IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Juma MASUDI abarizwa muri Rayon Sports

Juma MASUDI abarizwa muri Rayon Sports

mercredi 2 Kigarama 2015, par egide

Juma Masudi yahoze ari umusatirizi wa Prince Louis, Inter Stars hamwe n’umurwi nserukiragihugu INTAMBA MU RUGAMBA, yahawe kuba icegera c’umumenyereza wa Rayon Sports, umurwi asanzwe yarakinyemwo mu mwaka w’2003.

Kuva mu mwaka w’2003 gushika mu 2009, Juma Masudi, umurundi w’imyaka ubu igera kuri 40, yakiniye imirwi itandukanye yo mu Rwanda, harimwo na Rayon Sports, ubu akaba agiye icegera c’umumenyereza c’uwo murwi, mu myaka ibiri yahawe mu masezerano yagiranye n’uwo murwi.

JPEG - 36.6 ko
Juma Masudi agiye gufashanya n’Umubirigi Ivan Jacky Minnaert asanzwe ariwe amenyereza Rayon Sports.

Olivier GAKWAYA, umunyamabanga wa Rayon Sports yagize ati : «Nibyo yamaze gusinya imyaka ibiri muri Rayon Sports kandi twizera ko azadufasha byinshi.»

Juma Masudi agiye gufashanya n’Umubirigi Ivan Jacky Minnaert asanzwe ariwe amenyereza Rayon Sports.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.