Itarike 29 Nyakanga

Yanditswe na INGABIRE Luc-Noël
Kuya 26 septembre 2016 saa 04:27
Yasomwe : 2682
0 0

Igenekerezo rya 29 Nyakanga ni umunsi ugira 272 w’umwaka w’2013. Hasigaye iminsi 93 kugira umwaka w’2013 urangire.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1399 : Umwami Richard wa 2 w’Ubwongereza aratanga kugira asubirirwe na Henri wa 4.
1833 : Umwami Ferdinand w’7 wa Espagne arapfa, bica bitera intambara hagati yabo bita aba Carlistes hamwe n’abashigikiye umwamikazi Isabelle wa 2 wo muri Espagne. 1961 : Igihugu ca Siriya kiva muri Repubrika y’abarabu yunzubumwe. 1972 : Imigenderanire hagati (...)

Igenekerezo rya 29 Nyakanga ni umunsi ugira 272 w’umwaka w’2013. Hasigaye iminsi 93 kugira umwaka w’2013 urangire.

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1399 : Umwami Richard wa 2 w’Ubwongereza aratanga kugira asubirirwe na Henri wa 4.

JPEG - 12.3 ko
Richard wa 2 w’Ubwongereza

1833 : Umwami Ferdinand w’7 wa Espagne arapfa, bica bitera intambara hagati yabo bita aba Carlistes hamwe n’abashigikiye umwamikazi Isabelle wa 2 wo muri Espagne.
1961 : Igihugu ca Siriya kiva muri Repubrika y’abarabu yunzubumwe.
1972 : Imigenderanire hagati y’Ubushinwa n’Ubuyapani iranagurwa inyuma y’imyaka 35 yarahagaritswe.
1991 : Muri Haïti haba itembagazwa ry’ubutegetsi.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1901 : Enrico Fermi, umuhinga muri physique w’umutariyano yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri physique mu 1938.

JPEG - 7.8 ko
Enrico Fermi

1903 : Miguel Aleman Vales, umukuru w’igihugu ca Mexique.
1920 : Peter Michell, umuhinga muri chimie w’umwongereza yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri chimie mu 1978.
1936 : Silvio Berlusconi, umukuru w’igihugu c’Ubutariyano.

JPEG - 163.1 ko
Silvio Berlusconi

1943 : Lech Walesa, imboneza mu vyama syndicat akaba n’umunyapolitike wo muri Pologne. Yaronse agashimwe k’amahoro itiriwe Nobel mu 1983. Yaranabaye umukuru w’igihugu ca Pologne kuva 1990 gushika 1995.
1976 : Andrei Chevtchenko, umukinyi wumupira w’amaguru wo muri Ukraine.

JPEG - 20.1 ko
Andrei Chevtchenko

Abazwi cane biavyimana kw’igenekerezo nkiri

1902 : Émile Zola, umwanditsi akaba n’umumenyeshamakuru w’umufaransa.

JPEG - 7.4 ko
Émile Zola

1913 : Rudolf Diesel, umu ingénieur w’umudagi.
1987 : Henry Ford wa 2, umurwizatunga mu vyama hinguriro w’umunyamerika.

JPEG - 6.2 ko
Henry Ford wa 2

2004 : Jean Blanc, umunyapolitike w’umufaransa.
2010 : Tony Curtis, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.

Ibihimbazwa

. Umunsi mpuzamakungu wahariwe umutima.
. Argentine : Umunsi wahariwe abatanguje ibintu. Aho ni mugihe hibukwa ivuka rya László Biró yatanguje, mu 1899, ikaramu yo kwandka bita « stylo à bille ».


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Izindi Nkuru - Akahise

24 Ruhenshi
24/06/17 - 12:37
21 Ruheshi
21/06/17 - 08:58
16 Ruheshi
16/06/17 - 09:39
14 Ruheshi
14/06/17 - 09:07
13 Ruhenshi
12/06/17 - 12:25
10 Ruheshi
09/06/17 - 06:49
Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha