Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Mombassa yiriwemwo akajagari
Kenya : Mombassa yiriwemwo akajagari
vendredi 4 Gitugutu 2013
Abantu bitwaje ibirwanisho bari mu muduga, bishe abantu bane barimwo umwe mu bakuru b’idini rya Islam mu gisagara ca Mombasa muri Kenya, nk’uko bimenyeshwa n’igipolisi.
Sheikh Ibrahim Ismail yafatwa nk’umusubirizi wa Aboud Mohammed, yishwe mu mwaka w’2012, nawe nyene akaba yagandaguwe nka Sheikh. Igandagurwa ry’uyo mukuru mw’idini rya Islam Sheikh Ibrahim Ismail ku munsi wa kane igenekerezo rya 3 Gitugutu, bivurwa ko yoba yarashigikiye intagondwa za al shebab bo mu gihugu ca Somaliya, ndetse bikaba vyavurwa cane ko boba bari basanzwe bafitaniye imigenderanire myiza, mu gihe izo ntagondwa nyene zaheruka kwiha inkumbi mu gisagara ca Nairobi, aho bagandaguye abantu batari mu nsi ya 67. Ivyo bikaba binurwanurwa ko ari navyo yoba azize, ivy’imigenderanire myiza yoba yarafitaniye n’izo ntagondwa.

Ubu rero hakaba hari imyiyerekano mu gisagara ca Mombassa, aho abariko barigaragamvya bagiriza inzego zishinzwe umutekano kuba arizo zagandaguye abo bantu bose ukwo ari bane, harimwo uyo mukuru mw’idini rya Islam. Muri iyo myigaragamvyo kandi, bivurwa ko amasengero yaturiwe inyuma y’amasengesho y’abasiramu. Inyuma y’akanya gato , igipolisi kikaba caciye gikoresha inguvu, ndetse gisuka imyuka yokera abari mu myirekano, gurtyo abari mu myiyerekano ntibabandanya kwonona ibintu.
Sheikh Ibrahim Omar akaba yarasanzwe asengeshereza mu musigiti witwa Masjid Musa, uwo nawo ukaba usengeramwo intangondwa zo mu muhari al shebab, hamwe n’abandi basiramu b’intagondwa. Sheikh rero, ubu akaba yari mu bantu bafatiwe ibihano n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ndetse na Leta zunzubumwe za Amerika yagirizwa kuba akorana n’intagondwa za al shebab zisanzwe zifashanya na al qaid , eka kandi kuba ariwe azegeraniriza imfashanyo.
Aristide Nizigire
Messages
4 Gitugutu 2013, 12:53, par ntirabampa p claver
uko ndabibona ndiyunvira ko kubayishwe hagiye kuba uruhagarara murikenya 1 aba isilam bazobona ko barenganywa 2 nkukwi gi polisi cakoresheje inguvu nyishi ndabonako ukwidoga kuzobakwishi ariko kunvo zumutekano ndabona kurijewe bakoze igikorwa ciza