Accueil > Inkino > FOOTBALL > Itike z’igikombe co mu 2014 muri Brezil zatanguye kudandazwa
Itike z’igikombe co mu 2014 muri Brezil zatanguye kudandazwa
mercredi 21 Myandagaro 2013
Amatike y’igikombe c’isi mu mupira wa maguru kizokinirwa muri Brezil mu mwaka w’2014 zantanguye kugurishwa ku rubuga rw’ubuhinga ngurukanabumenyi bwa FIFA.
Umumenyeshamakuru wa BBC akurikirana ibica kuri urwo rubuga avuga ko hari abantu benshi bariko baragura ay’urukino rwa mbere n’urwa nyuma. Amatike arenga imilioni zitatu niyo yitezwe kuzotangwa muri iryo higanwa rizotangurwa kw’itariki 12 z’ukwezi kwa Ruheshi. Ariko abagura ayo matike ubu ntibazi uwo bazororera uwariwe gushika hamenyekanye ingene imirwi izohura mu kwezi kwa 12.
Itike igurwa kuva ku ma dollars 15 ku banya Brezil bamwe bamwe gushika ku ma dollars igihumbi ku rukino rwa nyuma.

Joel Sengurebe