Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo: Umugabo wo ku mutumba wa Mugobe yishe umugore wiwe
Kirundo: Umugabo wo ku mutumba wa Mugobe yishe umugore wiwe
vendredi 25 Nyakanga 2015
Umugabo azwi kw’izina rya Niboye Leonidas w’imyaka 43 yarishe umugore wiwe ,mw’ijoro ryo kuwa kane igenekerezo rya 24 Nyakanga 2015,ku mutumba Mugobe,zone Musebwa,Komine Busoni mu ntara ya Kirundo.
Umugore yishwe yitwa Rwasa Pelouse w’imyaka 42.Amakuru ava aho i Mugobe,amenyesha ko hari nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro kuwa kane,igihe umugabo wa Rwasa Pelouse yashika muhira asanga umugore wiwe ariko ashwana n’abana.
Umugabo yaciye akubita umugore gushika aho ata ubwenge.Ababanyi bumvise urwamo baje gutabara basanga Rwasa Pelouse yamaze guta ubwenge,baca bamujana kwa muganga ariko aca aracikana.
Amakuru ava mu bajejwe umutekano aho mu Kirundo amenyesa ko Niboye Leonidas ari mu minwe y’igipolisi,kandi ko amatohoza yamaze gutangura.
Van Naris Mugisha
Messages
25 Nyakanga 2015, 15:34, par junja
nahamwe
25 Nyakanga 2015, 16:22, par FESTUS SIRABAHENDA
Ahubwo niyicwe naw
25 Nyakanga 2015, 17:11, par NDAMBEMBONE
mamawe turashze pe
25 Nyakanga 2015, 17:17, par petero
Ngira ni umu DD none ko akazi kabo ari ukwica!!
Yakoze akazi sebuja yamutumye. Akora neza haraho yoronka agashimwe ka nyakubahwa
25 Nyakanga 2015, 18:44, par Iraviryagahuturemy
Yakozenabi nyagasani! yabaye nkacakirwi ca Nyangoma iyokibuze ivyogishaka kimaramarira kukwica abantu! iyo politique mwayibonyehe? Harihuwavuze kwari politique yivyihebe.
25 Nyakanga 2015, 21:10, par Ndagijimana Deo
Nahamwe Hisunzwe Amategeko
26 Nyakanga 2015, 06:24, par Nicolas NDUWIMANA :GATABO MAKAMBA
AHubwo ntivyumvikana yuko yamuhoye abo bana jewe ndibaza yuko harico bapfa abura ukuntu yobitangura rero twosaba inzego z’igipolisi guhana uwomugabo c’ivuye inyu "Erega nibara ryo kumutemere" basha murumva!!!
26 Nyakanga 2015, 06:26, par muhanuzi
Petero,reka Kuba Mubomoka mu kuvuga.Ivyo uvuze birafise ishingiro?Iyo yo ni satan kdi hari igihe nawe yorara iwawe niho woca umenya ko ari aba DD bagutumye.Mufise ivyo mupfa muri politique ba mureka kuvyitiranya.
26 Nyakanga 2015, 07:42, par Peti
Nahanwem Namategeko
27 Nyakanga 2015, 06:14, par Adelin
Uwishe arakicwa directement
27 Nyakanga 2015, 07:59, par emerne
nimuseng kuk isiyahez abantu bagum bican iman igarukir uburund ahandih turagowe
27 Nyakanga 2015, 13:41, par NSAGUYE
ABANTU BAKWIYE GUSENGA ISI YAHEZE
27 Nyakanga 2015, 13:45, par INNOCENT
NTIKWIHANGANA
27 Nyakanga 2015, 22:43, par Roger Ndayisaba
Turasavye Amashirahamw Y’abakenyezi N’ayagatka Kazina Muntu Ko Yohaguruka Akiyamiriza Amabi Akorerwa Abavyeyi (Abkenyzi)Raba nkaho abana basigay arimpfuvyi!