Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Inkino \BB FOOTBALL
Laudit MAVUGO yinjije ibitsindo vyose vy’INTAMBA MU RUGAMBA
Yanditswe taliki ya 17-10-2015 - isaha 18:11' na IGIHE

Abakinyi ba Ethiopie batsindiwe i Bujumbura ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore mu rukino rwa mbere rwabahuje n’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi INTAMBA MU RUGAMBA. Urukino rwaheze ku ntsinzi y’ibitsindo bibiri vy’Uburundi, ku busa bwa Ethiopie.

Igitsindo ca mbere c’umurwi w’Uburundi cinjijwe na Laudit MAVUGO, urukino rugitangura, ku munota wa kabiri, ku mupira mwiza yaronse. Ica kabiri cinjiye ku munota wa 92, cinjijwe na Laudit MAVUGO, umusatirizi w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi asanzwe akinira umurwi wa Vital’O.

Urwo rukino rwabereye i Bujumbura kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Gitugutu 2015, rwari mu rukurikirane rw’inkino z’ugukurakuranamwo, imirwi yitegurira ihiganwa rya Afrika, ry’imirwi nserukiragihugu y’abakinyi bakina mu bihugu iwabo. Iryo higanwa rizobera mu gihugu c’Urwanda mu mwaka w’2016.

Abakinyi b’INTAMBA MU RUGAMBA batangura mu kibuga ni ARAKAZA Mc Arthur, Kiza, Rashid Leon, David, Issa, Gael Duhayindavyi (Kizigenza), Pistis, Abbas, Shassir, Hassan hamwe na Laudit MAVUGO yinjije ibitsindo bibiri vy’Uburundi.

Abasubirizi yari Omar, Vianney Okocha, Nassor, Youssufu Ndikumana (Lule), Rugonumugabo Stephane, Claude hamwe na Francis.

Ivyiyumviro vyanyu

Equipe Yacu Isigaye Itunezereza Cane Courage Entrainement Kaze Laudit Tunezereze

22.10.2015 à 19:47
Bayubahe Almas

Ndashima Ukunt Bitway Arik Ntibashir Agti Muryinyo Btegur Bihagje

21.10.2015 à 18:42
Ndayishimiye Joseph

Mubakinyi bi Ntamba mu Rugamba ukuyemwo umwemuribo ukamutuka ubushavujebose ariku utanze imbanuro bose baranezerwa. Ninkakurya kwumubiri uvuzengo ugirirenabi icara cokwino, amaguruyose nu mutwe, namabokoyose (umuburiwose) urababara. Ariko aharwaye uhitayeho ukahavura numutimamwiza vyabihimbavyose vyumubiri biraheza navyobikanezerwa. Ivyondabivuze kubera umuntungaha avuze ngwarakunda Intamba mu Rugamba ariko akibasira uwoyise Couch wumuda ! Ariko wawabivugana urupfasoni vyarikubavyiza twese twamatwabaterereye ivyiyumviro ariko twicishabugufi tubereka nurukundo rwishi icogikorwa cabadashoboye nigikorwacabo caburimusi .

21.10.2015 à 15:51
Kanyosha

JEWE NDABONA UBURUNDI BWATEYE IMBER URAVY ABAKINY BUFIS RER BAHUZ NA BARCELONA INYISHU

21.10.2015 à 12:42
Sebastien

Félicitations INTAMBA mu Rugamba bana bacu .Naho coatch adjoin ar’isambo c’umuda gihora conona kenshi ubu ngira nta jambo gifise ahandi ho twobayabanyuma kuko kirya ntikizobahende no gukoca ntavyo kizi n’ukwiyemera gusa.

20.10.2015 à 14:35
NDABIVUGE

Turakenjintamba urugambakukungne zirikozivyifatamoneza cane Imana ishishikare ibajimbere nabasigaye bazobatsinde.

20.10.2015 à 09:23
sakala

nukuri kamaro ivyo uvuze nivyo bareke kutubwira amatangazo yukubika,nibavuge aharamahoro hoba abagabo batanu nkawewe KAMARO NA AVEC hamwe na jew KARORERO muburundi hoterimbere murakoze.

19.10.2015 à 14:30
karorero

aba bakinyi ndabashimiye, Niki kinyamakuru ndagishimiye mubandanye kuduha ayandi makuru aremesha...nkahantu harumutekano mwishi gusumbahandi, mugisagara no muntara....

19.10.2015 à 12:07
kamaro

ibi biranezereje ! umurundi ahoarihose akwiye guteriteka igihuguciwe, nivyo hari ibitagendaneza ariko hari ibugendaneza navyo tubivuge...

19.10.2015 à 11:50
kamaro

Umurwi nseruikiragihugu cacu cu Burundi Intamba mu Rugamba ndawukeje uraduteye iteka, ndakeje nuwonokwita umugisha wu Burundi ariwe MAVUGO bagenziwe bakinana baramukiniraneza nawe akabashimisha bimwe biboneka. Ariko nababajwe numurundi asanzwe arumugenziwanje nabwiye ko abakinyinserukiragihugu bicihugucacu bakomeje kuduteriteka nawengo ntavyonitayeho atikomengowamukuna gutemberera ikinyamakuru Igihe vyakugendeyegute kobabishizeko ? Acambwira ngonabibonye ngoheshi jewe nkundagusoba ibijanye nuko mbanumviseko harahantu hahungabanye umutekano, nanjenti ivyizavyo ntacobikwungura mukunezerwa ? acavugango sinzinyene impamvu ngwariko nkundakwitahogusomacane ahombonye umutekano ubawahungabanye etc.

18.10.2015 à 22:07
Avec

Ntibitangaje Kuko ntibasumba Seichelles,mbere na RDC kuri le 08/11/2015 baragaba ni uko !

18.10.2015 à 20:51
BARUTWANAYO Prosper

Komera mubandanye muteriteka igihugu cacu.Imana ibahezagire.

18.10.2015 à 13:42
Bitangimana

NDAKEJE UMUGWI NSERUKIRAGIHUGU WARAY UDUTEYITEKA NKABABAZWA NABANTUBESHI BANDIKA KURIKI KINYAMAKURU BATAKEJE INTAMBA MURUGAMBA BIBONEKEZA CAND IYOHAPFUYUMUNTU NOMUVYAPORITIE NIMUHINDURINGENDO

18.10.2015 à 09:05
INTAGOHEKA

Intamba mu Urugamba zarahiye zirarengwa kwarimpaka berekane kobavutse nkuko nabandi bavutse muguteriteka ibihugu cabo cu Burundi. Ndabakeje nukuri murabagabo bukuri, ndabakeje muranteye agateka kandimukitera, tsimbatara mugihugucanyu.

18.10.2015 à 00:45
None ?

ABAKINYI BINTAMBA BASIGAYE ARINTWARI BASI ARIKOHOMFITIYIMPUNGENGE NURURUKINO RUZOBAHUZA NAKONGO

17.10.2015 à 20:14
69089134

bakwiy gukina nimirwi yiburaya:FC B,NA REA

17.10.2015 à 19:39
ISAI

Ndashimiye intamba murugamba kwiteka ziteye Uburundi Imana nibaje imbere

17.10.2015 à 19:26
Patrick

Ndashimiye intamba murugamba kwiteka ziteye Uburundi Imana nibaje imbere

17.10.2015 à 19:25
Patrick

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.