Accueil > Amakuru > u Burundi > Izina ry’umudasigana Bernard Busokoza ririko ryigirwa mu ngoro y’umugambwe (...)
Izina ry’umudasigana Bernard Busokoza ririko ryigirwa mu ngoro y’umugambwe CNDD-FDD
mercredi 16 Gitugutu 2013
Mu mazina atatu umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yarungikiwe n’umugambwe w’Abadasigana Uprona kugira atoremwo rimwe ryorungikikwa mu nama nshingamateka kugira ryemezwe, iry’ umushingamateka Bernard Busokoza muri akakanya rikaba ariryo riri ku meza mu nama nshingamateka.
Kuva mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 16 Gitugutu uyu mwaka, abashingamateka bari basabwe ko boja kuryemeza, ariko rero abo mu mugambwe CNDD-FDD bakaba banse kumwemeza kuko boba bamwagiriza ko yoba yari mu batembagaje ubutegetsi mu mwaka w’1993, igihe hahirikwa ubutegetsi bwa Melchior Ndadaye, ndetse yahavuye agandagurwa.

Kuva igihe c’isaha zitandatu, abashingamateka bo mu mugambwe uri ku butegetsi bakaba baciye baryana akara, bagenda umwe umwe guhurira mu ngoro y’umugambwe wabo iri muri komine ya Ngagara, aho bariko baravugana n’abakenguzamateka bo muri uyo mugambwe ko iryo zina boryemeza canke bakaryanka. Ukwo bigenda kwose izina ry’icegera c’umukuru w’igihugu ribwirijwe kurara rimenyekanye nk’uko bamwe mu bashingamateka b’umugambwe wa Rwagasore babivuga.
Muri abo bashingamateka nyene, bakaba babariye bagenzi bacu ba radiyo Bonesha FM ko atarindi zina nabo bashobora gutanga kugira ryemezwe atari iry’umushingantahe Busokoza Bernard, kuko abo bashingamateka bamenyesha ko no mu mugambwe uri kubitegesti CNDD-FDD harimwo abari mu nzego zo hejuru bafise ivyo bagirizwa, ndetse bafise n’imanza muri za sentare. Ubu rero ibintu bikaba bimeze ukwo, ku bijanye n’itorwa ry’uyo mushingamateka avuka mu ntara ya Bururi, ariko yatowe mu gisagara ca Bujumbura.
Aristide Nizigire
Messages
16 Gitugutu 2013, 07:50, par Rita NAHIMANA
Yemwe ivya barundi biragoye uwohora imbwa gusutama yozica zose, ntamwere mu gihugu cacu ariho niyo ngorane.
16 Gitugutu 2013, 13:24, par Kirinyota
No muri abo badéputé ba dd, uworonderamwo abera yokuramwo bake ndaremye. Namba bamuhora ibindi. Heureusement ko bigaruye.
16 Gitugutu 2013, 15:07, par NYONINYINSHI
Abantu benshi bakunze kwibeshya cyane ngo ngo mu Burundi amahoro yarabonetse. YAYAYAYAAAAA........ Ndumiwe rwose.
Kuva ubu niba Bernard BUSOKOZA abaye agiye gukora muri Presidence ya Pierre NKURUNZIZA.
ABATUTSI bahite bahagarika gukurikirana Agathon RWASA kuko ntabwo Umubshingantahe RWASA yigeze akora amakosa nkayo Bernard BUSOKOZA yakoze.
Bernard BUSOKOZA yishe umukuru wigihugu NDADAY Melchiol, watowe nabaturage kumugararo izuba riva.
None aho kumushyikiriza SENTARE ngo acirwe urubanza, bamuhembye kujya gukora muri Prsidence.
Mu BURUNDI amarso aracyamenek, kubera kwimakaza umuco mubi wo kudahana.
17 Gitugutu 2013, 00:52, par Mike
Nta gitangaje kirimwo kuko aha i Burundi abo bavugwa ko batera na gato mu vyabaye baguma bashiranako, bagakingiranira!Mugabo buraca bugacana ayandi umusi wabo uzoshika!Raba Charles TAYLOR, Melzevic,...
17 Gitugutu 2013, 11:55, par ntancuti
Yemwe Yemwe noneho ibara riraguye .non murundi harabuze abavuga ukuri .Bernard busokoza abarundi ntibamuzi ? canke se abashingamateka canke abakenguza mateka ntibamuzi ? eka ndazi ko abarundi batotobato nabo nyene baramuzi ivyamuranze. ivya NDANDAYE Melchiol yatowe na barundi kumugaragaro izuba riva mukanama kinkorabara kafashe ingingo yokumugandagura ntiyarimwo hari numwe atabizi .Bernard ubu impembo yiwe bamuhemve nukumushira muri présidence ? ariko ntaco gira barazi neza ku Ntwaro ya BUYOYA ko yagira amukubite hasi ivyo ndazi ko babizi .baragabe uwamenyeye gukora ibara na PIEERRE aragaba ntaza sinsizire gore yibu NDANDAYE. ekindi nohanura abashingamateka na bakenguza mateka nibaze bareka kwemeza gusa baradusigurira ukungene Rwasa yagirizwa ubwicanyi bakanuma ntibavuge ariko bagera Kwanize Icungu ya Demokarasi bakamuhemba Gukora muri Présidence ? mbega nti mubona ko mugira mudupfaze kabiri gose ? ngaho nimwikebuke !!!!!!!!!!