IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ni ibihe bituma umuntu ameneka umutwe?

Ni ibihe bituma umuntu ameneka umutwe?

mercredi 25 Kigarama 2013

Kugira imyitwarariko irengeye y’ubuzima, uburuhe bw’ibikorwa umuntu aba yakoze, kubura itiro, kunywa inzoga, gushavura cane, ihindagurika ry’umubiri ku bigeme igihe bari mu butinyanka canke kutamenyera ihindagurika ry’ibihe nk’ubushuhe, eka mbere no gufungura kenshi imfungurwa nk’amaforomaji, biri mu bituma ukumeneka umutwe kenshi.

Kumeneka umutwe, n’indwara ikunda kwiyadukiza umwanya wari wose bivanye nivyo umuntu aba yiriwemwo. Ni nk’uko kandi bishobora kwiheza vyo nyene ata muti umuntu arinze kunywa. Ariko abantu bose ntibakarirwa kumwe, hari abameneka umutwe bigahera barinze gufata imiti, hari n’abandi wiheza baruhutse gusa. Mu matohoza yakozwe n’abashakashatsi bo kuri kaminuza ya Harvard muri Leta nzunze ubumwe za Amerika, basanze igitsina gore arico gikarirwa cane no kumeneka umutwe kuruta kuruta igitsina gabo.

Nk’uko vyasiguwe na Nasim Maleki, umwigisha kuri kaminuza ya Harvard, akaba n’umwe mubagize ubushashatsi ku ndwara yo kumeneka umutwe, igituma abakenyezi aribo bakarirwa no kumeneka umutwe kurusha abagabo, ari kubera, bafise ubwonko bworoshe cane kurusha abagabo. Ikindi naco, n’abana barashobora kugira ingorane zo kumeneka umutwe n’ababa batarashikana imyaka 10 y’amavuko muribo. Ubushakashatsi bwerekanye kandi ko imbere y’uko abana bagera mu myaka yo gukumahara, abahungu nibo bakarirwa cane no kumeneka umutwe kurusha abigeme. Bamaze kuba imisore n’inkumi, igitsina gore n’ico gica gikarirwa gusumba igitsina agabo kuko abakenyezi baba bageze ku myaka, haguma haba ihindagurika ry’umubiri wabo.

Kumeneka umutwe bishobora kwibonekeza mu buryo butandukanye, hari igihe usanga biba bivuye kuturwara duto duto dutandukanye, nko kurwara ibicurane, kugira inkorora, kurwara amaso, kurwara inzoka mu nda. Hari n’igihe biba bitewe n’ivyo umuntu aba yanyoye ataramenyereye, ivyo navyo bigashobora kumara iminsi umutwe utaracureha.

Kumeneka umutwe, bishobora gutuma umuntu ashaka kuguma ayorwa, kugarura utwo yafunguye, gukanura bikagorana, kuzungurirwa, gukarirwa n’amajwi menshi avugiye iruhande, canke gukarirwa n’utumoto dutandukanye. N’ubwo twumvise ko kumeneka umutwe kenshi bitaba bivuye ku ndwara canke ku kintu giteye amakenga, kumeneka umutwe bishobora kuba vyavuye ku ngorane umuntu aba yagize mu mutwe, abizi cane atabizi. Kuba umuntu yagize isanganya yo mu mutwe agakomerekera atavyo yamenye, kugira ikimvyimba mu bwonko, canke kuba yisetse umutwe, ivyo n’iboshora gutuma umutu yama aguma amenetse umutwe.

Bimwe muvyokorwa mu kugabanya kumeneka umutwe, hari ugukaraba ibirenge n’amazi ashushe. Abashakashatsi ku bijanye no kumeneka umutwe, basanze ko iyo umuntu amenetse umutwe, yoze ibirenge, bituma ubushuhe bwari mu mutwe butwara amaraso mu birenge, bigaca bigabanya ububabare bwo mu mutwe.

Gushira agatambara gatose mu gahanga no mu muhogo, kugira ubushuhe bwo mu mitsi bugabanuke, gushira ibiganza mu mazi akanye wugurura-wugara ikiganza gushika wumvise ko ibiganza vyakanye, kwiboha umutwe n’inguvu ukoresheje agatambara, kunywa igikombe c’amazi, gufungura mu masaha atandukanye hamwe no gukigira imyimenyerezo nka gatatu mu ndwi kugarira imyitwarariko igabanuke. Utwo turorero twose n’udushobora gufasha kugabanya canke guheza kumeneka umutwe iyo umuntu adukoresheje.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.