IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Amabi > SOJPAE irereka Reta y’Uburundi ivyokorwa mu kurwanya urudandazwa (...)

SOJPAE irereka Reta y’Uburundi ivyokorwa mu kurwanya urudandazwa rw’abana

vendredi 27 Ntwarante 2015, par IGIHE

Gushiraho uburyo bwo guhanahana amakuru birushirije hagati y’igihugu c’Uburundi n’ubuserukizi bwaco mu makungu, hamwe no gukomeza amategeko n’inzego zijejwe gukinga no kurwanya urudandazwa rw’abana, biri mu vyotuma urudandazwa rw’abana rugabanuka mu Burundi.

Mu gihe muri kino gihe, na cane cane mu bihe vyegereje amatora, harakunda kwibonekeza urudandazwa rw’abana. Abo bana akenshi usanga baja kugirwa abaja, gushurashuzwa, gukoreshwa ibikorwa bibarengeye. Hari n’igihe batwarwa bakaja gukurwamwo ibihimba vy’umubiri.

Mu vyegeranyo vyagiye bisohoka abo bana baca bajanwa mu bihugu biri nko mu karere ka Afrika y’ubuseruko, nka Tanzaniya, Ouganda, na Kenya. Ahandi naho bakajanwa mu bihugu nka Zambie, Soudan, Soudan y’amaja epfo, Ethipiya, Malawi, Liban, Oman, Emirats arabes unis, Afrika y’epfo n’ahandi, nk’uko mw’ishirahamwe ryishinze guharanira agateka k’abana SOJPAE ribivuga.

Mu ntumbero rero yo kurwanya urwo rudandazwa runafise ingaruka mbi ku buzima bw’imiryango y’abo bana, abo bana hamwe n’igihugu muri rusangi mw’ishirahamwe SOJPAE barashikiriza ivyokorwa na Reta y’Uburundi. Ica mbere n’uko hobaho guteza imbere amategeko hamwe n’inzego zijejwe gukinga no kurwanya urudandazwa rw’abana canke ukubahohotera.

Ikindi n’uko hoba ishirwa mu ngiro rya wa mugambi w’igihugu urwanya ikoreshwa rya kiremwa muntu (traite des personnes) 2014-2017. Ikigira gatatu ni uko hobaho uburyo bwo guhanahana amakuru hagati y’ubuserukizi bw’igihugu c’Uburundi mu makungu mu ntumbero yo gukurikiranira hafi ikibazo c’abana baba hanze batwawe n’imiryango yindi atari iy’amaraso, bimwe bita "Adoption"

Mw’ishirahamwe SOJPAE basaba ko hoshirwaho ubuhinga bwa none mu bisata bimwe bimwe vya Reta nko muri "Etat civil" canke aho handi hose abantu basabira ibipapuro, hakabaho n’ugukingira abarwanira agateka k’abana, abahohotewe bagahura n’ivyo vyago vyo kwibwa canke ayandi mabi bijanye hamwe kandi no gukingira amasura hamwe n’abo bose baba batanze amakuru ajanye n’urwo rudandazwa rw’abana, nk’uko biri mw’itangazo ry’iryo shirahamwe ryateweko igikumu na Yakobo Nshimirimana umuyobozi mukuru ku rwego rw’igihugu w’ishirahamwe SOJPAE


Floxella Karire

Messages

  • NONE HOBA HARIKOHARAKORWA IKI?KUGIRA ABANA NGO NTI BABANDANYE GUKORERWA AKO KABI KABISHE MBEHOHO HOBA HAMAZE KUMENYEKANA BAMWE MUBABIKORA?ICONIYUMVIRA NUKO LETA YOSHENGEZA ABO BANTU MUMAGURU MASHA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.