IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Lionel Messi yahawe igihano c’ugupfungwa amezi 21

Lionel Messi yahawe igihano c’ugupfungwa amezi 21

vendredi 8 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Lionel Messi, umukinyi rurangiranwa mu mupira w’amaguru yaciriwe umunyororo w’amezi 21 hamwe n’ugutanga ihadabu ry’amafaranga y’amanyaburaya agera ku miriyoni zirenga zibiri. Uwo mukinyi wa FC Barcelona yagiriwe n’icaha c’ukutariha amatagisi n’amakori uko bitegerezwa, mu kigega ca Reta ya Espagne.

Ico gihano cahawe Lionel Messi cafashwe na sentare yo mu gisagara ca Barcelona, akaba yagirijwe ko atagiye aravuga amafaranga yinjiza mu bikorwa vyiwe, kugira ayatangire ikori.

JPEG - 27.3 ko
Lionel Messi ari kumwe na se muri sentare

Mu nsiguro yahaye sentare, Lionel Messi yireguye avuga ko ata kintu na kimwe azi ku bijanye n’amatunga yiwe, ahubwo ko ivyo aregwa vyobazwa se, kuko ariwe abimukurikiranira.

Ico gihano c’umunyororo w’amezi 21 n’ihadabu y’umuriyoni n’igice w’amafaranga y’amanyaburaya nico nyene cahawe se wiwe Jorge Messi, yagirijwe ko ariwe yafashije umuhungu wiwe kunyegeza amafaranga yinjiza.

Amafaranga arenga gato imiriyoni zine z’amanyaburaya akaba ariyo sentare ivuga ko Lionel Messi, umwe mu bakinyi cumi batunze kurusha abandi kw’isi, yari kuba yatanze mu kigega ca Reta, nk’ikori ryo kuva mu mwaka w’2007 gushika mu mwaka w’2009.

Lionel Messi w’imyaka 29 ashobora kutajanwa mu munyororo kuko amategeko muri Espagne avuga ko igihano kiri munsi y’imyaka ibiri, bidafitanye isano n’ubugizi bwa nabi, umuntu ashobora kugikora ari hanze.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.