IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Jacques Bigirimana asaba Reta n’imigambwe kudasubira kwemera Richard (...)

Jacques Bigirimana asaba Reta n’imigambwe kudasubira kwemera Richard Sezibera mu biganiro

jeudi 7 Nzero 2016

Umukuru w’umugambwe FNL Jacques Bigirimana asaba Reta n’imigambwe yose yemewe n’amategeko kutemera ko umunyamabanga mw’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko Richard Sezibera asubira gutumirwa nk’umuhagarikizi w’ibiganiro.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane igenekerezo rya 7 Nzero 2016,Jacques Bigirimana yavuze ko Richard Sezibera yamye yerekana aho ahengamiye mu matati y’abarundi. Yavuze ko ivyo vyabonetse kuva imbere y’amatora mu biganiro vyahuje abarundi.

Muri ico kiganiro Jacques Bigirimana arongoye umugambwe FNL yavuze ko bafise amakuru ko imbere y’uko ibiganiro vyabereye i Entebbe bitangura,abari mu murwi utavuga rumwe na Reta bahamaze iminsi baganira na Sezibera,ibitarekuwe kuko ategerezwa kwakira impande zose kugira bavugane.

Umukuru w’umugambwe FNL amenyesha ko abarundi bakwiye kumenya ko hagati y’Uburundi n’Urwanda ibintu bitameze neza,kandi ko Sezibera nk’intumwa yatumwe n’Urwanda kuyihagararira muri EAC ari umwe mu barongozi bakomeye mu mugambwe uri ku butegetsi mu gihugu c’Urwanda FPR.
Jacques Bigirimana asaba umuhuza akaba n’umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni kudasubira gutumira Richard Sezibera,agasaba kandi umukuru w’inama y’ibihugu vya EAC kudasubira kurungika umunyamabanga wayo Richard Sezibera ngo ayiserukire.


IGIHE

Messages

  • kumajambo uvuze nciye ndagukunda bimwe birenzigipimo wombaye hafi ndaguterura mtama wanje urakoze kwayomajambo udushikirije nukur turakengurutse

  • muge mwemera ko mwataye umutwe. muli ibigoryi. uhakana sezibera nkande wa njiji we. no kugira ngo abone uliya mwanya ntaruhare wabigizemo . funga uwo musarani wawe ngo nu munwa.

  • Uyumugabo nubwo umugambwewiwe atariwo urikubutegetsi ariko ariko arakomeza guhagararira igihugu ciwe kunyungu zabanwanyibiwe nizabandibarundi batarimumugambwe wiwe. Iconicokiranga umuntu amazegutahura democratie icarico guhagararira inyungu zigihugu cawe ushobora kubikora nubwowoba urimumugambwe utavugarumwe nuwurikubutegetsi.

  • Jacques arihenda cane kuko muri EAC nta n’umwe atagira aho ahengamiye. Tuvuze ngo abafise aho bahengamiye bataramuke nta n’umwe yosigara. Akarorero U Rwanda birazwi ko bushigikiye Opposition, Tanzania birazwi ko ishigikiye Nkurunziza, Uganda birazwi ko ifitaniye amabanga na Nkurunziza cfr dossier cahiers augandais, Kenya birazwi koyatanguye gushigikira Peter imbere y’uko l’occident ikebura Kenyattan akabona guhesha.
    Muri make nta wutagira aho ahengamiye ariko igikuru ni uko abahuza bofasha amahoro akagaruka ntakindi dushaks, si amazina duhagazeko. Nzi Museveni yarakomoye Alain Nyamitwe mwumva.
    Nibaza ko aba dd batumye Jacques ngo arondere urwitwazo rwo gutoba no kutitaba ibiganiro kuko bazi Jacques akunda kuvuga n’ibitarivyo.
    Ariko murihenda ibiganiro bizoba.

  • Ntanumwe muzigera mwemera,nimugumeko mushake mwanke ibiganiro urusoro ruzobomora.

  • Uburundi bwararamvye, MANA we! mbega yemwe ibigoryi nk’ivyo arivyo biramutswa Uburundi bwacu, twotera imbere gute? Dr Richard SEZIBERA ni Umunyabanga Mukuru wa EAC, rero nta biganiro vyerekeye Uburundi atotumirwamwo! Ahubwo aba DD n’ibindi bigoryi nka Jacques Bigurimana muzove muri EAC ku giti canyu, ariko Uburundi n’Abarundi turi muri EAC

  • ivyo biganiro ni muvyihoze abarundi ubwabo bashoboye gushira ivyabo kumurongo. naho ubundi ni ugutakaza umwanya no guhenda abarundi.

  • ivyo biganiro ni muvyihoze abarundi ubwabo bashoboye gushira ivyabo kumurongo. naho ubundi ni ugutakaza umwanya no guhenda abarundi.

  • uku nukuri turetse na sezibera ntamunyarwanda yarakwiya kuza muribibintu. nurya kaguta ntiyarakwiye kuba umuhuza, kuja gutumira abantu baronderwa nubutungane? we ko harabaroberi murikongo barwanya reta yubuganda uwitwa JF koni , kowe atarabahamagara ngobagiribiganiro? a ibi birababaje.....

  • non nka jaques wew umaz iki? urarek kugenda urabe ko bihagarara arik leonce urabona ko ubutumire yaburo

  • non nka jaques wew umaz iki? urarek kugenda urabe ko bihagarara arik leonce urabona ko ubutumire yaburo

  • Genda Yakobo uri umugabo. Si uwariwe wese ari muri oposition yari kwemera kuvuga ukwo kuri!

  • Bose Nimbwagusa Nibanyare,

  • Umunwa wabarundi nuwakera ntakintu abarundi muzashikako mutagira diploma diplomacy mwirirwa mwica abaturage banyu

  • erega abarundi turakwiye kumenya ko muganga sezibera yahora ari umurozi wa kagame bakiri mwishamba bavuyeyo sezibera yaciye abura akazi kuko ntiyize. baca bamuhindira gusoma urusaku mukarere. rero umukuru wa fnl turamushigikiye 100%

  • NIBA SEZIBERA ARIMO NTANYISHU IZAVA MURI IBI BIGANIRO MWABANTU MWE,AZOJA ARABIVANGAVNGA MBAKA 5ANS ZIHEZE.

  • Abavukanyi canke umugore numugabo iyo bashwenye canke bakanarwana wewe ugifte kubabangurukanya itavyitwayemwo neza ni wewe uhakomerekera. Kwanka ibikorwa umuntu akora nuburenganziza bwumuntu’ . Erega n, umuganga wawe kandi yitwa ko ariwe ashinzwe amagara yawe ushobora kumwanka.harunuwobise ingangiraburiri haraheze imyaka irenga cumi. Harico babivuzeko...

  • CNDD izumva neza impamvu y’ibiganiro rusangi vyabarundi igihe bazoba bageze muma camps yimpunzi bahunze. kdi igihari nuko ubutegetsi bwabo nibuvaho there will be no revise.

    Cheers

  • Ariko Imana yaremye Bigirimana yarataye umwanya basi. Mbega Crispus yaje mu nama za ca kintu mwashiraho ko ataco amuvugako? Abo bantu bafise coefficient d’encephalisation iri munsi y’iy’ibikoko. Mbega aho yavuga ngo " Un chef doit manger et faire manger ses amis " harya niho yerekanye ubushingantahe. Uburundi mu kurwa mw’isanganya bwavutsemwo injavyi nka Jacques Bigirimana. Sezibera ni intwari n’igitutu ciwe kiraruta Jacques Bigirimana. Aciye ubwenge, avugisha ukuri. Ararungika abapolisi bamukubite bamubuze kwinjira munama. Mbega aho Museveni yababarira ko batitorera vyaciye mu gutwi bisohokera mu kundi canke vyasanze azibiye ntivyinjira? Emwe uburundi buracahanzwe!

  • Dr Richard Sezibera ni Secretaire General wa EAC, niba mutamushaka nimusezere muri EAC. Kuvuga ibintu nk’ibi biteye isoni n’agashavu!

  • Komera Bwana Jacques Weho Urazi Ukuri

  • mbe mwambwira uyu mugabo yarize? erega Richard sezibera niwe kizigenza muri EAC. ngira ntimuzi ico arico, wewe wokwimira umugabo murwiwe? muteye ikigongwebasha.

  • Ese Reta ko itagomba kuganira na CNRED mwombarira hari indi opposition? canke igomba iganire na Jacques Bigirimana(opposant)? Ayo mananiza yaba DD ntibihende ko amakungu atayabona, barayamaze ngo utazi ubwenge ashima ubwiwe.

  • Iyo Njavyi!Nkaho Kavuz Iki?Ahbwo Mwibaz Ko Muzomar Imyaka Ijana Mutwar?Muribesha!Nanone Wow Ushats Woreka Guta Akanwa!Ufuse Inteb Zingahe Mu Gouvernement?

  • Cheers aratwengeje kweri! ngo CNDD izemera ibiganiro bageze mu makambi y’impunzi! Mana dusenga, uri umurundi canke umunyamahanga? Nibaza ko utavuze CNDD-FDD! Naho woba wavuze CNDD-FDD, nagira ndakumenyeshe ko ubuhungiro butadutera ubwoba, twabubayemwo kandi n’ibwo bwatugize ico turi. 1965, 1972, 1988, 1991, 1993, 1994, 1994 mwaratwishe abasigaye turahunga; none vyoba bikidutera ubwoba? Igihugu tuzokwigwanira tukigwemwo kuko twaragitashe. Ubu hageze namwe muhunga nimba hari ico mwiyagiriza!

  • kutavuga abarundi bicwa mugihugu ni richard sezibera ariko arabica?sha jacq bigirimana niwinywere akayika otb niko waharaniye kundayawe ntamurundi uharanira wewe turakuzi kwizarikwishe

  • Uwo ntawokwirirwa arata umwanya wiwe avuga kuvyamateshwa yiwe ,murundi inda yara musumvye avugira uwumuhaye ico arya

  • Uwo ntawokwirirwa arata umwanya wiwe avuga kuvyamateshwa yiwe ,murundi inda yara musumvye avugira uwumuhaye ico arya

  • Mu kirindi bavuga bati Urupfu n impfane birajana
    Mbega murumva ivyo Jacque Bigirimana avuga Jewe ndavyita IBITERASONI
    Dr Sezibera niwe ahagarariye EAC ubu relo vyabanaye kutunganya ivy Igihugu canyu aribwo Burundi none mugira mugwane na EAC Uwo Jacque Bigirimana
    arerekanye aho ubwenge bwiwe bugera ashaka kuta mu rudubi abarundi

  • naho nakagendeye kweli sindabona ubwenge kweli uri umuplombier nagira nu kugutyoza ko wize plomberi nivyo

  • Mbega uyu Bigirimana ibi ariko aravuga yiy’ addressing kuri leta y’u Burundi! None uburundi dufise Leta. Mbere yociye avuga ngo aba rebellion twese tuje mubiganiro aho nari kumwumva kuko Nkurunziza is not our president ni terrorist , we are like hostages , none ninde wamutoye kiriya kijuju? Dr Richard arasobanutse cane gwose azovyitabe cane kdi agire nijambo rifatika ivyemezo nkuyobora East africa, kandi muvyemezo bazofata bazoshiremo nibihano kumakosa yakorewe! Naho ivyo kugira experience mubuhunzi we don’t care, all we want is to live peaceful without CNDD , without imipanga yaba DD kandi niyo twoja kuri front line murabizi ko twabatsinze ibihe vyose ! Mbega ubundi mwategetse he handi ? Muje huhinga nivyo muzi
    Sindumuja

    Cheers

  • Ubundi ni he wabonye inka ikamigwa amata ku mbwa so sad

    Cheers

  • Aho ngo yatoye ubwenge bwo gusigura igituma bataja mu biganiro. UN’umwana arazi yuko ari ukubera ubwoba, ukutagira ijambo imbere y’abashingantahe. Ubu rero ikibazo cabaye Urwanda na Sezibera? Birababaje kubona abantu bafise ce niveau de raisonnement aribo bashikana amajwi kure.

  • Mbegasha wewe wanditse mwizina ryanje ryitwa’ None? Ntasoni bigutera kurikoresha mukwubahuka kuvuga ukowishakiye uyumunyacubahiro J Bigirimana?

  • SEZIBERA n,umwana ataramubona aramuzi.ntaco yofasha abarundi kuko nawe ari mubatagombako u Burundi bubaho neza.yatanguye kuva kera guhengama.nabandanye ahengamiye iyo yamye.naho yogenda amenyeko atantererano yiwe abarundi bakeneye.

  • vyiza ntitugikeneye amajambo atabihaye birahinduka mugihugu mbe tuzoheza kuganira ryari ni munyishure bantu bimana

  • sha mwabarundimwe murambabaje ubwo bwicanyi mukora muzabubazwa mbega abayobozi !!!!!!!!!! ntaho mutandukaniye na let yabatabazi.

  • Imana niy yonyen yogutabr twes duhaguruk dusenger igihug cac

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.