IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Itegeko rishasha rigenga uruja n’uruza mu mabarabara

Itegeko rishasha rigenga uruja n’uruza mu mabarabara

jeudi 17 Nzero 2013

Mairie ya bujumbura ifadikanije n’igipolisi c’uruja n’uruza, kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 16 nzero 2013 barakoranije abarongoye abandi mumashirahamwe yo kwunguruza abantu n’ibintu kugirango babasiguriye itegeko rishasha rigenga uruja n’uruza mu mabarabara.

Aba baserukira abandi bavuzeko batanyuzwe n’iryo tegeko rishasha kuko ngo ntibagishijwe inama imbere y’uko ritorwa.

Iyo nama yari irongowe na OPC1 Arthemon Nzitabakuze commanda wa PSR na Thamar Sinigirira umunyamabanga wa mairie ya bujumbura. Iyo nama yabaye muntumbero yo kumenyesha abunguruza abantu n’ibintu itegeko rishasha rigenga uruja n’uruza mu mabarabara kuko benshi muri bo batari bazi ibiri muri ryo.

Muri iyo nama OPC1 Nzitabakuze yarabwiye abunguruza abantu n’ibintu ingingo zimwe zimwe zigize iryo tegeko n’ivyongewemwo. Mairie nayo yatanze impapuro ziriko iryo tegeko kugirango abunguruza abantu n’ibintu barimenye neza. Baganiriye kuri iryo tegeko abunguruza abantu n’ibintu batashe batanyuzwe kuko bavuze ko batagishijwe inama imbere y’uko iryo tegeko rishirwaho.

utunenge tumwe tumwe

Deo Ntakarutimana arongoye ishirahamwe ry’abunguruza abantu n’ibintu(ATRABU) yavuze ko abunguruza abantu n‘ibintu batanka iryo tegeko ko gusa rifise utunenge tumwe tumwe. Agasaba ko ryosubirwamwo . yarashimikiye cane ku mande y’umurengera atozwa. Ati abunguruza abantu n’ibintu ntibashobora kuriha amande arengeye amafranga binjiza kumusi.

Ntakarutimana yasavye ko abahinyanyuye iryo tegeko bobanza gutunganya neza ivy’amabarabara nk’ aho guhagarika imiduga « parking » n’aho ama Bus ahagararira « arrêts bus » kuko ata biranganzira vyerekana ivyo bibanza biriho. Ntakarutimana yamenyesheje ko ishirwa mungiro ry’iryo tegeko ryobanza kurindira reta y ‘uburundi ikabanza gutunganya ibintu bimwe bimwe kugirango yisunge ibindi bihugu bigize afrika y’ubuseruko


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.