IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Isukari yasubiye kuboneka i Bujumbura

Isukari yasubiye kuboneka i Bujumbura

vendredi 31 Rusama 2013

Inyuma y’indwi zigera kuri zibiri isukari ibaye akananira bahinga hano mu gisagara ca Bujumbura. Ishirahamwe rihingura isukari SOSUMO, ryaraye rimenenyeshe ko isukari yasubiye boneka.

Ku tuguriro tutari duke twa hano mu gisagara ca Bujumbura, abandandaza ntabari bagifise ico bavuga ku kubazo c’isukari cari kimaze iminsi gihari.
Ikinyamakuru “IGIHE” cagendeye kandi utuguriro tutari duke kuraba ko iyo sukari yabonetse nk’uko vyaraye bitangatajwe n’ishirahamwe rihingura isukari SOSUMO.

Aho twaciye, hari aho twasanze itaraboneka, ubajije abandandaza baho bavuga ko n’ubwo bumva ko yaje, bo ntirabashikira ku mvo nabo nyene batazi. Ariko nko mu kaguriro “UMUCO” kari kw’ibarabara batazira “kwa Katikati”, isukari yabonetse ukuri kwamye, aho mbere bagurisha isukari ku giciro ca SOSUMO ku mafaranga 1850.

Ariko n’ubwo yabonetse, ako kaguriro ntikoroherwa kubw’abantu baza kuyigura ku bwinshi kuko bumva igiciro caho corohereza benshi. Bagasaba rero ko n’utundi tuguriro twokworoheza abaguzi kugira isukari ironke bose kandi ku mwanya bayigombera.

Si aho honyene, no mu tundi tuguriro tutari duke, vyagaragaye ko isukari yabotse ariko abaguzi bagasaba ko ishirahamwe SOSUMO ryorushirizaho kurwiza umwimbu, kugira bose baharonkere akoyokwe, ari abadandaza canke abaguzi.


Mariella Bukuru

Messages

  • Mwishirahamwe Sosumo Harikibazo Aho Abakozi Bahora Bafasha Mukwimbura Isukari Bahagaritse Akazi Basaba Ko Babongera Umushahara Aho Bakorera 2250 Kumusi Basanzwe Arabashoferi Banyonga Imiduga Isomba Ibikaju.Banafise Peremi Ifise Kategori F

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.