IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Kidumu na Ahmed Pacifique : Umugambi w’isabukuru Buja Summer (...)

Kidumu na Ahmed Pacifique : Umugambi w’isabukuru Buja Summer Fest

vendredi 19 Mukakaro 2013

Uwutunganya ibikorwa vy’umuririmvyi rurangiranwa w’umurundi Kidumu yamenyesheje imigambi yo gufasha abaririmvyi b’abarundi. Almed Pacifique, manager wa Kidumu, yamenyesheje ko agiye gutangura isabukuru Buja Summer Fest.

Bafadikanije na Kidumu, Almed Pacifique barihweje basanga mu Burundi nta sabukuru y’umuziki ihuza abaririmvyi b’abarundi n’abanyamahanga ihari. Niko rero kugira iciyumviro co gutegura isabukuru nkiyo mu Burundi. Iyo sabukuru ikaba yitwa Buja Summer Fest. Iyo sabukuru ikazoba iza iraba ku mwaka ku mwaka. Izotangura uyu mwaka kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro. Iyo sabukuru ikaba yugururiwe abaririmvyi bo mu Burundi na mvamakungu. Ngo gutyo abaririmvyi b’abarundi bamenyane n’abandi b’ahandi. Intumbero ikaba ari n’iyo guha agaciro indirimbo ndangakaranga z’ibihugu.

Uwo mutunganyabikorwa wa Kidumu, Almed Pacifique akorana na "Kibuganizo" kuva mu mwaka w’2005 yavuzeko Kidumu yamye afise umugambi wo gufasha abandi baririmvyi b’abarundi. Manager Pacifique ahagarariye mu Burundi ishirahamwe rikorera mu vy’umuziki “Beat Entertainment”. Igikorwa aja yaratanguye nico kumenyekanisha indirimbo z’abaririmvyi bariko bakora ibikorwa vyiza mu Burundi. Akazimenyesha ku mboneshakure mpuzamakungu zimwe zimwe.

JPEG - 12 ko
Umutunganyabikorwa wa Kidumu, Almed Pacifique

Almed ati, “ Nasanze abaririmvyi b’abarundi ari abahinga bazi umuziki, na cane cane umuziki wa Live”. Manager wa Kidumu akaba ahanura abaririmvyi b’abarundi ko bokwitaho gukoresha urubuga ngurukanabumenyi. Ninaho bagiye gushiraho urubuga rwitwa Bentonline kugira abaririmvyi bamenyekanishe ibikorwa vyabo kandi abaririmvyi b’abarundi bamenyere no gukoresha uburyo bwa none.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.