Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Abasirikare karuhariwe bo mu gihugu ca Israel binjiye gutabara muri (...)
Kenya : Abasirikare karuhariwe bo mu gihugu ca Israel binjiye gutabara muri Westgate
lundi 23 Nyakanga 2013
Abasirikare ba karuhariwe bo mu gihugu ca Israel baja bamaze kwinjira muri ya nyubakwa y’ubudandaji Westgate, kugira bashobore gukiza abafashwe n’intagondwa za al shebab. Muri abo bantu rero bafashwe hakaba harimwo abanyakenya ndetse n’abandi banyamahanga.
Kuri uyu w’Imana, igisirikare karuhariwe co mu gihugu ca Israel niho cinjira muri iyo nyubakwa iri mu gisagara ca Nairobi, kugira abarwaye n’abandi bose bafashwe ingwati n’umukomanda wo mu murwi wa al shebab bashobore kurekurwa nk’uko bimenyeshwa n’itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP. Muri iki gihe, imbere y’iyo nyubakwa hakaba hari imiduga myinshi ya rusehabaniha kugira abashoboye gusohoka, bace batwarwa kwa muganga.

Kuva ku munsi wa gatandatu inyuma y’umutaga, hari imirwano muri iyo nyubakwa hagati y’abasirikare b’igihugu ca Kenya n’izo ntagondwa, hakaba hoba hamaze kwitaba Imana abantu bagera kuri 59, muri bo harimwo umufaransakazi n’umwigeme wiwe co kimwe na Kofi Awoonor umwanditsi w’ibitabu rurangiranwa avuka mu gihugu ca Ghana. Abanyamerika, abongereza, n’abanyaburaya batari bake bakaba bakomerekeye muri iyo nyubakwa. Ubutegetsi bwo mu gihugu ca Kenya bukaba buvuga ko hoba hakomeretse abashika 179.

Bamwe mu barokotse muri iyo nyubakwa n’ubu aho bari barababaye kuko, ivyo babonye kuri uyu wa gatandatu bavuga ko wamenga n’umukino w’ireresi. Umwe mu barokotse, Zipporah Wanjiru avuga ko izo ntagondwa zarashe, zibasukamwo urudavagi rw’amasasu atari make, avanzemwo n’amagrenade. Izo ntagondwa zikaba zarasa mu bikombe vy’icayi, ku mameza, barasa intebe ariko bakaba batumbereza cane cane mu bantu. Benshi bakaba baciye binyegeza munsi y’imeza bakira ukwo. Iyo nyubakwa rero y’ubudandaji, ikaba ikundwa cane n’abanyamahanga baza kuhasumira ivyo gukoresha mu gihe c’impera y’iyinga. Muri abo, twovuga nk’abakozi bo mu buserukizi bw’ibindi bihugu, ingenzi ziba zigira zije gufata indege, abantu bifise baja kuhafatira agakawa,n’abandi.
Muri iki gihe, ibihugu bitari bike biramaze guhoza abanyakenya bahuye n’ivyo vyago vy’intagondwa.


Aristide Nizigire
Messages
24 Nyakanga 2013, 03:45, par Nduwimana dieudonne
Nukuri ndababaye cane kubona bica abantu ataco bazira,ariko biraboneka kobazize reta ya kenya yarungitse igisirikare muri somari,ndasavye reta iyariyoyose yarungitse igisirikare,muri somari koyofasha,koyofasha somari,itibagiye abantu bayo mukubacungera umutekano pore sana ndahojeje ababuze ababo
umutekano
22 Nzero 2017, 21:48, par rukundo
rukundo.jeandodieu
22 Nzero 2017, 21:50, par rukundo
rukundo.jeandodieu