Accueil > Ukwemera > Abakristo > Libye : Abakirisito baratinya imigumuko y’aba islam
Libye : Abakirisito baratinya imigumuko y’aba islam
lundi 11 Ruhuhuma 2013
« Amatongo y’abapfuye yarengewe », Dalmasso Bruno umurinzi w’ imva y’abataliyano muri Tripoli avuga ko umuryango w’abakirisu buri Libiya batekewe n’ubwoba ku migumuko yaba islamu.
Arabandanya yidoga ati :« Ibisigarira vy’amagufa y’abantu bisigaye vyaravuye mumva biranasanzagira hose mumva ziri mu gisagara ca Tripoli.»
Ngo « abategetsi bo muri Libiya baraje barafata amafoto,bemera ko bagiye gufata ingingo.Ariko ntanakimwe cakozwe .»
Kuva kw’itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Mouammar Kadhafi mu mwaka w’2011,umurwi wabakirisu wo muri Libiya uvuga ko ufise ubwoba ku bwihevyi bw’aba islamu ivyo babivuga bafatiye kugitero cakozwe mu mpera z’ukwezi kwa cumi na kabiri kw’isengero iri ku metero 200 yo muri Misrata mu buseruko bwa Tripoli bwahitanye aba copte bo muri misiri.
Ariko ubwoba buratekeye abakirisu barenga muri cumi bab’ibifiripi,abahindi, n’abanyafrika, ku ndwi ku ndwi barasenga mw’isengero ry’aba katorika y’umweranda Francois,iruhande y’igisagara ca Tripoli aho basenga « ngo Libiya ironke amahoro n’umutekeno ».
« Raba,nta ngingo n’imwe y’umutekano ikingira isengero,n’abakirisu biyunguruza m’umutekeno »,ivyo n’ibivugwa na Patiri Dominique Rézeau. Arabandanya yidoga : « Ivyo siko biri muri Cyrenaique bwo (mu buseruko) aho iterabwoba rigirwa ku bakirisu,aho twovuga ababikira bategekanije kuva mu muryango wabo w’ababikira m’ubuseruko bw’igihugu.
Ngo ku bakirisu 100 000 baharugwa mu gihugu imbere y’impinduka (revolution)mugifaransa yo mu 2011 yahitanye intwaro ya Kadhafi, bake gusa nibo basigaye.
Musenyeri Giovanni Innocenzo Martinelli,umuvikeri w’isengero ry’abakatorika aremeza ko muri Benghazi ihungabanywa ry’umutekano ariho ryatanguriye m’ubuseruko bwa Libiya,isengero « riracuguruye n’aho imishamirano ikihari be n’ibihitana abakirisu. »
Abakirisu n’abandi batemewe ntibashika n’ibice 3 kw’ 100 ku bantu imiliyoni 6,3 b’ico gihugu c’aba islamu.Abenshi muribo n’abanyamahanga aho igice kinini ari abava muri Misiri,igihugu aho aba copte ari idini rihambaye.
Inyuma y’imisa,abizigirwa baraganira ibishasha bivugwa mu ndimi za brouhaha,mu gihe aba Nigeria bagaragaza ku meza z’ibiti ibiranga akaranga kabo.
Antony Amstrong umwizigirwa wo muri Ghana aridoga avuga ko hari ubugizi bwa nabi n’umutekano muke .Yigisha igifaransa muri Libiya haraciye imyaka irenga 20 abandanya avuga ko ivyo abanya Libiya bakoze mukwigura igihugu no kukiguzi batanze ataco vyamaze mukugarukana amahoro mu gihugu.
Kubwa Ftsing umunya Cameroun w’imyaka 30,ngo ikibazo c’umutekano muke,cerekeye bose.
Nk’uko abandanya abivuga ngo abanyafrika bagira ingorane kuko benshi muri bo baba badafise ibibaranga,benshi muri abo banyafrika barwana nk’abacangero bakarwanira uruhande rwa Kadhafi.
Mariella Bukuru
Messages
11 Ruhuhuma 2013, 08:54, par umwana
narabivuze ko Umuzimu wa koloneli uzobagumako!