IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Leta isabwa gutuza akarwi kagisibije muri Komine Gihanga

Leta isabwa gutuza akarwi kagisibije muri Komine Gihanga

vendredi 14 Ruheshi 2013

Muri iyi minsi haribonekeza rwose akarwi kagisibije mu ntara ya Bubanza cana cane hafi y’ikibira ca Rukoko, aho ako karwi gategera abantu kakabica, kagaturira imiduga eka ndetse kagasahura n’abantu urukombamazi.

Ku ncuro nyishi, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Gasupari Baratuza yaramenyesheje abamebyeshamakuru ko ako karwi kazwi, ariko ko ari akarwi k’ababisha batera umudugararo mu gihugu, mu gihe abandi bavuga ko ako karwi ari ak’abarwanyi ba FNL barongowe n’uwiyita General Nzabampema, abo rero bakaba bamaze kwiyemerera akatari gake ko aribo bahora bakora ivyo bitero bihitana abanyagihugu kw’ibarabara rya Bujumbura Cibitoke.

Igisigaye kumenyekana, ni ukwo abantu bateye mw’ijoro ryo kuri uyu wa 12 rishira uwa 13 Ruheshi 2013, muri komine Gihanga, ari uyo murwi nyene wa Nzabampema, mu gihe umurwi w’abantu wateye umuhana w’umunyagihugu, munyuma ababanyi baratabara, niho urusasu rwaca rukomeretsa cane umunyagihugu umwe waho i Gihanga.

Abanyagihugu rero bo muri komine Gihanga basaba bashimitse Leta ko yokora ibishoboka vyose igatuza ako karwi kagisibije kw’ibarabara rya Bujumbura Cibitoke. Umuntu umwe rero akaba yarafashwe ku mvo z’amatohoza.


Aristide Nizigire

Messages

  • ese uwo nzabampema we ngo ashakaiki ko twebwe abarundi twahaze intambara twishakira amahoro maze na mutama agotho ubu ntantambara igishaka namwe muraca yitekereza

  • abategetsi bacu nibahagarare kigabo bivuyinyuma abanyagihugu turamaze kurambirwa nicitwa intambara mugihugu impfuvyi nabapfakazi barabaye umurengera mugihugu nibaturuhurire intambra.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.