Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Karuzi :Ubutare bwa Nickel bugiye gutangura kwimbwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Karuzi :Ubutare bwa Nickel bugiye gutangura kwimbwa

Karuzi :Ubutare bwa Nickel bugiye gutangura kwimbwa

vendredi 28 Ntwarante 2014

Uruhusha rwo gucukura ubutare bwa Nickel mu ntara ya Karuzi komine ya Nyabikere rwaramaze gusohoka, ndetse ibikorwa vyo ku bwimba bikaba bigiye n’ugutangura, aho iterambere ry’iyo ntara rigiye kwisununura gusumba.

Ibikorwa vyo gucukura ubwo butare bikazotuma ubutunzi bw’iyo ntara bwiyongera mu gihe yasa n’iyari yarahebwe haraciye imyaka itari mike. Ivyo bikorwa vyo gucukura ubutare bikazotuma umunyagihugu wo mu ntara ya Karuzi n’abo muzindi ntara bahatorera akoyokwe, narirya abanyagihugu atari bake, bazoharonkera ubuzi. Ubwo butare bwa Nickel bumaze kwimbwa, bivurwa ko buzoca buhingurirwa aho nyene muri komine Nyabikere. Anabarabara ya Kijambere nk’ay’indarayi hamwe n’amahinguriro, eka n’umuyagankuba bikaba bishobora kuzoca biboneka muri iyo komine.

Ariko rero mukamenya ko iyo ntara ya Karuzi naho iriko iratera imbere, mu gisata c’indero ho bikigoranye kuko abanyeshure baheba amashure bakiri benshi. Ivyo bikagaragara ku biharuro vyerekana ko mu mwaka w’ishure urangiye, abana bagera ku bihumbi bine n’amajana atandatu na batatu aribo bahevye amashure. Naho buramatari w’iyo ntara ya Karuzi Richard Nzokizwanimana rero ashimishwa n’iyo ntambwe iyo ntara iriko iragerako, abavyeyi n’abanyeshure bakaba bahamagarirwa kumenya ko ishure ari ngirakamaro, kandi intara yabo itazogera kw’iterambere nyaryo batagira incabwenge.


Aristide Nizigire

Messages

  • Jeho mbona ivyo vyose ari ivyipfuzo kugira tube turaryohera amatwi gusa kuko nta na kimwe kiriko kirakorwa kugira bishike;mbe munyumvira imwe y’i Musongati yoyo igeze he?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.