IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryahagurukiye ipfungwa rya Mbonimpa

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryahagurukiye ipfungwa rya Mbonimpa

vendredi 19 Nyakanga 2014

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rirababajwe n‘ipfungwa rya Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo APRODH.

Mu nama yahuje abashingamateka bo mu bihugu vya Buraya i Strasburg, bakaba basavye Reta y’Uburundi kurekura uwo mutama, ndetse agateka ka zina muntu kakubahirizwa, eka abo bashingamateka bakaba basaba n’amatohoza yigenga ku vyavuzwe na Petero Karaveri Mbonimpa, ko hari rumwe mu Rwruka rw’Uburundi rwoba rugirira imyimenyerezo ya gisirikare mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Uburundi rero bukaba bwasabwe gukurikiza amategeko, ndetse bukubahiriza n’amasezerano bwateyeko umukono y’i Cotonou, amasezerano y’ukwubahiriza agateka ka zina muntu.

Abo bashingamateka bagasaba ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryotangura kugiranira ibiganiro na Reta y’Uburundi, bwisunge ingingo ya 96 y’ayo masezerano ndetse Uburundi bugashobora gukurwa mu bihugu vyateyeko igikumu kuri ayo masezerano.

Mw’itangazo abo bashingamateka bashize ahabona inyuma y’inama, bakaba bamenyesha ko bababajwe n’ifungwa rya Mbonimpa, ndetse bagasaba ko yorekurwa vuba, mu gihe arumije amezi ane n’iminsi ine atawe muri yompi. Mukamenya ko abo bashingamateka batibagiye n’ugusaba Reta y’Uburundi gukurikiranira hagufi ibikorwa n’urwaruka ruva mu mugambwe CNDD FDD arirwo Imbonerakure, mu gihe abo bashingamateka bavuga ko urwo rwaruka ruhohotera abatavuga rumwe na CNDD FDD mu gihugu hagati.


Aristide Nizigire

Messages

  • MURIKO MUTUBWIRA IVYAVUZWE NABASHINGAMATEKE KANDI NABASHEBUJA BABO VYARABANANIYE??????????? JEWE NABAHANUYE KO MWOKWITURA POUTINE PRESIDENT WUBURUSIYA, HAMWE NA PRESIDENT WU BUSHINWA NAYAHANDI HOHO MUZOHEREZA MUKUMOKA NKA MUJERI!!!!!!!!!

  • Ntibitangaje kurabo bashingamateka bari kurushi biburayi bavuguko,Bavuga cokimwe nayo mashirahamwe nyene ngo ntaharanira inyungu zapolitike,Mbonimpa numukozi wabo bazungu nyene kandi kunyungu nzabo,ww wumva bovuga gute?Kubwubucamanza bwigenga vyukuri ntibugakorere kugicure ca Leta canke cabobazungu nyene, nibukurikize amategeko.

  • Abarundi barundikazi rwaruka, ndikondegeranya inkuru ijanye nibibivuzwe nababanyeburaya ndaza kuyibashirira ngaha ninaheza kuyirunganya mumasaha atarenze 24 kukobisambwako mbanza kuvugana nabamwe mubasanzwe babamwivyobihugu vyaburaya, ariko Baniwankabimeneke akanakanyakabo kokubobako bibayangaranye bofunaba twobaho nkabakoronezwa.

  • ARIKO BIRATANGAJE KANDI BIRABABAJE KUBONA ABO BANYA BURAYA BAVUGA IBIJANYE N’IVY’AGATEKA KA ZINA MUNTU MUGIHE ARIBO NKOMOKO Y’INDYANE ZIRI KW’ISI TURIMWO UNO MUSI.MBEGA,NINDE YOKWIRENGAGIZA IBIRIKO BIRABERA MURI LIBIYA,PALESTINA,IRAK N’AHANDI HARI INDYANE ZA POLITIQUE,MUKURYANISHA ABONSE RIMWE,IZO ZOSE N’INGORANE BASHIZEMWO ABANTU.MBEGA UWOBAZA ABO BAZUNGU KO BARI BASHIGIKIYE IMIGAMBI CLAVER HAMWE N’ABAMUROSHE YOKURYANISHA RDC HAMWE N’UBURUNDI? CANKE BARABABAJWE N’AKIGORO LETA YAGIZE KO KUGARUKANA ORDRE MU RUKOKO NO KU BARABARA BUJUMBURA CIBITOKE CANKE AHO HOSE HAVUGWA UTUJAGARI ABO BA CLAVER N’ABAMUROSHE BAVUGA NGO N’ABARWANYI KANDI BAGATEGEKA KO NGO LETA YOJINAMA N’ABO BAJANJA.NGIRA NGO MWARABONYEKO YARI AMA REMENTENYA MUGANI WA KIRAMVU WANYU.MBEGA KO BITAYEHO CAAANE CLAVER MBONIMPA,KO BATIGERA BAVUGA NYAKUBAHWA GADAFI KO BATARATUBARIZA INKOMOKO Y’URUFU RWIWE CANKE BATUBARIZE KO UBURYO BAMWISHEMWO KO BIJANYE NIYUBAHIRIZWA RY’AGATEKA KA ZINA MUNTU? CANKE KO BATARATUBARIZA AHO BAHAMVYE:SADAM HAMWE NA KADAFI?

  • UB Urundi nigihugu cikukiye kubahiriza agateka kazina muntu sukureka abantu ngobigirisutwa bigire bakatamanikirwa oya nibabanze basabe us irekure wamusirikare yagirizwa koyamenye amabanga yigihugu ngoreta nimurekure atagisabwe bararinda kabisa namba iwabo leta zitegeka ubutungane nimubabwire kwiwacu atariko bimeze ngo harimbonerakure mumashamba yomurikongo ababihoha nizomburakimazi zizi kuvugira ahozicayegusa muratubaza twe twahaciye tubaciragace amabi yishamba mubosubira mwishamba cndd fdd ntirimwo canke twoja mwishamba NGO turwanye bande? leonse?rwasa? pasfice? vital? rpa? sinduhije? murwengezo? nyangoma? inde? abo nimbwa yobarya kwitohaga nimwitwengere

  • hahahaha muratwengeje basi mwibazako ivyo mukora bitaboneka.aba dd ntimwiyumvira ejo hazaza. ugirango ayo mahera mwirirwa muriba muyasangira.nobibutsako MOBUTU WO MURI EX ZAIRE amahera yayarya wenyene kandi meshi kurayo mwirirwa mura sura kandi ntanguvu mwamusumvya .yirirwa iburayi uko avyiyumviriye none ivya mushikiye murabizi mwoshaka mwokwirikiza indero kirundi uyo mutama ni mwene wanyu muriko mucunaguza mubohore yikorere akazi ahandiho abo mwiyamiriza mukunda mwanka bazo badomora kandi murabizi babishatse nijoro rimwe muka maramara

  • Barundi barundikazi namwe Rwaruka, Abobantumwumva babanya Bulaya nabantubeza baremwe n’Imana nkukonatwe twaremwe n’Imana, ahorero mwumva baducura bufuni nabuhoro biciye kukubera turabantu tubayeho dusabiriza kubera ubukene, kukobamaze kubona twikukiye barabitwemereye turikukira ariko bacabadutegera kubukene kukobaziko batazigera bemerako tuzobamugihugu turimumahoro yimyaka ishika nkamirongo 50 yikurikiranya batadutejemwo indryane hagati mubenegihugu canke mubihugu bibanyi nkukomwumvise intumwayabo Mbonimpa yariyabitanguye mugushakako hotangura kwaduka amasasu hagati yabasoda babarundi nabasoda baba Congomani ariko kubwabasenga Imana rugiravyose ababamwivyobihugu bibiri bosebarimye amatwi basesankuyoze maze bibandanyiriza umubano mwizankukobamye kuvakera bamyebazira basesankuyoze. Abatumye Mbonimpa gushusha urugamba hagati yuburundi na Congo babonye vyase ntibavuye kwizima ahubwo baciyeberura mukwerekanako aribo baribarinyuma canke ko Mbonimpa yarintumwayabo barubahutse baka agateka igihugu u Burundi kimaranye imyaka irenga 50 ciswe igihugu barerura bavugako ubutungane bwuburundi babutegeka ko bworekura Mbonimpa atanakimwe gisambwe! Mberemwumviseko batatebeje nokuvuga ibintu bipfuriza uburundi! Ubakurikiranye urumvako bariko barakoresha imvugozishobokazose kugira uburundi bujemungorane zurudaca. Barundi Barundikazi namwe Rwaruka ndabasabamwirinde abobantu biburaya , kuko mutabirinze muzomera nka banyagihugu ba Liybia bemeye bagakoreshwa nabo nimuce mukubitiza amaso inyumwa mwiyibutse Lyibia yigihe Gadafi akiriho mucemureba Lyibia yunomusi baze mucemureba iterambere abanya Lyibia bungutse iryariryo! twehoho twihenze tukemera bakadukoresha tuzojamubukene bumwebutigeze bubaho mazetukacatuburavyose nkingata imenye. Abobanyaburaya iyabatwebwe dufise ubushobozi tubatwabafatiye ibihano kera! Raba ivyobatuzanyemwovyose bikenerwa kotuvyemera, akarorero kahafi ni Auganda iherutse guhagarararugabo kubijanye nabatorana bahuje ibitsina barayokeje igitutu bibanda mukuyemezako itagize icihindura itazosubira gufashwa ibinabiriya ubukenerero turimwo nibwobutuma twebwenatwe kuvuga amakoshayabo abobantu iyabanatwe dufise ubushobozi tubatwamaze kubafatira ibihano tukabima imfashanyo, kukokubera ubukene bwomugihugucacu abacunibobirukanga kubashinyikira bababwira ngomudutabare muduhindurire reta. UMVANDABABWIRE NTAKIBABAJE NKUMUNTU YOKUZIRA MUTUGO AGASANGA HARIHO AGAHANO WAHAYE UMWANA KUBERA IKOSHA YAKOZE, NONEHO AKADUKA AKAKUBWIRANGO: NDAKUBWIYE UBUNYENE NKIVUGA UHAGARIKE IGIHANOWAHAYE UYUMWANAWAWE UBUNYENENKIVUGA! CUTEKEREZA UMUGABO CANKE UMUGORENKAWE AJE AGUHA AMATEGEKO NKAYO MURUGORWAWE UKOWOVYIFATAMWO? IKINDI WAMWANA YOBAGISUBIRAKUKWUBAHA? CANKE HARIHIKINTU YOSUBIRAKWIBANGA IMBEREYAWE MUGIHE YAMAZEKUBONAKO HAYIHUMUNTU AZA AKAVUGARIMWE UKABUGUYE IGIHUMURA? MBEGUWOMWANA YOSUBIRA KUKUBAHAWEWE MUVYEYI CANKE YOCATAGURA KUGUSUZUGURA ARIKO AKARWIZA KWUBAHA WAMUNTU? NUBWODUKENYE KANDIBADUFASHA NTIBARIBAKWIYE KUDUSUZUGURA AKOKAGENE. NDABABWIRAKO ABOBANTU BADUSUZUGUYE BARARENZA KUKO BARIKUTUBWIRA UKOBOBO BABIBONA IVYIFUNGWA RYA MBONIMPA HANYUMA NATWE NKABARUNDI BIBIHANGANGE ARIKO DUKENYE TUKABABWIRA IVYUWOMUGABO MBONIMPA. NOKO AMUTUNZIBIGOYE GUSABA IKIGONGWE UMWORO ABOBANTU BARIBAKWIYE GUSABA IKIGONGWE U BURUNDI NABARUNDI KUKOBIRABABAJE KUBWIRA UBUTUNGANE BWIGIHUGU NGO: VUBANABWANGUNKIVUGA REKURA UWOMUNTU NONE MWUMVA UBUTUNGANE BWOBABWIGENGA IGIHE MWOBUTEGEKA NGOREKUREKURA UWOMUNTU BUKACA BUSHIRAMUNGIRO IVYOMUBUBWIYE!!!

  • Ishirahamwe rya Buraya nukuvugiki?none nishirahamwe ryubumwe bwa Africa?karashizingani abazungu bigire ibinani bashaka kudutwara kunguvu kandi kubera ivyo batwiba bakaguma bigira abategereye badufasha nayo baduha nkicicumi kuvyo baba batwivye,nonubu naho bagomba binjire nomwitunganywa ryigihugu cikukiye?Turavyiyamirije twivuye inyuma!

  • UBUSHINWA KO BUHERUKA GUCIRA URWO GUPFA ABAGANDE 12 ABO BAKINDIRA AHO BARI KO BATARAKURAKO UMUNWA NGO BAVUGE...IYO NKORABARA NABO BAFATANIJE ; KOBAGUMA BASHAKA KUDUSUKA MUKAGA ; MBEGA NTABIWABO KOSHIKAKO ?? MUGABO BANYINA BAMWE MUBABO NTIBIBEREYE HANZE ..

  • NAGIRA MBAZE ABO BIGIZE IMANA ZO KW’ISI KUKO IYO MW’IJURU N’IMWE,MBEGA IVYAKOREWE MURI RDC BIGIZWE N’URWANDA,OUGANDA, N’UBURUNDI IGIHE CA BUYOYA,IGANDA ZA BANYARWANDA HAMWE N’ABANA BABA CONGOMANI MWARAFASHIJE IBISHOBOKA KUGIRANGO BICWE BUNYAMASWA,BAMWE BICIWE MU GIHUGU CABO( ABA CONGOMANI) ABANYARWANDA BOBO BICIWE AHO BASAVYE INDARO MURI RDC.GUSHIKA UNO MUSI NTITURAMENYESHA ABATIKIJE INGANDA ZABA CONGOMANI HAMWE N’IMPUNZI Z’ABANYARWANDA MUGABO UNO MUSI ABO NYENE BATUMYE INGANDA ZITIKIRA MURI CONGO ABANTU( ABAHUTU) BARENGA IMILIONI ZIBIRI( PLUS DE 2OOOOOO) NTAWIGEZE ARYOGORA YABA ABO BANYA BURAYA CANKE ABANY’AMERIKA KARI AKAMIZWE N’INGOMA NKUKO UMENGO BARYA BAFIRIYE MURI CONGO IVYEREKEYE IVY’AGATEKA KA ZINA MUNTU NTIBIBARABA KANDI UKAMENGO ABO BOSE BAFIRIYE MURI CONGO BARUTWA NA MPONIMPA MURIKEBUKE KUKO HARIHO IVYO MUKORA CANKE BABAHENDA CANKE MUFURUGUTA MWIBAZA NGO MUBIFURUGUTIRA ABARUNDI MUZOSANGE UKO MUBIGIRA BIBATESHA AGACIRO.MURAKOZE.

  • Hahahaahahaa amashamba arabashuhanye mwataye imitwe kumbura murekure uwo Mutama atacazira yahandiho murakabona komwigira ngo murincabwenge zaba DD muzi ko ayomwahora mwiba yose yava hariya murahwera basha sindababesha CNDD tembagaraaaaaaaaaa

  • hahahahaha ko mushuha imitwe tekereza mureke guta uturimi nkimbwa zikuga zitava aho ziri aba DD muriyimera kandi mura rinda .kira noneho ahari aba gabo ntiharwa ibara .nimwabona bitabashimishij mura vyanka maze

  • Mu burundi nimwemere kuko nubundi mutunzwe nugusabiriza , reka babafatire ibihano kuko ntanakimwe mwishoboje ntawugomba kwitwaza igikenye , kandikintu nakimwe afise canke ashoboye kwisi mwese mwavuze ariko ntarizima muvuga atarigukorera inda zanyu rero uwitwaje inda bizomuca mubavu bitungukire murundi murakoze

  • GUMA NTACO MUGIRA UBWOBA KUKO UWUSHIGISHE ARAWUNWA NONE BABAREKE MUMARE BENEWANYU NGO NUKO MUDASANGIYE UMUGAMBWE MBE NDABABAZE UMUNTU NTAJA MU MUGAMBWE ASHAKA? EREGA UBURUNDI SUBWIMBONERA KURE GUSA TURABUSANGIYE

  • Ww Wiyita Mama Uzopfa Wihamb Cank Uhambw Nabo Ba Dd Wishmiy Mbega Bakugz Umuvugizi?Uri Igito Nkigitongati Cuma Ntibacane

  • @Ejoniheza,ndabikwemereye 100% ninapfa aba DD bazompamba, arikowewe nambuzohambwa nabobanyaburaya? Niyabaribo baraguturira ntibakinasha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.