Accueil > Amagara y’abantu > Kook-k ariko yitegurira kuja gukarisha ubwenge mu makungu
Kook-k ariko yitegurira kuja gukarisha ubwenge mu makungu
samedi 8 Ruhuhuma 2014
Umuhinyanyuzi w’indirimbo Kook-k ariko amenyekana mu bijanye no gukina amareresi, muri iyo ntumbero nyene ariko yitegurira urugendo ruzomushikana mu gihugu ca Nigeriya gukarisha ubwenge.

Inyuma y’urugendo yahoramwo mu gihugu ca Tanzaniya, umuhinyanyuzi w’indirimbo, umuririmvyi, n’umukinyi w’amareresi azwi kw’izina rya Kook-k Tif ariko akora cane ibijanye n’amareresi ariko yitegurira urugendo ruzomushikana mu gihugu ca Nigeriya mu gisagara ca Lagos.
Kw’igenekerezo rya 06 Rusama, umukiyi w’amareresi Kook-k Tif azofata indege izomushikana i Lagos aho azoba agiye kwitaba inama nkarisha bwenge mu bijanye no gutegura no gukina amareresi. Kook-k amenyeshako ubwo butumire bwaciye kw’ishuri «Jamhuri Film Academy» yo muri Kenya yizeko. Muri iyo nama nkarisha bwenge izomara indwi, azohurirayo n’abazoba bavuye mu bihugu vy’Ubuganda na Kenya.

Tumubajije ata ngorane bimutera gukora kuba akora imiziki «Producteur», akaba umuririmvyi hamwe n’umukinyi w’amareresi, Kook yishurako yamaze kubimenyera, ariko muri kazoza azoheza afate kimwe canke bibiri muri ivyo akora amaze kubona ico muteza imbere muri vyo.
Muri kino gihe, Kook-k ariko ategura ireresi yise Fake Plan ije ikwirikira igice ca kabiri c’ireresi Suzana II yasohotse mu mwaka w’i 2013 ikaba yaranakunzwe n’abantu benshi. Mwomenyako kuva mu mwaka w’i 2006, amaze gutegura no gukina amareresi ashika kuri 6.
Nk’uko ari umuririmvyi, raba aha munsi ururirimbo yaririmbanye Slim Prince wo mu gihugu ca Nigeriya.
Chérif Nkeshimana