IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Umuporisi yafashwe ateye grenade mu bunywero bw’urwarwa

Kirundo : Umuporisi yafashwe ateye grenade mu bunywero bw’urwarwa

mardi 23 Ruheshi 2015

Mu ntara ya Kirundo ku murwa mukuru w’iyo ntara, uwateye grenade mu bunywero bw’urwarwa yaciye afatwa, bakaba basanze ari umuporisi.

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 22 Ruheshi mw’ijoro igihe c’isaha zitatu n’igice, abariko banywera mu bunywero bw’uwitwa Wawa muri quartier Kavogero ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo, bagiye bumva ikintu kibaturikiyemwo, aho nyene, abashika batanu baciye bakomereka. Muri aka gatondo, igihe bagenzi bacu bakorera aho mu ntara ya Kirundo bashika aho abo batewe grenade bariko baravurirwa ku bitaro vya Kirundo, basanze abatatu batashe, hasigaye babiri, abo nabo nyene Imana yarakinze kuko bazokira, nk’uko nabo bavyivugira. Uwo muporisi yakoze ivyo, ubu akaba apfungiwe mu gasho aho mu Kirundo, aho barindiriye kugira amatohoza.

Amagrenade rero akaba amaze iminsi aterwa mu bibanza bitari bike vy’igihugu, aho n’ibirindindiro vy’abaporisi mu gisagara ca Bujumbura vyatewe abatari bake akomereka, tutibagiwe amagrenade yari amaze iminsi aterwa mu bantu benshi aho bakoraniye mu gisagara ca Bujumbura, aho abatari bake bakomeretse, abandi baritaba Imana.

Mu nzego z’igihugu bagiriza abagira imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza ko aribo batera izo grenade, ko ubu bafise ibirwanisho bahawe n’abatavuga rumwe nabo. Louis Kamwenubusa umuvugizi w’umukuru w’igihugu, akaba yabariye bagenzi bacu b’ijwi ry’Amerika, ko Reta imaze gukura ibirwanisho mu bantu birenga ibihumbi ijana, ariko ko abo mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vyaporitike aribo batanze ibirwanisho biriko bikoreshwa mu kurasa abaporisi.

Abatavuga rumwe na Reta nabo bagasaba amakungu kuza gufasha gukura ibirwanisho mu banyagihugu kuko bemeza ko Imbonerakure zahawe ibirwanisho na bamwe mu bategetsi b’igisoda n’igiporisi, ko kandi arizo zitera ayo magrenade zifashijwe n’abaporisi. Eka na bamwe mu bahungiye hanze y’igihugu, bagiriza Imbonerakure za CNDD FDD gutunga ibirwanisho, kandi bakabikoresha izuba riva.


IGIHE

Messages

  • Nuko reta itamaramara,umuvugiziwa cndd fdd niyumve bena nzobonariba.ubu ntibigiye ahabona?uwomupolisi arimubagirimyiyerekano?amakungu abarundi nimubone!mwabicanyimwe duhamahoro.je dis halte au 3ème mandant.

  • yooooooooooh , none ntamaramaye kamwenubusa.nasege neza. urumva iryo bara!!!!!!Kangahe yabonye societe civile ikoresha ibigwanisho? aho twapfiriye nka bana bimbebe twari dufise ama grenade hanyuma ntitwivuna? ni bareke kwitwengera. canke naho police ni bibeshuze tumenye ko ari za mbonerarakukre kuko barakorana. kandi mu gihe batazoba barivangiura nabo tuzokwama tubona ko bakorana neza..nuko aba dd mutamaramara kandi kutamaramara ariko gupfa.

  • Ariko abo banyagihugu bamushikanye mugiporisi kabisa?kuberiki batarwicira,none baribaza ko harico bamugira?bihenze gato iyo bavyihereza bo bonyene nawe akumva iyo yagomba ashiire abandi.Ejo akarekurwa wumve ko muzoba mufise ingorane mwebwe mwamufashe hama mukamuhinzira ngo mujanye mubutungane.

  • MANA TABARA UBURUNDI NONE UWO YAFASHWE NI MUBAHORA MUMYIYEREKANO?

  • Emw abo batavuga rumw na leta nibahagarik ayo magrenad uwo mu polisi naw usanga barikumw nabo bagumuka usanga yararimwo mubabandi bashaka kutembagaza ubutegetsi nn ubon uwo mu polisi adahomvy akazi abamutumy biraramiy mana dufash le29 hab amatora

  • yo umuporisi niwe yafashwe birababaje aho abajejwe kudukingira aribo batwica ? imana ibabarire

  • NTABANDI.BATERA AYOMAGRENADE. ATARABAPORISI NABAMWEBAYATE RA.IBUJUMBURA NABONYENENTABAN DINABAPORISI.ABAO ZAKWAKA.IBIGWANI SHO.BAZOHERE.KUBA PORISI.BABIBAKE

  • hhhhhhaaaaa hhhhhiiiiii mucezo wa ndani ubambitse ibara ikibabaje nuko banazitera abapolice bagenzi babo nabo bazabahinyura ntamukino wa amaraso uhira umuntu

  • Ahubwo uwo mupolisi yasaz arikuye mukazi raba abo batavuga rumw na reta ukungen bamutay mukakaga nabo biraramiy ibujumbura ahubwo ni hager le29 amatora abe

  • Uwateye grenade nimubyara wa Mbonimpa Claver. Niko avuga. C’est un infiltré

  • RETA NIRABE KATARI ABAPOLISI BAYO BASIGAYE BATERA AMA GRENADE IMANA NIKORIVYAYO KKO MUBURUNDI ABANTU BASIGAYE BABAKEBA BUNYAMASWA.

  • hahaaa!!!! mbe mwabagujimwe mbabaze? muriko muragira ubwicanyi muvyegeka kubaporisi M.N igihugu sicabaso sicabanyoko rekera ABAGUMYABANGA IMBONERAKURE ABAKENYERERARUGAMBA hoho? hamwe imitego yose mwakoze yokunda abanyagihugu bakunda CNDD-FDD mwemwobajeragute? tuveko mwabigurubemwe turashiriye.

  • hahaaa!!!! mbe mwabagujimwe mbabaze? muriko muragira ubwicanyi muvyegeka kubaporisi M.N igihugu sicabaso sicabanyoko rekera ABAGUMYABANGA IMBONERAKURE ABAKENYERERARUGAMBA hoho? hamwe imitego yose mwakoze yokunda abanyagihugu bakunda CNDD-FDD mwemwobajeragute? tuveko mwabigurubemwe turashiriye.

  • Erega uwo yiyita Maitre ni ikijuju! You raise up your useless in case of seeking mentally counsilling in J.R.S center! Why u go mad!

  • Umupolissi ariwe abikoze sintangara abaturasa tumanitse amaboko!uwuzoramba azobona

  • REKA NDABABAZE, BA BABIKIRA BARABARASHE CK BABAKASE AMAJOSI....VYAKOZE NDE???? umusazi!!!!!!!!!!!!!EWE B U R U N D I!!!!!!!

  • Nkuko Kamwenubusa yabivuze abobatera amagrenade nabafise canke nabeneye inyigisho zabarwanya reta, kuba uwomu polisi yateye iyogrenade ntibisigurako amagrenade amazimisi aterwa araba polices bayatera , uyundimusi muzosanga yatewe nunwe muba CNDDFDD, MSD,FNL, UPRONA, FRODEBU nabandi, ariko ntibizocabisigura kuwimurwi asanzwarimwo bose baribasanzwe bazi uwomugambi. Akarorero ,noneko duherutse kubona abasirikare nabapolisi bagerageje kutera kudeta twocatuvuga kowarumugambi wabasodabose nabapolisi bu Burundi? Ndabasavye murindire ivyuwo mu polisi muzobimenyamumisi.

  • Nne ko nyakubahwa Kamwenubusa Avuga Ko Arabagira Manifestation Kw’aribo Batera Ama Grenade None Uwo Muporisi Yafashw Mukirundo Nawe Yari Mu Mwiyerekano Gayemw Twigekugana Ukuri Nicokizokiza Uburundi

  • Nne ko nyakubahwa Kamwenubusa Avuga Ko Arabagira Manifestation Kw’aribo Batera Ama Grenade None Uwo Muporisi Yafashw Mukirundo Nawe Yari Mu Mwiyerekano Gayemw Twigekugana Ukuri Nicokizokiza Uburundi

  • None ko uwo yafashwe ari umupolici w igihugu twovugako yoba yatumwe nande?nyakubahwa umukuru w igihugu ko yama ariko ashimira ugwa rwego none ubu gwahindutse ugwo kumara abo gwahora rukingira?emwe leta itikubise agashi ngwishengeze abo bantu izoteba yagirizwa ko yakorana nabo.

  • Nivyo Ntabesha Ibirwanisho Bihungabanya Umutekano Ahanini Abatemera Leta Irikubutegetsi Nibobaguma,bateramagerenade Bakwiza Ninkuru Zituma Banyagihugu Duhunga Akarorero Mukirundo Abavuye Ibujumbura Nibobarikobatubuza,mahoro Batarahungirino,mukirundo Ntabirwanisho Vyaribwunvikane Ngaha Twobasaba Kobokwitwaraneza Vyanse,basubiriwabo Bareke Kutubuzamahoro Dukeneyamahoro Abanyeporitike,nabo Nimba Baharanirabanyagihugu Nibareke Gukoresha Ibituma Banyagihugu Bahangayika

  • NASABA INZENGO ZIGIHUNGU NZUMUTEKAKANO BONGEREZE IGUVU MUGUCUNGA UMUTEKANO CANECANE MURIBIBIHE TWIMIRIJE AMATORA KUKO BIFUZA KUYATOBA ABANSI BUBURUNDI NABARUNDI

  • Sha Imana irakora mukanyosha nomukamenge jendabizi neza ama grenade yatewe nimbonerakure zarizateguwe ariko zaratiny kwegera inzego zumutekano kugira ziyabatere kukobahava babafata bakamenyekana bayatey hafi yabo nubu uwomupolice yakoze igikogwa yatumwe nubutegetsi nibareke guhenda abarundi

  • Uwoyateye glenade mu kirundo,yariyabuze urwarwa anywa?
    Ahubwo Mpaye Pore Abakomeretse,

  • Je nagerageje gusoma ivyo mwanditse mwese, abavuga kuri iyi nkuru nca ndabifatira hamwe muri rusangi; nshaka kumenyesha ko yaba umusirikare,polisi,umunyapolitike ukwari kose,amadini,abanyagihugu basanzwe,eka n’abanyamahanga ntanumwe adashobora kunegura canke gushima kuntwaro iyariyo yose, kubona rero polisi yoba yarafashwe mugutera grenade ari muri babandi banegura ivy’intwaro ni nkacokimwe n’umusirikare ashaka guhirika ubutegetsi,iyo rero abo bameze guryo bafashwe bahanwa hisunzwe amategeko vyukuri ntagitanganza kuko hari nabari munzego zigihugu bahunze baja hanze,ese abo iyobaronka ako kanya ko gutera izo grenade kubera intumbero yabo ndibaza ko nabonyene ko bari kuzitera, reke rero ubutungane bukore

  • Je nagerageje gusoma ivyo mwanditse mwese, abavuga kuri iyi nkuru nca ndabifatira hamwe muri rusangi; nshaka kumenyesha ko yaba umusirikare,polisi,umunyapolitike ukwari kose,amadini,abanyagihugu basanzwe,eka n’abanyamahanga ntanumwe adashobora kunegura canke gushima kuntwaro iyariyo yose, kubona rero polisi yoba yarafashwe mugutera grenade ari muri babandi banegura ivy’intwaro ni nkacokimwe n’umusirikare ashaka guhirika ubutegetsi,iyo rero abo bameze guryo bafashwe bahanwa hisunzwe amategeko vyukuri ntagitanganza kuko hari nabari munzego zigihugu bahunze baja hanze,ese abo iyobaronka ako kanya ko gutera izo grenade kubera intumbero yabo ndibaza ko nabonyene ko bari kuzitera, reke rero ubutungane bukore

  • kuri jewe mbona ko ubutegetsi bwahana umubisha nkuyo

  • KamwenubusaTang’imihoho kuko vyakuburiye.

  • UW0 MUP0RISI NIBAMUHANE ARIKO AGUME MUKAZI

  • NAHO BAVUGA NGO NIBATOZE IBIGWANISHO MUBANYAGIHUGU MBE WOTIZA UMUHORO ITEMARIGEZ?MWIBUKEKO NIBAVYARATANZW VYAHAWE ABAGUMYABANGA RIVUYE MUKUGUMYA IBANGA MURAKOZE

  • Abo badutega iminsi ngo turindire amatora abe ahubwo bo nibarindire bazonywa amaraso yizo nzirakarengane kuko Imana ntiyokwemera ko bategeka nta bwenge bagira buva kuriyo kandi mwe muhunga mwihangane musenge kuko umugome wese arapfa aho bukera

  • ahaa mbega amabi yose yakoraniye mugipolisi aho gukingira abenegihugu nibo babica mugabo nivyo kobababwiye ngo bahonye uwutemera ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu niryo tegeko bahawe ariko baribesha ntibazobamara imana iratubona

  • Reta nishire mwinguvu nyinshi ibakevyobirwanisho kuk batabibatse birakoribara.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.