Kigali : Mu giteramo Explosion concert abantu bagwanira gukora ku kirato ca Farious

Yanditswe na Chérif Nkeshimana
Kuya 9 Munyonyo 2013 saa 08:01
27180
0 0

Mu giteramo c’agakura cabaye ejo hahise, igenekerezo rya 08 Munyonyo 2013 ahitwa i HUYE mu gihugu kibanyi c’Urwanda, umuririmvyi w’i Burundi Big Farious yari yacitavye. Ico giteramo cataziriwe « Explosion concert »cari citabwe n’abantu isinzi, hamwe n’abaririmvyi nka Riderman, Social, Farious, Professeur Nigga eka n’abandi. Abenshi murabo bava mu gisagara ca Kigali.
Muri ico giteramo kiretse Queen Cha atitavye, abaririmvyi baraho bararonkejwe umwanya ukwiye. Mugani Desire azwi kw’izina rya Big (...)

Mu giteramo c’agakura cabaye ejo hahise, igenekerezo rya 08 Munyonyo 2013 ahitwa i HUYE mu gihugu kibanyi c’Urwanda, umuririmvyi w’i Burundi Big Farious yari yacitavye. Ico giteramo cataziriwe « Explosion concert »cari citabwe n’abantu isinzi, hamwe n’abaririmvyi nka Riderman, Social, Farious, Professeur Nigga eka n’abandi. Abenshi murabo bava mu gisagara ca Kigali.

Muri ico giteramo kiretse Queen Cha atitavye, abaririmvyi baraho bararonkejwe umwanya ukwiye. Mugani Desire azwi kw’izina rya Big Farious ntiyaronkejwe umwanya ukwiye wo kuryohera abanyarwanda. Umwanya wari wategekanijwe w’ico giteramo wari waheze mu gihe indirimbo yiwe « Bajou »yari irindiriwe n’abantu isinzi itari bwa vuge. Abajejwe umutekano baciye bamuzimirizako ivyuma, ariko Farious ntivyamuciye intege yayiririmvye atavyuma akoresheje, yikoze mugahogo abaraho barakenguruka. Naho vyabaye uko « Ndakumisinze »yari yayihejeje kandi yarakunzwe cane.

Mu masanamu yafashwe muri ico giteramo, biraboneka ko uwo murundi yavyifashemwo neza, aho benshi baniganira gukora ku kirato yari yambaye. Muri ico giteramo nyene haciye hasohoka indirimbo yaririmbanye na Social « Hansange »


Kumenyekanisha

1
niyongabo melchisedek 18-08-2016 à 07:22

iconukunganira nuko aboba fanz bokubahana ndetse gushirahamwe nivyo vyubaka igihugu ,mbere na music bagakorana kubwanje barinze bakubita chansons zisa nuko biyumvirakimwe .

2
Nsavyimana Levis 31-07-2015 à 15:01

Komera Bwana Big Fa Turinyuma Yawe Turacavuka Naho Bagufash Nabi Mu Rwanda

3
sadiki burundi 24-05-2015 à 12:09

nikuri uyumuririmvi big farious arashoboye pe

4
Nkurunziza emmanuel Burundiane 24-08-2014 à 14:44

Noneko nzirikanako abanyarwanda ari abavukanyi vyukuri baragize nabi nibazako bose barikureka bakareka akanezereza abanyarwanda ndavye nkajewe ndakunda indirimba zabanyarwanda ariko nabo banka umuvukanyiwacu ncanumv intege nkeya zogushishikara kuzikunda barihanure

5
Coldman’Zi 19-06-2014 à 17:33

Kuzivya kiremwa-muntu canke kumuzimiriza ko kandi wamutumiye, vyerekana agasuzuguro n’ishari les organisateurs de ce concert bafitiye Farious. Muri rusangi no mu mico y’abantu, umushitsi arubahirizwa. Umuziki na politique, abo banyarwanda bari bakwiye kubitandukanya maze bakareka Farious akarangura ico yatumiwe. Nayo ahandi, bituma bata agaciro ku banyagihugu. Vyongeye, bibagiye qu’ils ont enormement contrubue a faire sa publicite.

6
Chardack 5-04-2014 à 13:44

Abanyarwanda Barasuzugura Abanyamahanga

7
NTIBAGIRIRWA Isaac 3-04-2014 à 09:08

L’amour comme la politique ou la croyance est une drogue. Pas étonnant les voirs drogués dans ce sens jusqu’àpenser embrasse ses souliers. Nimbe atari agakengere aba Rwandais basanzwe bafise envers les Burundais , bamuciriyeko amatara Kubera jalousie y’ukuntu arushije ababo ( Rwandais).

8
Congera 10-11-2013 à 13:01

Nubwo umwanya wariwaheze ntibarikumuzimirizako ako nagasuzuguro cank nikubera atar’umunyarwanda?

9
Kirinyota 9-11-2013 à 15:46

Namba ari imiti yabashizeko, izo njundi bazihigako iki?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha