Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kirundo : Abadandaza imisegetera yatanzwe ku buntu bagabishijwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kirundo : Abadandaza imisegetera yatanzwe ku buntu bagabishijwe

Kirundo : Abadandaza imisegetera yatanzwe ku buntu bagabishijwe

mardi 17 Ruheshi 2014

Buramatari w’intara ya Kirundo, Reveriyaro Nzigamasabo aragabisha abadandaza bokwikika mu kiza, bakagura kugira bace bashora imisegetera yahawe abanyagihugu ku buntu, mu ntumbero yo kubafasha kwikingira ingwara ya marariya. Uburungozi bw’iyo ntara bugabishije inyuma y’aho havugiwe amakuru ko iyo misegera isigaye ijanwa kudandarizwa mu Rwanda.

JPEG - 48.5 ko
Buramatari w’intara ya Kirundo, Reveriyano Nzigamasabo

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bubifashijwemwo n’abasanzwe babafata mu mugongo bwaratanguje umugambi w’ugukwiragiza mu gihugu cose imisegera irimwo imiti yica imibu. Mu ntara ya Kirundo, havurwa abadandaza bo ku musozi Kiri komine Bugabira, batanguye kudandaza iyo misegetera mu gihugu kibanyi c’Urwanda gisanzwe gihana urubibe n’intara ya Kirundo. Ayo makuru avuga ko iyo misegetera ishikanwe mu Rwanda igurishwa amafaranga amajana ane y’amanyarwanda (Hafi igihumbi c’amafaranga y’amarundi).

Abanyagihugu bo mu ntara ya Kirundo bashooboye kuganira n’ikinyamakuru IGIHE bavuga ko batoshobora kudandaza imisegetera bahawe ku buntu, kandi basanzwe bazi akamaro ibafitiye, mu kubasha kwirinda ingwara ya marariya. Bagiriza abajejwe intwaro ku rwego rwo hafi, hamwe na bamwe mubaremeshakiyago ko boba aribo bagurisha iyo misegetera, ivyo bakabivuga bisunze ko hari bamwe mu banyagihugu bo mu Kirundo bataronkejwe iyo misegetera kandi bari baranditswe mu rusansuma rwo gutororokanya abazoronswa iyo misegetera.

Buramatari w’intara ya Kirundo, Reveriyano Nzigamasabo aragabisha abo badandaza iyo misegetera y’abanyagihugu, akamenyesha ko uwuzofatwa batazomwihanganira.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.