IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Ibiti > Makebuko : Ingingo yo gutanga ihadabu y’ibihumbi 200 iriyamirizwa (...)

Makebuko : Ingingo yo gutanga ihadabu y’ibihumbi 200 iriyamirizwa n’abanyagihugu

mardi 17 Ruheshi 2014

Abanyagihugu bo muri komine ya Makebuko barababajwe n’ingingo nshasha ibasaba kubanza kumenyesha abajejwe intwaro n’ibidukikije, imbere yo gutema ibiti biri mu matongo yabo, co kimwe n’ibindi biri mu bitara vya Reta, canke bagatangishwa ihadabu.

Abo banyagihugu bo muri zone Maramvya umusozi wa Musave komine ya Makebuko mu ntara ya Gitega, bakavuga ko badatahura ingene abajejwe kurwanya ibiturire mu ntara za Gitega na Rutana, bamenyesha ko uwuzofatwa wese yatemye ibiti adakurikije amategeko n’aho bizoba biri mu murima wiwe, azohanwa n’amategeko, ndetse agashobora n’ukuzotangishwa ihadabu y’amafaranga ibihumbi amajana abiri.

Kubwa Nzigidahera Leonce ajejwe kurwanya ibiturire mu ntara za Rutana na Gitega, ibidukikije biriko birononwa, bamwe bakabifata nabi yaba ibiti vyabo n’ivya Reta, bakabicamwo amakara, ibindi bakabikuramwo imbaho. Avuga ko ingingo zafashwe mu ntumbero yo gukingira ubuzima bw’abanyagihugu, na rirya ibiti bitanga ubuzima mu kurwanya inkukura. Avuga ko bagiye kwigisha abanyagihugu gukingira ibidukikije, abatazokurikiza amategeko nabo bakazohanwa. Abandanya avuga ko abatari bake, bamaze gufatwa kubera kwonona ibitara vya Reta, kandi n’abandi bariko baragirwako amatohoza, bakazoshikirizwa ubutungane mu minsi ya vuba.

Ariko rero abanyagihugu bo muri iyo komine bakavuga ko agateka kabo kahungabanijwe, kuko bisunze itegeko rigenga agateka ka zina muntu Uburundi bwateyeko umukono ryo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, rivuga ko umuntu afise uburenganzira bwo gutunganya ivyiwe n’abiwe, mu gihe akurikiza amategeko. Bavuga ko ivyo basabwa ko imbere y’uko babanza kurya utwabo bobanza kuja kubibwira abajejwe umutumba, musitanteri na buramatari ndetse bikarinda gushikira n’umushikiranganji ajejwe ibidukikije, ari ingingo ije gusongera isibe, mu gihe ayo mategeko bavuga ko aje yisunga inyungu z’abize.

Abo banyagihugu baremeza ko bazobungabunga ibitara vya Reta, ariko ivyabo bakabigirako ububasha bwose, kandi bakavuga ko bazonabibungabunga navyo. Barahira bakarengwa ko batagiye kwemera kwama bamenyasha mu bategetsi imbere yo kurya utwabo babiriye akuya mu gutera. Bavuga ko iryo hadabu bigishijwe ataryo boronka, kuko kenshi na kenshi usanga ivyo biti babidandaje amafaranga adashika n’ibihumbi 40.

Izo nyigisho rero z’ugukingira ibidukikije zikaba zakiriwe neza n’abanyagihugu, ariko bakiyamiriza ingingo z’agahotoro zihetse inyuma. Bavuga ko batabaretse nyabuna ngo baze baratema bimwe mu biti vyabo, ahubwo n’abana babo batazoronka aho bubaka, n’ibiti vyo kwubaka bakaba batobironka. Basaba Reta gusubiramwo ayo mategeko, mu ntumbero yo gusubiza agateka abo banyagihugu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.