IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Isoko nkuru ya Bujumbura yahora itanga amafaranga arenga imiliaridi 7 (...)

Isoko nkuru ya Bujumbura yahora itanga amafaranga arenga imiliaridi 7 y’amarundi ku munsi umwe

mardi 29 Nzero 2013

Umuhinga mu vy’ubutunzi Domitien Bihute yari aherutse kugira icigwa ku butunzi bwari mw’isoko nkuru ya Bujumbura. Avugako isoko nkuru ya Bujumbura yahora itanga ubutunzi burenga imiliaridi 7 y’amarundi ku munsi umwe.

Amatohozwa yakozwe mu mwaka w’1992 n’abahinga mu vy’ubutunzi yerekanye ko isoko nkuru ya Bujumbura yatanga amafaranga arenga umuliaridi umwe w’amarundi ku munsi umwe. Umuhinga Domitien Bihute yakoze ayo matohoza avuga ko mu myaka 20 iheze, ubwo butunzi bwiyongereye cane. Ngo aravye ingene ifaranga ry’u Burundi ryataye agaciro hanyuma isoko ikubakwa ku buryo bwa kijambere, ngo ubu hashobora kuba hariyo ubutunzi bw’amafaranga arenga imiliaridi 7 ku munsi umwe.

Uwo mu hinga abona ko isoku nkuru ya Bujumbura ariyo yarimwo ubutunzi bwinshi kurusha n’uburi mw’ibanki nkuru y’igihugu. Ngo hariyo n’ubuzi bwinshi kandi n’ico cari ikigega ca mbere c’igihugu.

Asaba ko Reta yokora ibishoboka vyose kugira abahaburiye ivyabo bashumbushwe.

Ishirahamwe PARCEM ryishinze gusaba abarundi guhindura ingendo naryo ribonako u Burundi bwahomvye ubutunzi butari buke hamwe n’ubuzi bwinshi. Faustin Ndikumana arongoye PARCEM avuga ko ibifungurwa bigiye gukena kuko ariho abadandaza bose bo muyandi masoko matomato yo mu gisagara yakura ibidandazwa. Asaba abandamdaza kwigumya no gufatana munda.

Abatari bake bahojeje abahombeye mw’isoko nkuru ya Bujumbura

Amashirahamwe atandukanye ntahengeshanya guhoza no kwifatanya n’abadandaza co kimwe n’abarundi bose.

Amashirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu Ligue Iteka na Ligue Izere, urunani rw’amashirahamwe y’abakenyezi mu Burundi CAFOB, urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC, umuryango w’aba Islam mu Burundi COMIBU, ishirahamwe FOCODE n’abandi bavuze ku giti cabo basaba abandaza kwigumya.

Abo bose basaba kandi Reta gufata ingingo zose zishoboka kugira ntihagire abikika mu kiza ngo baduze ibiciro vy’ibidandazwa vya nkenerwa. Ikindi basaba n’uko Reta yosaba imfashanyo ibihugu bibanyi cane cane mu vyerekeye imfungurwa.

Umugambwe nawo SONOVIE-Ruremesha mw’itangazo washize ahabona uvuga ko umushikiranganji w’umutekano hamwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura bari bakwiye gutanga imihoho kuko bananiwe no kuzimya umuriro waturiye isoko nkuru ya Bujumbura ku munsi wa mungu uheze gushika aho icika umunyota gusa.

Imugambwe UPRONA, FNL, iyitavuga rumwe na Reta hamwe n’iyindi nayonyene imenyesha ko yifatanije n’ababuriye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura. Isaba Reta gushiraho umugambi utomoye wo gukinga impanuka nk’izo.

N’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi ka Reta Zunze Ubumbwe za Amerika n’u Bubiligi barahoza abadandaza bahombeye mw’isoko nkuru ya Bujumbura, ngo bokwigumya hanyuma bakiyungunganya bukebuke.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.