Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Kidumu asabwa n’umukuru w’igihugu Kagame gusubira guteramisha (...)
Kidumu asabwa n’umukuru w’igihugu Kagame gusubira guteramisha Abanyarwanda
mercredi 13 Munyonyo 2013
Abantu benshi baratangajwe no kwumva umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame ubwiwe yishura abamwandikira ku rubuga rwa Twitter. Umuririmvyi w’Umurundi, Kidumu aherutse kumwandikira amubwira ko amukunda. Kagame aca amwishura amubaza iyo yagiye, n’igituma atagiteramisha cane Abanyarwanda nk’uko yahora abikora mu minsi iheze.
Ku rubuga rwa Twitter, Kidumu yanditse kw’igenekerezo rya 10 Munyonyo 2013 agira ati : « Nyakwubahwa Mukuru w’igihugu c’Urwanda, jewe ndakwemera. Urakagira amahoro n’imigisha yose Imana itanga hano kw’isi no mw’ ijuru."
Inyuma y’amasaha make gusa, umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame yamwishuye ati : "Urakoze cyane, ariko waburiye he ko ntakikubona iwacu hano mu Rwanda? Naho ni iwanyu !!! Ugire ubuzima bwiza !
Ngiki ikiyago umuririmvyi w’umurundi Kidumu yagiranye n’umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame

Kidum ni umuririmvyi ukunzwe na benshi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko. Mu minsi yahera yarakunda kugirira ibiteramo vyinshi mu Rwanda. Ariko ubu vyaragabanutse naho aherutse kuboneka mw’ ihiganwa rya Primus « Guma Guma Super Star III » ryabereye mu Rwanda, aho yari yatumiwe nk’uwuremesha iryo higanwa.
Kidum akorera umuziki wiwe mu gihugu ca Kenya. Nk’uko yabibwiye ikinyamakuru co mu Rwanda”inyaRwanda”, yavuze ko afise umunezero kuko ari ubwa mbere yandikiye umuntu w’umutegetsi nk’umukuru w’Igihugu akamusubiza biciye mu buryo bw’ingurukanabumenyi. Naho biruko, nta nyishu itomoye Kidum yahaye umukuru w’ighugu c’Urwanda Paul Kagame kuko ntiyemeye canke ngo ahakane ko agiye gusubira guteramisha Abanyarwanda. Tubibutseko Kidum yaramaze iminsi afise ingorane zo mu muhogo.
Chérif Nkeshimna
Messages
13 Munyonyo 2013, 22:50, par Gerard Cazottes
Mwene mama Nimbona Jean Pierre alias Kidum Kibido, "ushaka urupfu asoma ingwe". Ni utaba uzi ko carriere yawe d’etre musicien ihakwa guhera, urabaza Kengo wa Dondo na Koffi Olomide leurs relations avec le peuple congolais et n’abakomoka muri aka karere k’Ibiyaga Bigari/Region des Grands-Lacs en general. Urakuze kandi ntiwari ubuze urukundiro.
14 Munyonyo 2013, 09:42, par che
Gerard, nimba ubona le mal partout c’est dommage kuko tu seras tjrs terrifié et par consequent limité! Quant à Kidumu je l’encourage!
12 Ntwarante 2014, 09:15, par SAMUSURE POROTAZI
Jewe mbona ko arya ari amacyo y’inda ya KIDUMU
12 Ntwarante 2014, 09:15, par SAMUSURE POROTAZI
Jewe mbona ko arya ari amacyo y’inda ya KIDUMU
2 Rusama 2015, 16:01, par Tuyisabe noel
kidumu yararushesiwe kandirero aratimba
12 Mukakaro 2015, 11:55, par NKURUNZIZA DAVID
ri kidumu gusa abarundi benshi turakunda nyakubahwa paul kagame.afitiye akamaro kanini abarundi.raba kuba yaremeye kwakira impunzi zuburundi.ni ntwari.
22 Myandagaro 2015, 16:17, par FABRICE NTAKARUTIMANA
JEWE KIDUMU NDAMUKE AKWIYE KUBERA AKARORERO KEZA ABANDI BAHANZI AKORA IBIKORINKA NARAMBE KUMWUGA.
22 Nyakanga 2015, 19:57, par kidumu
indir mboziwenazikunda80-0
22 Nyakanga 2015, 19:58, par kidumu
indir mboziwenazikunda80-0
10 Munyonyo 2015, 20:40, par NdagukundaFabijey
Kidumu N,Igihangange. Abarundi Bose Baramukunda. Turamushimiye Kwiteka Ateza Igihugu Ciwe. Cacu Uburundi. Kuba Yaravuganye N,Umukuri Wigihugu Curwanda Paul Kagame. Tuvyakiriye Nkigitangaza. Tukaba Tumukeje Kwiryoteka Yatewe. Imana Imuhe Kuramba No Kuguma Atera Imbera Mumuziki. Ubu Arongoye Uburundi Ndamwipfurije Kurongora Na Africa Mumuziki. Ndakunda Indirimbo Yiwe Yitwa <<Mapenzi Unatokawapi>> Muramvya - Rutegama Munyinya Fabrice
19 Munyonyo 2015, 16:05, par NDAYISHIMIYE PHILIPP
NAMBER ONE KIDUMU.BURUNDI
21 Nzero 2016, 04:47, par 79164127
KOMERA.IMANA.IMBERE
2 Rusama 2016, 21:13, par Ndayishimiye Jclaude
Jewe,ubwanjenunviseko.Umurundimwenewacu,atewe,iteka,numukuruwigihugununva,arimigisha,natweturamukunda,nahotutamubo,njenavutsenunva,indirimboze,ntawenzindakeneyekumubona,kabisa
17 Rusama 2016, 14:01, par Eliezel Kazungu Nduwayezu
Natw Turakunda Nkurunziza Mbr Na Paul Mb Kwisi Wokwankana?
2 Mukakaro 2016, 20:20, par MBANZABUGABO Japhet
NANGYENDAMUKUNDA.
4 Nyakanga 2016, 21:38, par Nduwayo Eliezel
Jew Niyumvira Ko Yosubira Mugwanda Kuko Uwomukuru Wigihugu Paul Kagame Arabishima Ivyo Akora
28 Nyakanga 2016, 20:52, par Ayubu
Nsaba Idirimbo
9 Gitugutu 2016, 10:01, par Jean de Dieu NSHIMIRIMANA
kidumu ndamukunda kandi niwe yatumye ngira inspiration yokuririmba hama ico nobwira kidumu navuze umuziki nkumwuga yironderere agakate hama ivyibihugu arekane navyo canke ivyapolitike kagame yivugira make kandi harya yaravuze
9 Gitugutu 2016, 10:02, par Jean de Dieu NSHIMIRIMANA
kidumu ndamukunda kandi niwe yatumye ngira inspiration yokuririmba hama ico nobwira kidumu navuze umuziki nkumwuga yironderere agakate hama ivyibihugu arekane navyo canke ivyapolitike kagame yivugira make kandi harya yaravuze
23 Gitugutu 2016, 15:32, par NIZIGAMA
KIDUMU KOMERACANE INGOMAZAWEZIRANYUBAKA NGERA KURIVIMBAVIMBA NGAHWERA bandanya udusohorera urafise ivyiyunviro birashe.
22 Munyonyo 2016, 22:35, par FRORIBERT
KIDUMU.NAKOMEREKUMUNJIKI.AHUBWO NIWARIMU’KUNDIRIMBOJURUKUNDO.TWASAKANDIRIMBO.JIWE
22 Munyonyo 2016, 22:38, par FRORIBERT
KIDUMU.NAKOMEREKUMUNJIKI.AHUBWO NIWARIMU’KUNDIRIMBOJURUKUNDO.TWASAKANDIRIMBO.JIWE
25 Nzero 2017, 13:17, par Regis
Jew Mbon Yosubir Guteramish Abanya Rwand
25 Nzero 2017, 13:18, par Regis
Jew Mbon Yosubir Guteramish Abanya Rwand
20 Ruhuhuma 2017, 14:31, par Ntakirutimana
Nikuki kagame,yanka uburundi,nabarundi,akikundiriza kidumu,ntagomba,kumwica?
25 Ruhuhuma 2017, 14:34, par Levis
Kidum Ni Star Natweturamwemera Kandi Iyaba Abakuru Bibihugu Ba Kanokarere Bakunda Bagashigikira Abaririmvyi Ok
16 Ndamukiza 2017, 23:59, par NIMBONA Richard
NIYUMVIRAKO YO SUBIRA KUZA ARA TERAMISHA ABANYARWANDA KUKO YA BISABWE
13 Rusama 2017, 19:29, par Emmanuel Christohper
None Bayaz N’umukur W ’igihug C’urwand Vyob Vyramutangaj? Ahubw Nabandany Bater Inkuru N’ubu Kugira Babe Abagenzi .Najew Nashakak Yoba Umugenzi N’uko Bidakunda.
17 Ruhuhuma 2018, 18:02, par Amza NIYONGABO
Nukuri nasaba ko mwoza murashirako amakuru yurukundo