IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > LUMITEL yatanze udukarata two kwivurizako ku banyagihugu 2000 bo mu ntara (...)

LUMITEL yatanze udukarata two kwivurizako ku banyagihugu 2000 bo mu ntara ya Cibitoke

mardi 26 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyagihugu ibihumbi bibiri ba ntahonikora bo mu ntara ya Cibitoke, muri komine ya Rugombo, nibo bahawe imfashanyo y’ishirahamwe LUMITEL igizwe n’udukarata ibihumbi bibiri nyene tw’ukwivurizako (Cartes d’Assistance Médicale : CAM). Iryo shirahamwe niryo nyene ryatanze kandi n’amafaranga y’amafoto abiri kw’ikarata yose azoshirwa kuri utwo dukarata two kwivurizako.

Uwo mugambi w’ugufasha ba ntahonikora kwivuza watangurijwe mu ntara ya Makamba, ukaba wateguriwe abanyagihugu ibihumbi bitandatu (6000) bo mu ntara zitatu arizo Makamba, Cibitoke, Kirundo.

Nk’uko vyashikirijwe kuri uwa kabiri na Paul NDIMUBANDI, icegera c’umuyobozi mukuru wa LUMITEL, mu birori vy’ugushikiriza icese utwo dukarata muri komine Rugombo, abanyagihugu 2000 ku ntara imwe yose muri izo zitatu nibo bazohabwa iyo mfashanyo iharurwa yose hamwe mu mafaranga y’amarundi agera ku 29.485.600. NDUMUBANDI yabwiwe abo banyagihugu ati : "Iri shirahamwe si iryacu ni iry’abanyagihugu. Ivyo mukora mukugura amakarata y’uguhamagarana ni iterambere riva ku banyagihugu, rikabagarukako."

JPEG - 186.2 ko
Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Muganga Josiane NIJIMBERE yari yateye iteka ivyo bikorwa

Muganga Josiane NIJIMBERE, umushikiranganji w’amagara y’abantu, asanzwe yari yateye iteka ico gikorwa c’ugutanga utwo dukarata tw’ukwivurizako, yamenyesheje ko iyo mfashanyo ya LUMITEL ije hageze, kuko izofasha abanyagihugu kwivuza ku mafaranga make hamwe n’ukugura imiti mu gihe barwaye, ahubwo agasaba abo banyagihugu kwijukira kwitura muganga iyo bakitswe n’amagara. Uwo mushikiranganji yamenyesheje ko abanyagihugu bo mu ntara ya Cibitoke bari basanzwe bakoresha utwo dukarata two kwivurizako ku bice 60 kw’ijana.

JPEG - 186.2 ko
Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Muganga Josiane NIJIMBERE yari yateye iteka ivyo bikorwa

LUMITEL yatanguye gukorera mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015, rikaba ariryo shirahamwe ry’ugutumatumanako rya mbere ryiyegereje abanywanyi benshi mu gihugu cose mu mwanya muto, ubu iryo shirahamwe rikaba riharura abagera kuri hafi imiriyoni zibiri, ku bice 90 kw’ijana vy’ubutaka bw’Uburundi. Kuva kw’igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2016, LUMITEL ikaba yaratanguje mu Burundi umuhora wa internet wa 4G LTE (Long Term Evolution) au Burundi, abari mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu ntara za Gitega, Ngozi, Muyinga, Makamba na Rumonge bakaba baratanguye kuyikoresha.

Iryo shirahamwe ry’ugutumatumanako rikaba kandi ryaratanguje umugambi w’ugutanga internet ku buntu, ku mashure hamwe no ku bitaro. Amashure 42 yo mu ntara 17 akaba ariyo amaze kuronswa iyo internet yo ku buntu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.