Accueil > Amagara y’abantu > Abanyagihugu bahamagariwe kwitaba indwi yahariwe urucanco
Abanyagihugu bahamagariwe kwitaba indwi yahariwe urucanco
vendredi 10 Ndamukiza 2015, par
Ibikorwa vyo guhimbaza umunsi mukuru wahariwe amagara y’abavyeyi n’ibibondo bitegekanijwe kuri uno wa 13 gushika kuwa 16 Ndamukiza, ukazohimbarizwa rimwe n’indwi nyafrika yahariwe urucanco.
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa Sida bwatunganije indwi yahariwe abavyeyi n’ibibondo, uwo munsi mukuru ukazohimbarizwa rimwe n’indwi yahariwe urucanco muri Afrika.

Iyugururwa icese ry’ivyo bikorwa bikazobera mu ntara ya Muyinga muri komine Gashoho, nk’uko bishikirizwa n’umuyobozi ajejwe imigambi ijanye n’amagara y’abantu, muganga Népomuscène Gahungu.
Ico gikorwa kirafise akamaro ntangere, mu ntumbero yo guteza imbere amagara y’abavyeyi n’ibibondo, nk’uko abandanya abishikiriza.
Mu cigwa cakozwe mu mwaka w’2010, basanze ku bana igihumbi bavuka 96 aribo bitaba Imana, abavyeyi nabo 500 ku 100000 nibo bapfa bariko baribaruka. Kubwa Muganga Damascene, ivyo bikorwa birashobora gutuma haba ugukinga izo mpfu.
Muganga Népomuscène Gahungu yamenyesheje ko muri iyo minsi itatu hateguwe ibikorwa bitandukanye, batibagiye gutoza ubufuko bw’amaraso 2400, ugutanga ivyunyunyu nka Vitamine A n’ibindi.
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bukaba buhamagarira abanyagihugu kwitaba ku bwinshi ivyo bikorwa.
Floxella Karire