Itegeko rizokingira abahohotewe hamwe n’ivyabona rigiye kujaho

Yanditswe na IGIHE
Kuya 10 mars 2016 saa 03:17
Yasomwe : 17424
0 0

Abahohotewe mu ntureka Uburundi bwaciyemwo bazokingirwa n’ibwirizwa rizoshirwaho mu minsi ya vuba. Umurwi ujejwe kumenyesha ukuri n’ukunywanisha abarundi umenyesha ko witeguriye gutangura kwumviriza abazowitura.

Umurwi CVR (Commission Vérité et Réconciliation) umenyesha ko itegeko rikingira abahohotewe hamwe n’amasura ryamaze kwemezwa n’inama nshikiranganji, ko ryarungikiwe inama nshingamateka, mu nyuma umukuru w’igihugu azoce ariterako umukono. Muri uwo murwi bavuga ko iryo tegeko rimaze kujaho bazoca batangura kuvugana n’abahohotewe, bikaba bitegekanijwe ko bazotangura kwumvirizwa muri Rusama.

Clotilde NIRAGIRA, umunyamabanga mukuru w’umurwi ujejwe kumenyesha ukuri n’ukunywanisha abarundi yamenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane ko igikorwa c’uwo murwi kizoraba amabi n’ivyaha vyakozwe kuva Uburundi buronse intsinzi y’ukwikukira mu mwaka w’1962 gushika mu 2008. Ku bijanye n’amabi n’ubwicanyi vyakozwe mu yindi myaka, cane cane mu ntureka n’ubwicanyi vyakozwe kuva muri Ndamukiza 2015, umunyamabanga mukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe kumenyesha ukuri n’ukunywanisha abarundi amenyesha ko abahohotewe inyuma y’umwaka 2008 bazokwitura ubutungane, canke naho abatwara Uburundi nibabona bikenewe bakazoshiraho uwundi murwi wiga ivyabaye inyuma y’2008.

JPEG - 27.5 ko
Clotilde NIRAGIRA, umunyamabanga mukuru w’umurwi ujejwe kumenyesha ukuri n’ukunywanisha abarundi

Clotilde NIRAGIRA aremera ko muri uwo murwi bafise ibibazo vy’uburyo bazokoresha mu bikorwa bashinzwe, akavuga ko bariko bakoresha uburyo Reta yatanze, ariko akavuga ko bariko bategura ingene bokoranya abasanzwe bafasha Uburundi kugira babasabe batange uburyo kugira uwo murwi uzoshobore gushika kw’ihangiro wihaye.


Kumenyekanisha

1
Weah Mzalendo 13-03-2016 à 14:58

Iyi CVR irindiye imyaka 15 kujaho kandi yari mu vya mbere Leta yategerezwa gushiraho nk’uko biri muri Arusha ubu Peter yihaye ikiringo aciye kubiri na Arusha nibwo agomba kuyishiraho ? Canke yarabonye ko azokwezwa kuko abayikorera ni abakorera ubutegetsi mu kwaha. Ibicwa ubu bo barimwo kuko bisa n’ivyahitiye ahubwo ivyo vy’ihonya bwoko arivyo bibandanya ?
Nta gouvernement de consensus ihari. Iyihari iriko irica ituza abasaba ko hoba amatora arimwo bose none iyo CVR n’i’iyimbonerakure, Peter n’akarwi kica abantu kakangaza abandi ? Ibi tubona ko ari kwongera ikibi nta ciza kiri muri uwo murwi kuko umwanya si mwiza, abawugize si beza vyunvikana ko n’ibizovamwo vyega abo bahashizwe n’uwabahashize

2
ndibanje simon 11-03-2016 à 10:04

banza mugarure amahoro n’umutekano kuko arivyo bikekenewe kurusha.
mbega abakoze amabi ko aribo bari imbere ninde azobaakorako ?
ndabona bitoroshe !

3
Cuma 10-03-2016 à 18:45

ntimuturyoherezekugiraduhungukecanketunyegurukemucemuryoza.tuvyemeratubonye,ivyo,umushikirizamanza,atwerekokokubutunganebukora.Tubibonerekuribamwebarayebishenaretakandibarimuminweyareta

4
CUMA 10-03-2016 à 18:34

mushikiranganji,nimusabe,imfashanyoyogushumbusha.abahohotewe, nkabatujijwenigiporisinimbonerakurekuba,bamenyekanyebahejejekwibacankekwica. uwomuryangonubutunganebugatohoza,kandibaritwayebakabura,ikibatunganiriza,bagahakwakwicwakugirabazimangany’ibibibababakoreye.uwomurangokoko,abobazofatwa ?kotuzibenshik’arabasuma.!yemwerekandambendabebatampitanyendimubahohotewe

5
Bigirimana jérémie kassim 10-03-2016 à 18:07

n’ahomuzokubitamumutwendibazako atakurikuzovamw’izo ntumvazandandende

6
sasha 10-03-2016 à 16:23

nivyiza goooose !!!!!!

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha