Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Kiss Record na AC Production zavyaye ubuhinyanyuriro bumwe
Kiss Record na AC Production zavyaye ubuhinyanyuriro bumwe
jeudi 13 Ruheshi 2013
Ubuhinyanyuriro bwitwa Kiss Record bwakorera mu Buyenz,i n’ubuhinyanyuriro bwitwa AC Production bwakorera ku Mutakura mu gisagara ca Bujumbura, ubu banyeneho bafashe umugambi wo kubugira ubuhinyanyuriro bumwe bise « SKY Music. »

Iyo ngingo rero bayifashe kugire bongere inguvu ibikorwa vyiza bijanye n’igihe tugezemwo. Imvo yindi yatumye abo bose bahitamwo guhuza ubu buhiyanyuriro bwabo bukaba bumwe, ni uko buri wese kuruhande rwiwe atikwije, umwe azi gukora indirimbo neza ariko ntabikoresho bihagije afise naho uwundi akaba afise ibikoresho ariko abahinyanyuzi bakamugora cane
Nyene Kiss record avuga ko we yifitiye ibikoresho bihagije ariko atazi ibijanye no guhinyanyura indirimbo, bigatuma arondera abahinyanyuzi bagomba kumukorera. Yabanje gukorana n’uwitwa Aithizo Thechnologie, uwo ntibabasha kugumana, aca amusubiriza uwundi w’umutanzaniya yitwa Bakuza nawe ntiyahamaze akanya kanini.
Ivyo bigatuma abaririmvyi benshi bidogera ubwo buhinyanyuriro kuko bamwe muri abo bakorana hari aho bagenda badahejeje indirimbo baba bariko barakora, ugasanga bayitaye hagati, n’ibindi vyinshi bitagiye bigenda neza kubera ikibazo c’abahinyanyuzi bamubera babi.

N’aho DJ Akes ariwe nyene AC production aboneka nk’umwe mu bahinyanyuzi bafise kazoza keza mu muziki ariko akaba yari afise ikibazo co kutagira ibikoresho bihagije ku buryo yakora indirimbo ata sound card afise ivyo navyo bigatuma agira ingorane mu bikorwa vyiwe.
Abo bagabo bose ukwo ari babiri bamaze guhura, Niho rero buri wese yabwiye mugenziwe ingorane ahura nazo, baca bafata ingingo yo gushira inguvu hamwe bagakora inzu y’ubuhinyanyuriro imwe ikwije vya ngombwa, bukazoba buri muri komine ya Cibitoke ku Mutakura, mu gisagara ca Bujumbura.
Ibi rero vyashimwe n’abantu benshi, barimwo cane cane abaririmvyi, kuko bavugako ibikorwa y’ubwo buhinyanyuriro bushasha babona ko izogenda neza kuko nyene Kiss record bigaragara ko afise ubuhinyanyuriro bwiza akaba yabura umuhinyanyuzi abishoboye.
Bamwe mu baririmvyi twashoboye kuvugana nka Lolilo na Blackgy barashima uko ubwo buhinyanyuriro bukora ndetse umuhinyanyuzi yitwa Dj Akes akaba azwi cane nk’umuhinyanyuzi karuhariwe nk’uko vyemezwa n’abo baririmvyi.

Joel Sengurebe