Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Amashuri
Kaminuza y’Uburundi : Abanyeshure barindiriye isango batahawe
Yanditswe taliki ya 9-02-2016 - isaha 11:39' na IGIHE

Abanyeshure bo kuri Kaminuza y’Uburundi basabwe kwihangana mu bijanye n’agafashanyo (Bourse) bahora baronswa na Reta y’Uburundi. Abo banyeshure babwiwe ko ako gafashanyo nikaboneka bazobimenyeshwa.

Mu gihe abanyeshure ba kaminuza y’Uburundi bahora baronswa ako gafashanyo mu ntango z’ukwezi, imbere y’igenekerezo rya munani, baheruka kuronswa urwandiko rubasaba kwihangana bakarindira, kuko Reta iri mu bibazo vy’ubukene.

Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bakamenyesha ko bitangaje kwumva ko ingaruka z’ubukene bwa Reta zotangura kwibonekeza ku banyeshure basanzwe ata yandi mikoro bari bafise.
Nk’uko bivugwa n’abo banyeshure, urwandiko rwasohowe n’uwurongoye ibigo vya kaminuza rubasaba kurindira badahawe isango, rwatumye batakaza icizere, bakavuga ko batabona ingene bagiye kubaho mu kurindira ko ako gafashanyo bakaronswa.

Ukwo kuba batarahabwa agafashanyo bije bikurikira ingingo abanyeshure ba kaminuza y’Uburundi baheruka gufatitwa kuva kw’igenekerezo rya mbere Ruhuhuma, yo kudasubira guhabwa icayi co mu gatondo.
Mu buyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi (Régie des Oeuvres Universitaires) basiguye ko iyo ngingo y’ugukuraho icayi co mu gatondo yatewe n’iduga ry’ibiciro vy’imfungurwa kw’isoko, bakavuga ko batoshobora kugabura gatatu ku munsi, ari naco gituma bakuyeho ico cayi kugira abanyeshure bashobore kugaburirwa neza imfungurwa z’isaha zitandatu n’izo mw’ijoro.

Ivyiyumviro vyanyu

ukwo mbumva leta yokwiyaranja kuko nkabari mundaro ntakwo bobigira rero sibo kweli kubita inzu ibipfunsi

7.05.2016 à 20:28
Havyarimana Ernest

NON uwoniwo Muti Batoye Emweeee Ahoho ,hama Naho Uzoza Wamva Ngotaha ,ahubwo Namabanga.

7.04.2016 à 06:22
MUGISHA

Ntibibaho Ko Leta Yobura Agafashanyo Kabanyeshure’’ !Nibabahe Nyabuna.Murakoze.

3.03.2016 à 11:28
Elie Irankunda

NIBAREKE AMATORA NIYO AFISE URUHARA MUKUBA UMUKURU W"IGIHUGU MURI DEMOKARASI.

17.02.2016 à 22:06
MPFAYOKURERA Tharcisse

NIBAYABIME NAKARE NIBO BENSHI MURIBO NYANDURUKO YAKAGUMA KABAYE MUMAKARITIYD ARIKURUSHI MUGISAGARA CABUJUNBURA SIBOSE NICHAKURE ICIGWA BAREKE GUHENDWA NABASINDUMUJA BADAFISACNYWANYI NTIBAZOPFA BATWAYE GUKO ABENEGIHUGU NIBO BATANGUBUTEGETSI TWARATOYE ABABIKWIYE BARIKUKIVI

13.02.2016 à 13:36
EMANWEL

nihatari uwuravye abon vyishi non kobabatse vyos nibihangan turab iyo bizoherer

10.02.2016 à 17:19
faustin

Egoo.Nibindi Biri Inyuma Abanyeshure Ntibagihuza Ubukene Buhera Kuribo.Baratandukanijwe Pe.

10.02.2016 à 12:19
Ntibahuza

Ariko abanyeshuri buburundi kobagomba kwama kuvyagusa kuki botokwigira nokubindi bihugu bibanyi aho icitwa Ngo nifashanyo cakuweho kuva kera kandi abanyeshuri baguma biga simbona rero icobuza uwukeneye kwiga ngonukubera agafashanyo erega sakazi mubamwahawe ngomuhebwe imishara........!

10.02.2016 à 05:07
Akana

Murihagana Ivyuburundi Ninda Nje Mwihagane Arikonda Nzikobitoroshe ubu Harubukene Bwishi Pore San

9.02.2016 à 20:16
Humura Burundi

ngaka rro akagiy kunyura !ibiciro vyaduz ark ntibibuk abar mur karitiye ukunt babayeho !bakuyeho akay nibugar rero ama restaura murumv natw ntawucana mur quartier !ak nakarenganyo !nn gayemw amahra ark ajah emw zigiy zavuga !!turahumiw

9.02.2016 à 13:23
mananzima

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.