Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Juba : Abacungera inzego bacanyemwo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Juba : Abacungera inzego bacanyemwo

Juba : Abacungera inzego bacanyemwo

samedi 9 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Amakuru ava mu gisagara ca Juba avuga ko intambara zabandanije mw’ijoro ryo kuri uwu gatanu gushika mu masaha ya kare mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu. Ico gisagara ciriwe kimeze nk’icugarijwe.

Hari amakuru yandi avuga ko ibiziga vyinshi vyajanywe mu buruhukiro bw’ibitaro, ubu ubwo buruhukiro bukaba busa n’ubwuzuye.

BBC ivuga ko intambara hagati y’ishami ry’abashigikiye umukuru w’igihugu Salva Kiir n’uwahoze ari icegera ciwe Riek Machar, zatanguye ku munsi wa kane.

Abacungereye abo bategetsi bahindukiraniyeko inyuma y’umubonano hagati y’abategetsi babo, Salva Kiir na Riek Machar, ku ngoro y’umukuru w’igihugu ku munsi wa gatanu.

Urwamo rw’amasasu hagati y’abo basirikare rwumvikanye nk’igihe c’iminota 30, mu nyuma humvikana inkoho zikomakomeye cane zakurikiwe navya muzinga hirya no hino mu gisagara.

Izo mpande zompi zafasha ibirindiro mu kwezi kwa kane, hamaze kuba amasezerano y’amahoro, ari nayo yari yatumye Riek Machar agaruka mu gihugu.

Tubamenyeshe ko Sudani y’epfo yibuka imyaka itanu imaze yikukiye, ariko nta birori vyabaye, ariko ivyo bishobora kuba vyaturutse ku mpamvu zo kuziganya amafaranga.


IGIHE

Messages

  • RES AFRICAIN NIMUHUMUKE MUBEMASO KANATSINDA NTANUNYAMAHANGA AZOBUBAKIRA IGIHUGUCANYU MUMERE NKAMUTAMA NKURUNZIZA MUHUMURE ABOBAZUNGU BABACANISHAMWO NUGUSHAKA KUBIBA IVYOBITORO TWEBWE MUBURUNDI ABAZUNGU TWARABIKUYEKO KANATSINDA INKONA NTIYARUZWA KIRAZIRA

  • Ah les esclaves noirs.exterminez-vous.

  • imana yatuzigamye ubu turi mugahengwe igisagara kiratekanye twizeye kwejo ubuzima busubira kubandanya
    kuko amakuru dufise nuko nubu bakirimunama bumvikana
    ukuntu bosubizanya imbohe

  • Abarundi nibaje kafasha

  • Ntabintu vyabayevyiza nkomu Burundi ahabantu baribasanzwe bamaze imyaka nimyaniko bahanganye ariko bose bagahitamwo kurekaguhangana bakiyemeza ahubwo gufatikanya kubungabunga umutekano wigihugu cabo nawashatse kubatobera Kagame afatikanije na Louis Michele womu Bubiligi baramwankiye maze baraheza batwereka ukwingene urusato rwintama rwambarwa.
    Jewe rero mbona abasirikare bu Burundi baribakwiye guhabwa izina ryabantu badasanzwe mbese kw’Isi yose bakabishira mubitabovyabo bikomakomeye nimunshire bakazabaravyigisha bavugako abasirikare bomurwegorwohejuru kw’Isi yose atibari mugihugu cu Burundi (Burundian highest Armies in World )

  • ABASODANAMWE MENYAKOMURABANTU NONE KOMWICANYE ABOMUGWANIRABAKOMEYE MWUNGUTSIKI NIBAZEBABAHENDA ZAMWIYIMA ABABATERANYA

  • NAKAMARAMAZA! EREGA GUSUBIRANAMWO HAGATI YABISI NTIBIZOHERA MPAKA ISIYUBAMY NIHOTUZOBONAKO IVYOTWAKORA MWISI KOVYARI BIBI!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.