’umukuru w’igihugu itagiye mu ngiro amatingitingi nayo akaguma arandura ibikoko.
Ku bwa Mbonerane, ngo kugira imana ishire ivyo bikoko mu Rusizi ntibishire mu zindi ntara ngo n’uko ifise ico yabikoreye kandi kidashobora gusubirirwa n’isukari izokwimburwa na Tanganyika Business Company. Kubwiwe rero ngo ibiriko biba ubu mu Burundi ngo vyibutsa ijambo uwahoze ari umukuru w’igihugu c’u Bufaransa, Jacques Chirac, yavugiye mu nama mpuzamakungu yibijanye n’iterambere rirama yabereye mu kwezi kwa Nyakanga 2002 mu gisagara ca Johannesburg co muri Afrika yepfo. Yagize ati : « Inzu yacu iriko irasha natwe tukirabira hirya… ».Kubijanye n’u Burundi, Mbonerane abona ko iryo jambo ringana na ‘’ishamba c’imeza rya Rusizi ririko rirasha hama abafise ububasha bwo kurizimya bariko birabira ahandi’’

Kugira barokore iryo shamba, ishirahamwe ACVE risaba abashingamateka n’abakenguzamateka kwishikira kurubuga bakibonera n’amaso yabo ibimaze kononwa. Ngo ni urugendo rutazonabagora kuko iryo shamba riri hafi yigisagara ca Bujumbura kandi ngo iminota 120 gusa irakwiye kugira babe babonye ukuntu ico kibanza citwa ngo kirakingiwe « aire protégée » kibangamiwe. Abasaba kandi kugirisha icirwa kijanye n’ibidukikije kugira babone igiciro c’ubutunzi n’ibinyabuzima bizoterwa niryo yononwa ry’ico kibanza.

Abo baserukira abanyagihugu basabwa kandi kurondera uwujejwe intwaro yahaye Tanganyika Business Company uruhusha rwogusambura ibidukikije arenze amategeko yasizweko igikumu n’umukuru w’igihugu, n’ibindi n’ibindi.


Rene Dieudonne Kamaro

Messages

  • Nukuri kuvyereke,iryo shamba rirakwiye kubungabungwa nahandi turiko twisamburirako nk’impene.Izo nyungu z’igihe gito twoziheba ,tugakingira amagara yacu kuko icokibira n’umugenzi wacu .Abagitoteza nuko bo bafise ukundi kuntu ariko twari dukwiye kwumva akamo kanyu.Jewe ndabashigikiye bandanya mukome induru ,kuko induru yanyu Imana irayumva.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.