Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Juba : Abacungera inzego bacanyemwo
Juba : Abacungera inzego bacanyemwo
samedi 9 Mukakaro 2016, par
Amakuru ava mu gisagara ca Juba avuga ko intambara zabandanije mw’ijoro ryo kuri uwu gatanu gushika mu masaha ya kare mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu. Ico gisagara ciriwe kimeze nk’icugarijwe.
Hari amakuru yandi avuga ko ibiziga vyinshi vyajanywe mu buruhukiro bw’ibitaro, ubu ubwo buruhukiro bukaba busa n’ubwuzuye.
BBC ivuga ko intambara hagati y’ishami ry’abashigikiye umukuru w’igihugu Salva Kiir n’uwahoze ari icegera ciwe Riek Machar, zatanguye ku munsi wa kane.
Abacungereye abo bategetsi bahindukiraniyeko inyuma y’umubonano hagati y’abategetsi babo, Salva Kiir na Riek Machar, ku ngoro y’umukuru w’igihugu ku munsi wa gatanu.

Urwamo rw’amasasu hagati y’abo basirikare rwumvikanye nk’igihe c’iminota 30, mu nyuma humvikana inkoho zikomakomeye cane zakurikiwe navya muzinga hirya no hino mu gisagara.
Izo mpande zompi zafasha ibirindiro mu kwezi kwa kane, hamaze kuba amasezerano y’amahoro, ari nayo yari yatumye Riek Machar agaruka mu gihugu.
Tubamenyeshe ko Sudani y’epfo yibuka imyaka itanu imaze yikukiye, ariko nta birori vyabaye, ariko ivyo bishobora kuba vyaturutse ku mpamvu zo kuziganya amafaranga.
IGIHE
Messages
9 Mukakaro 2016, 17:23, par INTAGOHEKA
RES AFRICAIN NIMUHUMUKE MUBEMASO KANATSINDA NTANUNYAMAHANGA AZOBUBAKIRA IGIHUGUCANYU MUMERE NKAMUTAMA NKURUNZIZA MUHUMURE ABOBAZUNGU BABACANISHAMWO NUGUSHAKA KUBIBA IVYOBITORO TWEBWE MUBURUNDI ABAZUNGU TWARABIKUYEKO KANATSINDA INKONA NTIYARUZWA KIRAZIRA
9 Mukakaro 2016, 17:55, par Wapi
Ah les esclaves noirs.exterminez-vous.
9 Mukakaro 2016, 19:19, par maxime
imana yatuzigamye ubu turi mugahengwe igisagara kiratekanye twizeye kwejo ubuzima busubira kubandanya
kuko amakuru dufise nuko nubu bakirimunama bumvikana
ukuntu bosubizanya imbohe
9 Mukakaro 2016, 21:04, par bicakira
Abarundi nibaje kafasha
10 Mukakaro 2016, 01:04, par K
Ntabintu vyabayevyiza nkomu Burundi ahabantu baribasanzwe bamaze imyaka nimyaniko bahanganye ariko bose bagahitamwo kurekaguhangana bakiyemeza ahubwo gufatikanya kubungabunga umutekano wigihugu cabo nawashatse kubatobera Kagame afatikanije na Louis Michele womu Bubiligi baramwankiye maze baraheza batwereka ukwingene urusato rwintama rwambarwa.
Jewe rero mbona abasirikare bu Burundi baribakwiye guhabwa izina ryabantu badasanzwe mbese kw’Isi yose bakabishira mubitabovyabo bikomakomeye nimunshire bakazabaravyigisha bavugako abasirikare bomurwegorwohejuru kw’Isi yose atibari mugihugu cu Burundi (Burundian highest Armies in World )
10 Mukakaro 2016, 10:01, par MISAGO MICHERI
ABASODANAMWE MENYAKOMURABANTU NONE KOMWICANYE ABOMUGWANIRABAKOMEYE MWUNGUTSIKI NIBAZEBABAHENDA ZAMWIYIMA ABABATERANYA
10 Mukakaro 2016, 13:48, par MUYAHUDI
NAKAMARAMAZA! EREGA GUSUBIRANAMWO HAGATI YABISI NTIBIZOHERA MPAKA ISIYUBAMY NIHOTUZOBONAKO IVYOTWAKORA MWISI KOVYARI BIBI!
10 Mukakaro 2016, 15:57, par NIZEYIMANA
KWISI.NIKOBIMEZE