IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Kidumu asabwa n’umukuru w’igihugu Kagame gusubira guteramisha (...)

Kidumu asabwa n’umukuru w’igihugu Kagame gusubira guteramisha Abanyarwanda

mercredi 13 Munyonyo 2013

Abantu benshi baratangajwe no kwumva umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame ubwiwe yishura abamwandikira ku rubuga rwa Twitter. Umuririmvyi w’Umurundi, Kidumu aherutse kumwandikira amubwira ko amukunda. Kagame aca amwishura amubaza iyo yagiye, n’igituma atagiteramisha cane Abanyarwanda nk’uko yahora abikora mu minsi iheze.

Ku rubuga rwa Twitter, Kidumu yanditse kw’igenekerezo rya 10 Munyonyo 2013 agira ati : « Nyakwubahwa Mukuru w’igihugu c’Urwanda, jewe ndakwemera. Urakagira amahoro n’imigisha yose Imana itanga hano kw’isi no mw’ ijuru."

Inyuma y’amasaha make gusa, umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame yamwishuye ati : "Urakoze cyane, ariko waburiye he ko ntakikubona iwacu hano mu Rwanda? Naho ni iwanyu !!! Ugire ubuzima bwiza !

Ngiki ikiyago umuririmvyi w’umurundi Kidumu yagiranye n’umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame

Kidum ni umuririmvyi ukunzwe na benshi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko. Mu minsi yahera yarakunda kugirira ibiteramo vyinshi mu Rwanda. Ariko ubu vyaragabanutse naho aherutse kuboneka mw’ ihiganwa rya Primus « Guma Guma Super Star III » ryabereye mu Rwanda, aho yari yatumiwe nk’uwuremesha iryo higanwa.

Kidum akorera umuziki wiwe mu gihugu ca Kenya. Nk’uko yabibwiye ikinyamakuru co mu Rwanda”inyaRwanda”, yavuze ko afise umunezero kuko ari ubwa mbere yandikiye umuntu w’umutegetsi nk’umukuru w’Igihugu akamusubiza biciye mu buryo bw’ingurukanabumenyi. Naho biruko, nta nyishu itomoye Kidum yahaye umukuru w’ighugu c’Urwanda Paul Kagame kuko ntiyemeye canke ngo ahakane ko agiye gusubira guteramisha Abanyarwanda. Tubibutseko Kidum yaramaze iminsi afise ingorane zo mu muhogo.


Chérif Nkeshimna

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.