Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Machelle Obama yipfurije Beyonce isabukuru y’amavuko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Machelle Obama yipfurije Beyonce isabukuru y’amavuko

Machelle Obama yipfurije Beyonce isabukuru y’amavuko

samedi 5 Nyakanga 2015

Umukenyezi w’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Michelle Obama yipfurije isabukuru y’amavuko Beyonce Knowles amushimira kuba ari akarorero keza ku bakobwa bakiri bato.

Michelle Obama na Beyonce basanzwe bafitaniye ubucuti buhambaye ,umukenyezi w’umukuru w ‘igihugu Barack Obama ntasiba kwerekana ko ashigikiye ibikorwa vy’umuririmvyi Beyonce.

Mu minsi iheze Michelle Obama yavuze ko iyo ataba umugore w’umukuru w’igihugu yipfuza kuba nka Beyonce.

Kw’igenekerezo rya 4 Nyakanga niho Beyonce yahimbaza isabukuru y’imyaka 34 iheze avutse,incuti n’abagenzi harimwo na Michelle bamwipfuriza amahirwe mu gihe kiri imbere.

Abicishije ku rubuga rwa Twitter Michelle Obama yabwiye Beyonce ari umwamikazi umwe gusa ari kw’isi,aca amushimira kuba yabaye akarorero ku bantu benshi.

Mwomenya ko mu mwaka wa 2009 Beyonce ariwe yaririmvye mu birori vyo kwimika umukuru w’igihugu Barack Obama.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.