Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ku myaka 20 arya amabuye ntakindi yumva comugera ku munwa
Ku myaka 20 arya amabuye ntakindi yumva comugera ku munwa
mercredi 2 Ndamukiza 2014
Pakkirappa Hunagundi avuka mu gihugu c’Ubuhindi, yirira amatafari, amabuye, umusenyi, ivyondo kandi ivyo akaba amaze imyaka 20 abikora.

Uyo mugabo w’imyaka 30 y’amavuko, bikavugwa ko yoba afise indwara yitwa Pica, iyo nayo umuntu ayirwaye, akaba yirira ibifungurwa bitagirira akamaro umubiri. Avuga ko iyo mfungurwa yiwe imutunze, kandi imufitiye akamaro cane. Amenyesha ko kuva afise imyaka 10, yirira ayo matafari, atakindi arumva kimuryohera nk’ayo mabuye.
Pakkirappa Hunagundi aremeza ko amenyo yiwe atangorane afise, kandi bishobotse ahora aguguna ibibuye bikomeye, canke iminana y’amabuye, eka urucekeri rwo kuri we, akaba ari nko gufungura umusururu. Nyina aguma amukurikiranira hagufi kugira arabe ko yoheba kurya ayo mabuye, ariko umuhungu wiwe we, akavuga ko inzu yiwabo yo inuze, ifise akanovera keza. Uwo muhindi, avuga kandi ko kenshi areka gufungura ibiriko vyihereza abandi bo mu muryango wiwe, akaja kwironderera ivyondo, amabuye, ivu ryumye ririmwo umucanga, n’ibindi.

Uwo musore rero, avuga ko kuva se apfuye haraheze imyaka ine, ariwe abwirizwa gukurikirana nyina. Kubera ubukene bafise, amenyesha ko agiye gukoresha uburyo Imana yamuhaye bwo kurya amabuye, aheze abukoreshe mu kwereka abantu bose ico gitangaza, kandi yizeye ko azoronka amafaranga yo kubeshaho umuryango wiwe, muri ukwo kurya amabuye.


Aristide Nizigire
Messages
2 Ndamukiza 2014, 22:57, par CLAUDE
ARI MW’IBISIGO BIKOMEYE AKWIYE AMASENGESHO.
3 Ndamukiza 2014, 10:16, par NTIBAGIRIRWA Isaî
MUMBARIZE ABIZE IVYO KUVURA NIMBE IVYO BIBAHO, nimbe bibaho yoba rwara et si yoba atarwara ahaaaaaaaaaaa. Mbona menga bakwiye canke bagiye kuzorwira ndavye aho ubukene buteje abantu. Mbega iwacu hoho ntankabo canke bariho canke bazuvuka uravye aho ubutunzi buteye, imyuzurira, uruzuba n’ibindi?
3 Ndamukiza 2014, 15:10, par METHODE
NI YIZERE BAMUHEREZE ABASENZI BAMUSENDE MW’IZO MPWEMU MBI.
3 Ndamukiza 2014, 17:04, par irakoze gervais
satani ababaza abavyeyi kwishi,nn ga bene data hasigayiki kugra twizere ngo turk kujana nibih?umwami yesu agiy kuza.abavuga ko bitabaho sukuvuga ko ivyobatazi kobiba bitabaho!arko bisiga ubwenge