Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Machelle Obama yipfurije Beyonce isabukuru y’amavuko
Machelle Obama yipfurije Beyonce isabukuru y’amavuko
samedi 5 Nyakanga 2015
Umukenyezi w’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Michelle Obama yipfurije isabukuru y’amavuko Beyonce Knowles amushimira kuba ari akarorero keza ku bakobwa bakiri bato.
Michelle Obama na Beyonce basanzwe bafitaniye ubucuti buhambaye ,umukenyezi w’umukuru w ‘igihugu Barack Obama ntasiba kwerekana ko ashigikiye ibikorwa vy’umuririmvyi Beyonce.
Mu minsi iheze Michelle Obama yavuze ko iyo ataba umugore w’umukuru w’igihugu yipfuza kuba nka Beyonce.
Kw’igenekerezo rya 4 Nyakanga niho Beyonce yahimbaza isabukuru y’imyaka 34 iheze avutse,incuti n’abagenzi harimwo na Michelle bamwipfuriza amahirwe mu gihe kiri imbere.
Abicishije ku rubuga rwa Twitter Michelle Obama yabwiye Beyonce ari umwamikazi umwe gusa ari kw’isi,aca amushimira kuba yabaye akarorero ku bantu benshi.
Mwomenya ko mu mwaka wa 2009 Beyonce ariwe yaririmvye mu birori vyo kwimika umukuru w’igihugu Barack Obama.
Van Naris Mugisha
Messages
7 Nyakanga 2015, 10:22, par Dannychris Irakoze
Nanj Ndifurij Biyonce Isabukuru Ryiza Nkoger Nkashimir Umufasoni W’umukuru W’igihug Brack Obama Kub Yishimiy Ibiror Nkivy.Naj Ndumuririvy Mugenziw Dukomez Kumusenger Ng Akonmez Umurim Wiw.
22 Nyakanga 2015, 20:38, par sakubu Lucien
Nakomere Kuntano yiwe mugabo yubahe uwaremye isi n’ijuru izuba ninyenyeri
7 Munyonyo 2015, 15:11, par Habarugira Jean Marie Vianney
Beyonce Naje Ndamwemera Kuko Aririmba Indirimbo Ziryoheye Amatwi
13 Ruhuhuma 2016, 15:40, par Yohani
Shakakumenya Inomero Ziwe
15 Ruheshi 2016, 20:09, par fixi
ahubwo michel obama ashaste gusuzugura imana uko yamugize nawe ko ashaka kuba umurrmvi ni baguze na beyonce