Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mbega umuririmvyi Jaguar azoshobora kuremesha ibiteramo 3 ku munsi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Mbega umuririmvyi Jaguar azoshobora kuremesha ibiteramo 3 ku munsi (...)

Mbega umuririmvyi Jaguar azoshobora kuremesha ibiteramo 3 ku munsi umwe?

jeudi 8 Rusama 2014

Igiteramo buca kibera kabiri kikabera mu kigo ca Casino bita Le Cercle kiracarimwo igipfungu. Umuririmvyi azova mu makungu ntaramenyekana naho abateguye ico giteramo bavyerekana ku mpapuro ntangazagiteramo. Urukurukuru ruvuga ko Jaguar ashobora kubitaba.

JPEG - 102.7 ko
Happy Famba

Igiteramo kizoba kirongowe n’umuririmvyi Happy Famba aho azonashira ku mugaragaro isanamu y’ururirimbo Jigijigiwe, umuririmvyi wo mu makungu azoza ntaramenyekana. Turetse abaririmvyi basanzwe bazwi nka Mkombozi, Sat-b, Black-G, na T-Max n’abandi, ku rupapuro ntangazagiteramo ruri iruhande habonekako ibihangange vy’abaririmvyi mpuzamakungu, nka Kidum, Diamond, Chameleone, na Jaguar. Abenshi bibatera amadidane. None ni nde?

Ico tuzi ni uko Juaguar azoba ari muri Kiss Club kuri uwo munsi nyene, abandi bakavuga ko azoja gushigikira abanyeshure bo kuri SOS muri "Kermess". None azohava aja mu biteramo bitatu ku munsi umwe?

JPEG - 52.1 ko
Igiteramo ca Jaguar kizwi ni Kiss Club

Mwomenya ko igiteramo co kuri "Casino" kizoba kw’igenekerezo rya 10 Rusama, kwinjira ni amahera 5000 y’amarundi. Ico giteramo categuwe ku ncuro ya mbere n’inzu nshasha ihinyanyura imiziki iri muri "casino" nyene yitwa "African Sound Records"

JPEG - 118.9 ko
aho hari kabaza, n’ubu ntanyishu itomoye

Umvuriza ururirimbo "Jigijigiwe" rugiye gusohorerwa amasanamu


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.