Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 10 Myandagaro
Itarike 10 Myandagaro
jeudi 10 Myandagaro 2017
Igenekerezo rya 10 Myandagaro.
Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri
1500: Umunyaportugare Diogo Dias atoraizinga rya Madagascar. Aho yaritoye ahushishijwe inzira n’imvura y’igihuhusi.
1519: Ferdinand de Magellan afata urugendo rwo kuzunguruka isi yose. Akaba yajanye n’amato 5. Yavuye ku kivuko c’i Séville muri Espagne.
- Ferdinand de Magellan
1809: Igihugu ca Équateur kironka intahe yo kwikukira.
1819: Simón Bolívar yinjira mu gisagara ca Bogota atahukanye intsinzi aho yari yaiye kubohoza Nouvele-Grenade.
1866: Lord Ashley abuza gukorsha abagore n’abana batarashikana imyaka 18 mu vyo kwimba ubutare mu gihugu c’ubwongereza.
- Lord Ashley
1927: Ibikorwa vyo kwubaka icibutso c’abakuru bigihugu bambere ba Leta Zunzubumwe z’Amerika, ku musozi wa Rushmore , biratangura.
- Umusozi wa Rushmore
2001: Amina Abdullahi, umugore wo muri Nigéria, acirwa urubanza rwo gukubitwa inkoni 100 nkuko itegeko rya charia ribitegekanya ku mugore yarenze ibigo.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1814: Henri Nestlé, umuhinga muvyo amahinguriro muri Suisse ariko akomoka mu Budagi. niwe yatanguje ihinguriro rya Neslté rihingura ibiribwa bitari bike.
- Henri Nestlé, uwatanguje ihinguriro rya Nestlé
1874: Herbert Hoover, umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika.
1916: Hubert Maga, umukuru w’igihugu ca Bénin.
1960: Antonio Banderas (José ANTONIO Dominguez Banderas), umukinyi akaba n’umuhinyanyuzi w’amareresi akomoka muri Espagne.
- Antonio Banderas
Uwuzwi cane yitavyimana kw’igenekerezo nkiri
794: Fastrade de Franconie, umugore wa 4 wa Charlemagne.
Ibihimbazwa
. Équateur : Umunsi ukuru wo kwibuka ukwikukira.
INGABIRE Luc-Noël