IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Tennis > Juan Martin Del Potro yarungitse muhira Rafaël Nadal

Juan Martin Del Potro yarungitse muhira Rafaël Nadal

samedi 12 Gitugutu 2013

Mu gice ca kabiri gishira i canyuma c’ihiganwa rya Tennis, Masters 1000, ry’i Shangaï, Juan Martin Del Potro yatsinze Rafaël Nadal. Nadal, nimero 1 muri Tennis akaba yaciye ava muri iryo higanwa. Nadal ntagikinye urukino rwa nyuma rwomuhuje na Novak Djokovic.

JPEG - 24.6 ko
Juan Martin Del Potro

Kuri uyu wa gatandatu, mu rukino rw’igice ca kabiri gishira i canyuma c’ihiganwa rya tennis, Masters 1000 ry’i Shangaï, Juan Martin Del Potro akomoka muri Agrentine yahuye n’uwukomoka muri Espagne, Rafaël Nadal . Urwo rukino, Del Potro akaba yarushije biboneka umukinyi Nadal. Del Potro yatsinzi Nadal ku manota 6 kuri 2 mu gice ca mbere hamwe n’6 kuri 4 mu gice ca kabiri c’urukino. Gutyo rero, Rafaël Nadal yaciye ava mw’ihiganwa mu gihe kw’iyinga riheze yari yasubiye kw’isonga ry’abakinyi ba tennis kw’isi.

Rafaël Nadal yari yiteguriye gukina urukino rwa nyuma rw’ihiganwa rugira urw 4 rw’uyu mwaka. Yari guhura na Novak Djokovic, agira 2 ku rutnde rw’abakinyi ba tennis kw’isi. Urukino rwari rwitezwe n’abantu benshi cane. Ariko Juan Martin Del Porto akaba yarungitse vyiza vy’abantu umukinyi Nadal. Gutyo, Del Porto akaba azohura ku munsi w’Imana na Djokovic mu rukino rwa nyuma rw’ihiganwa Masters 1000 ry’i Shangaï.

JPEG - 57.7 ko
Juan Martin Del Potro

Juan Martin Del Potro akomoka muri Argentine amaze gutwara igikombe c’ihiganwa rya Tennis ryo muri Leta Zunzubumwe z’Amerika “US Open 2009”. Ku rutonde w’abakinyi bakomeye kw’isi mu rukino rwa tennis akaba ari mu kibanza ca 5. Uyu mwaka, Del Potro abaye umukinyi wakabiri ashoboye gutsinda Rafaël Nadal, inyuma ya Steves Darcis yamutsinze mw’ihiganwa Wimbledon ryo mu Bwongereza. Urukino rwa nyuma Del Potro agiye gukina rukaba ruzoba rubaye urwa 2 rw’ihiganwa ry’i Shangaï akinye kuva aba umukinyi wa tennis.


INGABIRE Luc-Noel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.