IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Libia : Ibiziga 170 vy’abajabuka imbibe mu kinyegero vyatowe

Libia : Ibiziga 170 vy’abajabuka imbibe mu kinyegero vyatowe

mardi 26 Myandagaro 2014

Ibiziga 170 vy’abanyafrika vyatowe ku nkengera za Libia, hafi yahitwa Al-Qarabole, ku birometero 60 y’ubuseruko bwa Tripoli, kur’uyu wa gatanu ushize inyuma y’ukwo ubwato bwabajabukana bwatwawe.

Abo bantu bagera kw’ijana na mirongo indwi bapfuye, bakaba bariko bajabuka bidaciwe mu mategeko bagana igihugu c’Ubutaliano. Umwe mu bajejwe gucungera izo nkengera yavuze ko mu bipapuro bike vyatowe vyerekana ko muri abo bapfuye harimwo abaturuka mu gihugu ca Ethiopie ni ca Erythrée. Abandi bakaba batashoboye kumenya ibihugu bavamwo kubera ata bipapuro vyabo bafise bibaranga.

Mukamenya ko amasanganya nk’ayo atari irya mbere aba,mu gihe abanyafrika benshi bama bashaka kw’injira mu bihugu vya Buraya binyegje, benshi bagahunga ubukene canke umutekano muke usanga uri mu bihugu vyabo.


Nadege Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.